Galatiya1

1Jewe Pawulo intumwa, ntatumwe n’abantu kandi bidaciye ku muntu n’umwe, ariko natumwe na Yesu Kristo n’Imana Data yamuzuye mu bapfuye,2hamwe na bene Data bose turi kumwe,
Turabandikiye mwebwe amashengero y’i Galatiya:
3Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.4Uwo Kristo ni we yatanze ubugingo bwiwe ku bw’ivyaha vyacu, nk’uko Imana Data wa twese yari yarabigomvye, kugira ngo adukize iki gihe kibi turimwo.5Icubahiro kibe icayo ibihe vyose, Amen.

Ubutumwa twabashikirije

6Ndatangajwe n’ingene mwihuse cane kuva ku Mana yabahamagariye kuba mu buntu bwa Kristo, mugakurikira ubundi butumwa butandukanye n’ubwo twababwiye,7kandi mu vy’ukuri ata bundi Butumwa Bwiza buhari. Biragaragara ko hariho abantu babatera kuzazanirwa mu kugoramika Ubutumwa Bwiza bwa Kristo.8Ariko, naho yoba twebwe, canke umumarayika avuye mw’ijuru, akaza ababwira Ubutumwa butandukanye n’ubwo twababwiye, umuvumo w’Imana ube kuri we!9Nk’uko twabivuze ubwa mbere, n’ubu ndabisubiyemwo: umuntu wese yobabwira ubutumwa butandukanye n’ubwo mwakiriye, umuvumo w’Imana ube kuri we!
10Jewe ubu noba nkirondera kwemerwa n’abantu, aho kurondera kwemerwa n’Imana? Canke ubu noba nkirondera kunezereza abantu? Iyo mba nkirondera kunezereza abantu, simba ndi umukozi wa Kristo.

Umuhamagaro wanje

11Bene Data, ndashaka ko mumenya ko Ubutumwa Bwiza nababwiye butavuye mu vyiyumviro vy’umuntu.12Sinabuhawe n’umuntu n’umwe, kandi si ubwo nigishijwe. Ariko, naburonse ndabuhishuriwe na Yesu Kristo.
13Mwarumvise ingene nari mbayeho nkiri mw’idini ry’Abayuda, ingene nahama ishengero ry’Imana nkobeje rwose kugira ngo ndarizimanganye.14Ico gihe, nari imbere rwose mw’idini ry’Abayuda, kurusha abandi bo mu runganwe rwanje, kandi nari mfise umwete mwinshi cane wo kwitondera imigenzo ya ba sogokuruza.15Ariko kuva nkiri mu nda ya mama, Imana yari yarantoranije, impamagara mu buntu bwayo. Hanyuma birayihimbara16kumpishurira Umwana wayo kugira ngo nanje ndamumenyekanishe mu Banyamahanga; kandi ivyo bibaye, sinagishije inama umuntu n’umwe,17kandi sinabanje kuja i Yerusalemu kubaza ababaye intumwa imbere yanje, ahubwo naciye nja muri Arabiya, mu nyuma ngaruka i Damasiko.
18Inyuma y’aho, haheze imyaka itatu, ni ho naduga i Yerusalemu kugira ngo tumenyane na Kefa, tumarana imisi cumi n’itanu.19Nta yindi ntumwa twabonanye, kiretse Yakobo mwene nyina w’Umwami wacu.20Ndi imbere y’Imana sinshobora kubesha, ivyo ndabandikiye ni ukuri.
21Mvuye aho, naciye nja mu ntara za Siriya na Kilikiya.22Amashengero ya Kristo y’i Yudaya ntiyari anzi.23Ico bari barumvise kuri jewe ni inkuru yavuga ngo: “Wa muntu yahora aduhama ubu asigaye yigisha ukwizera yigeze kugerageza kuzimanganya.”24Maze bahimbaza Imana ku bwanje.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e