Galatiya3
Ukwizera mu gishingo c’Ivyagezwe
1Mbega mwa Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze? Ndazi neza ko ivy’urupfu rwa Yesu Kristo mwabishikirijwe neza nk’aho mwamwiboneye abambwe ku musaraba.2Rero, hariho ikintu kimwe conyene ngomba kumenya: Mbega mwahawe Mpwemu Yera kubera mwitondeye ivyagezwe vya Mose? Canke ni kubera mwizeye Ubutumwa Bwiza bwa Kristo mwumvise?3Mbega mwakabaye muri ibijuju gutyo? Mwatanguriye mu vy’Impwemu none ubu muriko mugerageza kuba abagororotse rwose mukoresheje ivy’umubiri?4Mbega imibabaro yose mwaciyemwo, yari iy’ubusa? Haba na mba ntiyari iy’ubusa.5Ngomba kandi kwongera kubabaza, mbega Imana yabahaye Mpwemu Yera yongera ikorera ibitangaza muri mwebwe kubera mwitondera ivyagezwe? Canke ni kubera mwizeye ivyo mwumvise?6Na Aburahamu na we “yizeye Imana, bituma imwemera nk’umugororotsi.” 7Mutahure rero neza ko abana ba Aburahamu ari abo bizera Imana.8Ivyanditswe vyari vyarerekanye ko Imana izokwemera Abanyamahanga nk’abagororotsi biciye mu kwizera, ica ibwira inkuru nziza Aburahamu imbere y’igihe iti: “Muri wewe ni ho amahanga yose azohererwa umugisha.” 9Nuko rero abizera Imana bose nk’uko Aburahamu yayizeye bahezagirwa co kimwe na we.10Ariko abizeye ko bazokizwa n’ivyagezwe bari musi y’umuvumo, kuko handitswe ngo: “Aravumwe umuntu adakurikiza ivyanditswe vyose mu gitabu c’ivyagezwe.” 11Biraboneka rero ko ata muntu n’umwe ashobora kwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera kwubahiriza ivyagezwe, kuko Ivyanditswe bivuga biti: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.” 12Ivyagezwe ntibihagaze ku kwizera, ariko bivuga biti: “Uwuzokora ivyo ivyagezwe vyose bibwiriza azobeshwaho na vyo.” 13Kristo yadukijije umuvumo w’ivyagezwe aho yahinduka umuvumo ku bwacu, nk’uko vyanditswe ngo: “Haravumwe uwubambwe ku giti.” 14Yaradukijije kugira ngo umugisha wahawe Aburahamu ushikire Abanyamahanga biciye muri Kristo Yesu, kandi kugira ngo biciye mu kwizera turonke Mpwemu Yera yasezeranywe.Ivyagezwe hamwe n’Isezerano
15Bene Data, reka dufatire ku karorero ko mu buzima busanzwe. Iyo umuntu agiriraniye isezerano n’uwundi, nta wushobora kurikuraho canke ngo agire ico aryongeyeko. N’aha ni ko bimeze.16Amasezerano yahawe Aburahamu n’umwana wiwe. Ivyanditswe ntibivuga ngo “n’abana biwe,” ni ukuvuga abantu benshi, ariko bivuga biti “ku mwana wawe,” bisigura umuntu umwe, uwo na we ni Kristo.17Ico ngomba kubabwira aha ni iki? Nuko isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu ritashoboye gukurwaho n’iryo ryabaye inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu igihe Imana yaha Mose ivyagezwe. Iyo rivaho, Imana yari kuba irenze amasezerano.18Kuko nimba ugutorana kuva ku vyagezwe, ntikuba kukiva kw’isezerano. Ariko Imana mu buntu bwayo, yahaye Aburahamu ugutorana, ibimuhereye mw’isezerano.19None, ivyagezwe vyatangiwe iki? Vyatanzwe i ruhande y’isezerano kugira ngo vyereke abantu ivyaha vyabo. Ariko vyari vyashizweho gushika ku kuza kwa wa mwana yasezeranywe. Imana yatumye umumarayika aha ivyagezwe Mose, na we akaba yari umuhuza w’Imana n’abantu.20Umuhuza afasha iyo hari imigwi irenga umwe igomba kugiriranira amasezerano. Ariko Imana yo yari yonyene.21Mbega none hariho gusekana hagati y’ivyagezwe n’amasezerano y’Imana? Haba na mba! Nimba koko ivyagezwe vyari gushobora kuduhesha ubugingo bushasha, kubikurikiza kwari gutuma turonka ukugororoka.22Ariko Ivyanditswe bivuga ko isi yose ari imbohe y’icaha, ariko ko turonka isezerano ry’Imana riduha umwidegemvyo mu kwizera Yesu Kristo.Kuba abana b’Imana tubiheshwa no kwizera
23Imbere yuko ukwo kwizera kuza, twari imbohe z’ivyagezwe, twari tuboshwe gushika ukwizera guhishurwe.24Ni ukuvuga ko, ivyagezwe vyari nk’umurezi aturera gushika Kristo aje kugira ngo twemerwe n’Imana nk’abagororotsi tubihawe no kwizera.25None rero ko ukwizera kwabonetse, ntitukirezwe n’ivyagezwe.26Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu,27kuko ababatijwe muri Kristo mwese mwambaye Kristo.28Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.29Nimba muri aba Kristo, muri uruvyaro rwa Aburahamu, kandi muri abaragwa ku bw’isezerano Imana yahaye Aburahamu.Biblica, Inc.