Ezekiyeli26

Imburi kuri Tiro

1Mu kwezi kw’icumi na rimwe, kw’umwaka w’icumi na kabiri, ku musi wakwo wa mbere, umwami Yehoyakini atwawe nk’inyagano, Ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri jewe riti:2“Mwana w’umuntu, kubera ko Tiro banezerewe babonye Yerusalemu hasenyutse, bakavuga bati: ‘Ha! Amarembo y’amahanga arasenyutse, imiryango yaho iranyugurukiye. Hacitse agahinga, ariko jewe ngiye kuronka ubutunzi,’3Ni co gituma Uhoraho Nyeninganji avuze ati: Ngiye kukugwanya, yewe Tiro, nzozana ihanga ryanje rigutere nk’uko ikiyaga gisuka imipfunda ku nkengera.4Bazosenyura inzitiro za Tiro, bahenagure iminara yaho; nzokubura ivu ryaho hasigare hameze nk’igitandara.5Hazosigara hameze nk’igitandara co mu kiyaga banikirako insenga z’abarovyi, ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze. Hazoba aho amahanga aza gutora iminyago,6kandi abahaba bose bazomarwa n’inkota. Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho.
7Kuko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze nti: Mu Buraruko nzozana Nebukadineza, umwami w’i Babiloni, umwami aganza abandi bami, azanane n’amafarasi n’imikogote hamwe n’ingabo nyinshi, atere Tiro.8Azoranduza inkota ibisagara vyo mu gihugu hagati; ategure uburyo agutera, yubake ivyo kwuririrako inzitiro zawe, agutere yitwaje inkinzo.9Inzitiro zawe azozisenyuza ibiti bininibinini, iminara yawe ayihenuze ibigwanisho vyiwe.10Amafarasi yiwe azoba ari menshi ku buryo igihugu cose kizokwuzuramwo umukungugu. Inzitiro zawe zizotigitishwa n’urwamo rw’amafarasi y’intambara hamwe n’imikogote n’ivyo ikwega, mu gihe azoba ariko arinjira mu marembo, abasoda na bo binjira mu gisagara baca mu birengero.11Ibinono vy’amafarasi yiwe bizoca mu mabarabara yawe yose; bamarishe inkota abantu bawe, kandi inkingi zawe zikomakomeye zizosenyurirwa hasi.12Bazosahura ubutunzi bwawe, bibe ibidandazwa vyawe; bazosenyura inzitiro zawe, basenyure amazu yawe mezameza, amabuye bayaterere mu kiyaga, co kimwe n’imbaho zawe, ndetse n’umukungungu wawe.13Nzohoza urwamo rw’indirimbo zawe, kandi nta mirya y’inanga izosubira kwumvikana.14Nzoguhindura igitandara kigaragara, ube imbuga yo kwanikirako insenga z’abarovyi. Ntuzosubira kwubakwa, kuko jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.”
15Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji abwiye Tiro: “Mbega ababa ku nkengera z’ikiyaga ntibazojugumira nibumva isenyerana ryawe, bakumva amaborogo y’abakomeretse hamwe n’ukwicwa kuzoba kuriko kurabera iwawe?16Abami bose bo ku nkengera z’ikiyaga bazova ku ntebe zabo z’ubwami, bambure amakanzu yabo n’inyambarabami zabo. Bazicara hasi buzuye ubwoba, bajugumira, kuko bazoba babonye ivyakubayeko.17Maze bazocura intimba ku bwawe, bati:‘Ese ayo ubonye, yewe wa gisagara wahora uri rurangiranwa,abakibamwo bari abagabo ku kiyaga!Wari umunyabushobozi ku biyaga,wewe hamwe n’abantu bawe!Mwahoze muteye ubwobaku bari babakikuje bose.18None ubu ababa ku nkengera z’ikiyaga bose barajugumiyekubera ugusenyuka kwawe;amazinga yose ahinze agashitsiabonye isenyerana ryawe.’
19Jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze nti: ‘Ninakugira nk’agahinga, ukaba nk’igisagara catawe kera, nkagucokeza i bwina ikiyaga kikakurengako, amazi yaco akagupfuka,20ico gihe nzokumanura hamwe n’abaja mu rwobo, ahari ababayeho kera. Nzotuma uba i kuzimu, ahameze nk’ibihomoka vya kera, ujane n’abaja mu rwobo, kandi ntuzogaruka canke ngo usubire kuba kw’isi y’abazima.21Nzogushitsa kw’iherezo riteye ubwoba, kandi ntuzosubira kubaho. Uzoronderwa ariko ntuzosubira kubonwa, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.’ ”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e