Ezekiyeli4

Ezekiyeli yerekwa ivy’igisagara ca Yerusalemu

1Mwana w’umuntu, fata ibumba urikuremwo itafari, urishire imbere yawe, urishushanyeko igisagara ca Yerusalemu.2Ucerekane gikikujwe n’ingabo zigiteye, wubake ivyo kwuririrako, n’amakambi y’ingabo zigiteye, ugikikuze n’ibigwanisho.3Maze ufate ikarayi y’icuma uyigire nk’igihome c’icuma gihagaze hagati yawe n’igisagara, hanyuma uhindukire ugihange amaso, umere nk’uwugiteye. Ico kizobera inzu ya Isirayeli ikimenyetso c’imburi.
4Hanyuma uryamire urubavu rw’i bubamfu, wishireko ivyaha vy’inzu ya Isirayeli. Uzokwishirako ivyaha vyabo imisi uzomara uryamiye urwo rubavu.5Nakugeneye imisi ingana n’imyaka bamaze mu vyaha vyabo. Nuko rero uzokwishirako ivyaha vy’inzu ya Isirayeli imisi amajana atatu na mirongo icenda.
6Ivyo niwabiheza, uzoheze uhindukire, uryamire urubavu rw’i buryo, wikorere ivyaha vy’ab’inzu ya Yuda. Nakugereye imisi mirongo ine, umusi umwe mu gishingo c’umwaka.7Maze uzohindukiza amaso yawe urabe ukwugarizwa kwa Yerusalemu hanyuma ubangure ukuboko kwawe kutambaye impuzu, uce uhavugishwako ivyo kurandurwa.8Nzokubohesha imigozi, kugira ngo ntuzoshobore guhindukira uva ku ruhande rumwe uja ku rundi imbere y’uko uheza imisi yo kwugariza kwawe.
9Kandi rondera ingano, sayiri, ibiharage, inkore, amasaka n’uburo, ubishire mu bushinguro, maze abe ari vyo ucumbamwo imikate yawe. Ni vyo uzorya mu misi amajana atatu na mirongo icenda uzoba uryamiye urubavu rumwe.10Uzoja urafata igice c’uwo mukate gipima shekeli mirongo ibiri abe ari co urya ku musi ku musi no ku gihe kanaka cashinzwe.11Amazi na yo nyene uzoyanywa ayapimye; uzonywa ica gatandatu c’ingero hini ku musi, kandi uyanywere ku gihe kanaka cashinzwe.12Uzorya umutsima w’ingano; uzowokereze mu maso y’abantu, ucanishije umwanda mukuru w’abantu wumye.”13Uhoraho arambwira ati: “Uko ni ko Abisirayeli bazorya indya zihumanye mu mahanga nzobirukaniramwo.”
14Nanje ndavuga nti: “Ntibikabe, ewe Uhoraho Nyeninganji! Sinigeze nihumanya. Kuva nkiri muto gushika ubu, sinigenze ndya igikoko cipfiriye gutyo, canke icishwe n’inyamaswa. Nta kintu gihumanye cigeze cinjira mu kanwa kanje.”
15Uhoraho aravuga ati: “Reka nkureke utekeshe indya zawe igishwemu c’amase mu gishingo c’umwanda mukuru w’abantu.”
16Yongera kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, ngiye gutuma i Yerusalemu hakena indya. Abantu bazorya ivyokurya bapimiwe bahagaritse umutima. Bazonywa n’amazi bagerewe bihebuye.17Ivyokurya n’amazi bizokena, kandi bose bazodendebukirwa, bacike intege kubera ivyaha vyabo.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e