Ezekiyeli3
1Maze arambwira ati: “Mwana w’umuntu, rya ibiri imbere yawe, rya uyu muzingo w’igitabu; hanyuma ugende uvugane n’Abisirayeli.”2Maze ndasama, na we ampereza uwo muzingo w’igitabu ngo ndakirye.3Arambwira ati: “Mwana w’umuntu, rya iki gitabu ndaguhaye, ucuzuze inda yawe.” Nuko ndakirya, kandi casosa nk’ubuki mu kanwa kanje.4Hanyuma aca ambwira ati: “Mwana w’umuntu, genda rero ku nzu ya Isirayeli ubabwire amajambo yanje.5Sinkurungitse ku bantu b’ururimi utazi canke rugoye, ariko nkurungitse ku nzu ya Isirayeli.6Sinkurungitse ku bantu b’ururimi utazi canke rudatahuritse, bavuga amajambo udatahura. Kuko ndazi iyo mba ari bo nkurungitseko bokwumvirije.7Ariko Abisirayeli ntibazokwumviriza, kuko badashaka kunyumviriza. Bose bakomantaje umutima kandi ni intagondwa.8Ariko na wewe, nzoguha kugira uruhanga rukomantaye nk’urwabo, nkugire uwutagonda izosi nka bo.9Uruhanga rwawe nzorukomeza nk’ibuye, rukomere nk’umunana. Ntuze ubatinye canke ngo bagutere ubwoba, naho ari abagarariji.”10Yongera arambwira ati: “Mwana w’umuntu, ntega ugutwi, ushire ku mutima amajambo nkubwira.11Genda kuri benewanyu bari mu kinyago, uvugane na bo. Ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze,’ bavyumviriza canke batavyumviriza, upfe kubabwira.”12Maze Mpwemu arampagurutsa, nca numva ijwi risamirana cane inyuma yanje, rivuga riti: “Ubwiza bw’Uhoraho bushimagizwe muri kino kibanza.”13Rwari urwamo rw’amababa ya vya binyabuzima akoranyeko, n’irya ya mapine, hamwe na rya jwi risamirana cane.14Mpwemu aca aranterura ankura ngaho, ngenda nuzuye umururazi n’umubabaro mu mutima, ariko ukuboko kw’Uhoraho kwari kuri jewe n’inkomezi nyishi.15Nca nja ku bari mu kinyago i Telavivu, hafi y’uruzi Kebari. Hanyuma aho nyene baba, nicara hagati yabo imisi indwi, nuzuye agahinda mu mutima.
Ezekiyeli ahabwa igikorwa co kuba umuteramyi
16Inyuma y’imisi indwi, Ijambo ry’Uhoraho rinzako,17riti: “Mwana w’umuntu, nakugize umuteramyi w’inzu ya Isirayeli; none rero niwumve amajambo nkubwira, uheze ubaburire.18Ninabwira umunyakibi nti: ‘Nta kabuza uzopfa,’ hanyuma nawe ntumuburire canke ngo umuhanure, umwinginge ave mu nzira ziwe mbi, kugira ngo ukize ubuzima bwiwe, uwo munyakibi azopfa azize ivyaha vyiwe, ariko amaraso yiwe nzoyaguharurako.19Ariko niwaburira umunyakibi hanyuma ntave mu bibi vyiwe no mu ngeso ziwe mbi, azopfa azize ivyaha vyiwe, ariko weho uzoba ukijije ubugingo bwawe.20Kandi abagororotsi nibava mu bugororotsi bwabo, bagakora ibibi, hanyuma ngashira igitsitaza imbere yabo, bazopfa. Bitumwe n’uko utababuriye, bazokwicwa n’ivyaha vyabo. Ibikorwa vyiza vyose bakoze ntibizokwibukwa, kandi amaraso yabo nzoyaguharurako.21Ariko niwaburira abagororotsi ntibakore ivyaha, nta kabuza bazobaho, kuko bazoba bakwumviye, kandi nawe ubwawe uzoba wikijije.”22Maze ukuboko kw’Uhoraho kunkorako aho nyene, ambwira ati: “Haguruka usohoke uje mu kiyaya, ico ndahakubwirira.”23Nuko ndahaguruka nja mu kiyaya. Ubwiza bw’Uhoraho bwari ngaho, bumeze nk’ubwo naboneye i ruhande y’uruzi Kebari, ndaheza nubama hasi.24Maze Mpwemu anzamwo, arampagurutsa. Aramvugisha ambwira ati: “Genda wiyugaranire mu nzu yawe.25Kandi wewe, mwana w’umuntu, bazokubohesha imigozi, ntuzoshobora no gusohoka ngo uje mu bantu.26Ururimi rwawe nzorubohera mu kanwa kawe, kugira ngo uzokwame unumye, ntushobore kubakankamira kuko ari inzu y’abagarariji.27Ariko ninagutuma, nzokwugurura akanwa kawe, ushobore kubabwira uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.’ Abazoshaka kukwumviriza uzobareke bakwumviririze, abazokwanka uzobareke, kuko ari abagarariji.Biblica, Inc.