Ezekiyeli28
Imburi ku mwami wa Tiro
1Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti:2“Mwana w’umuntu, bwira abatware b’i Tiro uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:Mu bwibone bwo mu mutima waweuvuga uti: “Erega ndi imana;nicaye ku ntebe y’imanahagati mu biyaga.”Ariko uri umuntu nturi imana,naho wibaza ko unganya ubwenge n’imana.3Mbega usumvya ubwenge Daniyeli?Nta banga na rimwe udashobora kumenya?4Ubwenge bwawe n’ugutahura kwawevyaguhesheje ubutunzi bwinshi,biguha ifeza n’inzahabubiba amatungo yawe.5Kubera ubumenyi ufise mu rudandazwawagwije ubutunzi bwawe,kandi kubera ubwo butunzi bwawe,wagwije ubwibone mu mutima.6None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:Ko wibaza ko uri umunyabwenge,ko ufise ubwenge nk’ubw’imana,7nzozana abanyamahanga bagutere,bavuye mu mahanga ateye ubwoba;bazosokora inkota bakumare ubwiza bw’ubwenge bwawe,ugukayangana kwawe bagusogote.8Bazokumanura mu cobo,kandi uzopfa rubi,ugwe i bwina mu kiyaga.9Mbega uzosubira kwirata uvuga uti: Ndi imanauri imbere y’abakwica?Uzoba uri umuntu buntu, ata bumana ufiseuri mu maboko y’abagusogota.10Uzopfa urupfu rw’abatakebweugwe mu minwe y’abanyamahanga,ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.’ ”11Maze Ijambo ry’Uhoraho ritumwa kuri jewe riti:12“Mwana w’umuntu, cura intimba, uririre umwami w’i Tiro, uvuge uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:Wari akaroruhore,wuzuye ubwenge, utunganye mu bwiza.13Wari muri Edeni,itongo ry’Imana;wari usharijwe n’amabuye yose y’agaciro:karuneliyani, krizoliti na emerodi,topazi, onigisi na yasipi,lapisi lazuli, turikwaze na berile.Vyose biteguwe neza hamwe n’inzahabu nziza;vyari vyaguteguriwe utararemwa.14Wari wasizwe amavuta ngo ube umukerubi murinzi,ni co nari narakurobanuriye.Wari ku musozi wera w’Imanaukagendagendera ku mabuye yakaka.15Wari inyankamugayo mu nzira zawe zosekuva umusi waremwa,gushitsa aho nagusangamwo ikibi.16Mu rudandazwa rwawe ruhambayewari wuzuyemwo umuryano,bigutera gukora ivyaha.Ni co gituma nagutituye nkagukura ku musozi w’Imana,nkakwomora, yewe mukerubi murinzi,nkagukura mu mabuye yakaka.17Umutima wawe wawujujemwo ubwibonekubera ubwiza bwawe,wonona ubwenge bwawekubera ubwiza bwawe.Ni co catumye ndaguta kw’isi,ugacika akabarore imbere y’abami.18Ubwinshi bw’ivyaha vyawen’ubugunge mu rudandazwa rwawe,vyatumye uhumanya ingoro zawe.Ni co gituma nakuzanyeko umuriro uvuye muri weweuragutikiza.Nakugize umunyota wo hasimu maso y’abariko bararorera bose.19Amahanga yose yari akuziarajorerwa;ingene iherezo ryawe rihindisha agashitsi,kandi ukaba utazosubira kubaho.’ ”Imburi kuri Sidoni
20Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti:21“Mwana w’umuntu, hindukira urabe i Sidoni, uhavugishwako,22uvuge uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:Nzokugwanya, yewe Sidoni,kandi nzokwihesha icubahiro muri wewe.Uzomenya ko ndi Uhorahoninamara kuguhana,nkakwiyerekanirako ko ndi uwera.23Nzoguteza icago,amaraso yawe azotemba mu mabarabara.Ubwicanyi buzoza muri wewe,inkota igutere izananye ku mpande zose.Maze abantu bose bazomenya ko ndi Uhoraho.24Abisirayeli ntibazoba bagifise ababanyi b’indyarya, bababaza nk’umukere, bagahanda nk’amahwa. Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho Nyeninganji.25Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ninamara kwegeranya ubwoko bwa Isirayeli nkabukura mu mahanga bwasanzariyemwo, nzobigaragazako nk’uwera mu maso y’amahanga. Maze bazoba mu gihugu cabo, ico nahaye umusavyi wanje Yakobo.26Bazoba amahoro, biyubakire amazu, batere imizabibu; bazoba mu mahoro ninahana amahanga abakikuje yabahindutse. Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho Imana yabo.’ ”Biblica, Inc.