Ezekiyeli27

Kuririra Tiro

1Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti:2“Mwana w’umuntu, cura intimba uririre Tiro.3Bwira Tiro, igisagara cubatse ku nkengera z’ikiyaga, ihuriro ry’abadandaza bava mu mihingo myinshi, uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:Yewe Tiro, uvuga uti:“Ubwiza bwanje ni akaroruhore.”4Imbibe zawe zishika mu kiyaga hagati,kandi abakwubatse bakugize mwiza cane.5Umeze nk’ubwato buniniwubakishijwe imbaho z’akajwari z’i Seniri,bakwongerako imbaho z’amasederi y’i Libanibakwubakira ibikenewe vyose kuri wewe.6Imirinzi y’i Bashanini yo bakubaziyemwointebe zawe na zo bazibaza mu mbaho z’akajwari ziva i Kupuro,bazishazisha amahembe y’inzovu.7Ibitambara vy’ubwato bwawe vyari bikozwe mu mpuzu zera derereziva muri Egiputa,vyakubera nk’ibendera hejuru yawe;ibitambara vy’ubururu n’ibitukura biva ku nkengera za Elishahuni vyo vyakubera ubwugamo.8Abagabo b’i Sidoni n’i Haruvadi ni bo basoza ubwato bwawe,kandi abanyabwenge bawe, yewe Tiro,ni bo bagendesha amato.9Abakurambere baciye ubwenge bava i Gebali bama mu bwato,kugira ngo basanure akantu kose gatiriganye.Amato yose yo mu kiyaga hamwe n’abayagendesha bama iwawe,baje kurondera ibidandazwa.
10Abagabo bava i Buperesi, i Ludi n’i Putini bo bari bagize ingabo zawe.Bamanitse inkinzo n’inkofero vyabo ku nzitiro zawe,vyagaragaza ubwiza bwawe.11Abagabo b’i Haruvadi n’i Helekini bo bacungera umutekano w’inzitiro zawe ku mpande zose;abagabo b’i Gamadibari mu minara yawe.Bamanitse inkinzo zabo ku nzitiro zawe,ubwiza bwawe baraburyohora.
12Tarushishi mwahanahana ibidandazwa, kuko wari ufise ubutunzi bwinshi; bakaguha ifeza, n’ubundi butare, nawe ukabaha ibidandazwa.
13Ubugiriki, Tubali na Mesheki mwasangira urudandazwa; bakaguha abagurano n’ibindi bintu bikozwe mu mwakaka, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe.
14Abagabo bava i Beti h’i Togaruma baguha imikogote ikwegwa n’amafarasi, hamwe n’amafarasi y’intambara, n’inyumbu, nawe ukabaha ibidandazwa.
15Abagabo b’i Dedani mwahana ibidandazwa, kandi abo ku nkengera z’ikiyaga basumira iwawe; bakuriha amahembe y’inzovu n’ibiti vyitwa ebene.
16Siriya mwahanahana ibidandazwa, kuko wari ufise vyinshi; bakakuzanira amabuye y’agaciro, ibitambara bitukura, ivyera, n’impuzu z’amabara.
17Ubuyuda na Isirayeli mwarahanahana ibidandazwa; bakuzanira ingano z’i Miniti hamwe n’ifu, insukoni nziza, ubuki, amavuta ya elayo, hamwe n’ibirungo.
18Damasiko mwahanahana ibidandazwa kuko wari ufise vyinshi, bakakuzanira imivinyu y’i Heluboni hamwe n’ubwoya bw’intama z’i Zahari.19Abagiriki bavuye mu gisagara Uzali, baje kudandaza bakuzanira ibicuzwe mu vyuma, imbaho z’ikasiya, ibimota neza n’imisigati.
20Ab’i Dedani bagushorako uburengeti basasa ku mafarasi.
21Arabiya n’abaganwa bose b’i Kedari bashorera iwawe; intama n’amapfizi yazo, hamwe n’impene.
22Abadandaza b’i Sheba n’i Rama mwahanahana ibidandazwa; bagashora ibirungo vy’ubwoko bwose, utubuye tw’agaciro turimwo n’inzahabu.
23Harani, Kanehe na Edeni, hamwe n’abadandaza b’i Sheba, Ashuri na Kilimadi mwahanahana ibidandazwa.24Ku masoko yawe bahashora imyambaro myizamyiza, ibitambara vy’ubururu, impuzu zijererenze z’amabara menshi, ziteweko utugozi duhinze turiko amapfundo akomeye.25Amato y’i Tarushishini yo yagutwarira ibidandazwa.Amato maninimanini ni ho yuzurizwa imizigo mininiuriko urarungika mu kiyaga.26Abasoza bawe baragutwayebagushikanye kure mu kiyaga.Ariko umuyaga wo mu buserukouzogusamburira hagati mu kiyaga.27Ubutunzi bwawe, ibidandazwa vyawe,abasoza bawe n’abagendesha ubwato,abadandaza bawe hamwe n’abasoda bawe bose,n’uwundi wese bazoba bari kumwe,bazodobezwa i bwina mu kiyaga,ku musi ubwato buzomeneka.28Ibisagara vyo ku nkengera z’ikiyaga bizojugumiranivyumva amarira y’abagendesha ubwato bawe.29Abasozabazota amato yabo,abajejwe gutunganya ubwatobazokwururuka baje ku nkengera z’ikiyaga.30Bazoduza ijwibuzuye urwamo bakuririra;bazokwisurirako imikungugu ku mitwe,bikumbagaze mu minyota.31Bazokwimosha inkomvorera kubera wewe,bambare amagunira.Bazokuririra buzuye intimba mu mutima,bakugandarire buzuye umubabaro.32Mu kukuririra no mu kukuborogerabazocura intimba ku bwawe,bavuga bati: Mbega hari igisagara cari kimeze nka Tiro,ubu kidobejwe mu gacerere i bwina mu kiyaga?’33Igihe ibidandazwa vyawe vyasohoka ku kiyaga,wahaza amahanga;ubutunzi bwawe n’ibidandazwa vyawevyatungishije abami bo mw’isi.34None ubu umenaguwe n’ikiyagawibiye i bwina muri co;ibidandazwa vyawe n’abakozi bawebitwariwe rimwe i bwina hamwe nawe.35Ababa ku nkengera z’ikiyaga bosebarumiwe;abami babo bafashwe n’ubwoba,mu maso habo harijiriwe.36Abadandaza bo mu mahanga bavugije agahwa kubera wewe.Iherezo ryawe rihindisha agashitsi,kandi ntuzosubira kubaho.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e