Ezekiyeli2
Ihamagarwa rya Ezekiyeli ngo abe uwuvugishwa
1Arambarira ati: “Mwana w’umuntu, haguruka mvugane nawe.”2Akivuga, Mpwemu aca anzamwo, arampagurutsa ndahagarara, maze nca ndumva uwariko aramvugisha.3Ambwira ati: “Mwana w’umuntu, ndagutumye ku Bisirayeli, kw’ihanga ry’abagarariji, ryangararije; bo hamwe na ba sekuruza babo bamye bangarariza gushika n’uwu musi.4Abo bantu ndakurungitseko ni abantu bashira isoni, kandi bakomantaye imitima. Genda ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.’5Bemeye kukwumviriza canke banse, kuko ari abagarariji, ivyo ari vyo vyose bazomenya ko uwuvugishwa n’Imana yabagendeye.6Ariko wewe mwana w’umuntu, ntuzobatinye, canke ngo utinye amajambo yabo. Ntuzotinye naho uzoba uri hagati mu gisuru canke mu mahwa, ukaba muri za sikoropiyo. Ntuzotinye ivyo bavuga, canke ngo bagutere ubwoba, naho ari inzu y’abagarariji.7Uzobabwire ijambo ryanje, bemeye kuryumviriza canke batemeye kuryumvirize, kuko ari abagarariji.8Ariko wewe, mwana w’umuntu, wumvirize ivyo ndakubwiye. Ntuzogararize nka bo. Asama, urye ico ndaguhaye.”9Ngize gutya mbona ukuboko kuramvuye kuza aho ndi. Kwari gufise igitabu,10kukizingururira imbere yanje. Mu mpapuro zaco hari handitsemwo amajambo yo gucura intimba, amaganya n’amarira.Biblica, Inc.