Kuvayo6
1Maze Uhoraho abarira Mose iti: “Rindira gato wirabire ivyo nkorera Farawo. Ku bw’ukuboko kwanje kw’inkomezi, azobarekura bagende; ku bw’ukuboko kwanje kw’inkomezi, azobirukana bave mu gihugu ciwe.”2Imana yongera iramubwira iti: “Ndi Uhoraho.3Niyeretse Aburahamu, Isaka na Yakobo, ndabiyereka nk’Imana Mushoboravyose, ariko sinigeze ndabibwira muri iryo zina ryanje ari ryo Uhoraho.4Kandi nabasezeraniye ko nzobaha igihugu c’i Kanani, ico babayemwo nk’abanyamahanga.5Icongeyeko narumvise amarira y’abantu banje bari mu buja muri Egiputa, nca nibuka isezerano nabasezeraniye.6None rero barira Abisirayeli uti: ‘Ndi Uhoraho, nzobakura musi y’agacinyizo k’Abanyegiputa. Nzobabohora mureke kubabera abagurano, nzogorora ukuboko kwanje ndabacungure nkoreshe n’ibikorwa bikomeye bigaragaza urubanza mbaciriye.7Nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu. Ni ho muzomenya ko ndi Uhoraho Imana yanyu nabakuye mu gacinyizo k’Abanyegiputa.8Nzobajana mu gihugu narahiye manitse ukuboko ko nzogiha Aburahamu, Isaka na Yakobo. Nzokibaha kibe inyegu yanyu. Ni jewe Uhoraho ndabivuze.’ ”9Maze Mose yiganira Abisirayeli ivyo Imana yamubwiye, ariko ntibamwumviriza kuko bari baciwe intege n’agacinyizo gahambaye barimwo.10Uhoraho abarira Mose ati:11“Genda ubarire Farawo umwami wa Egiputa arekure Abisirayeli bave muri iki gihugu.”12Ariko Mose abarira Uhoraho ati: “Nimba Abisirayeli batanyumviriza, mbega Farawo yonyumviriza gute ntazi no kuvuga?”13Maze Uhoraho avugana na Mose na Aroni, ababwira ivyo babwira Abisirayeli na Farawo umwami wa Egiputa, ngo bakure Abisirayeli muri Egiputa.
Bene Reyubeni ari we mfura mu bahungu ba Isirayeli bari aba: Enoki, Palu, Hezironi na Karumi. Abo ni bo bari bagize imiryango ya Reyubeni.15Bene Simeyoni bari: Yemuweli, Yamini, Ohadi, Yakini, Zohari na Sawuli yavyaye ku Munyakananikazi. Abo na bo bari bagize imiryango ya Simiyoni.16Aya ni yo mazina y’abahungu ba Lewi nk’uko vyanditswe: Gerishoni, Kohati, na Merari. (Lewi yamaze imyaka ijana na mirongo itatu n’indwi.)17Abahungu ba Gerishoni uko imiryango yabo yari imeze ni: Libuni na Shimeyi.18Abahungu ba Kohati bari aba: Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli. (Kohati yamaze imyaka ijana na mirongo itatu n’itatu.)19Abahungu ba Merari bari aba: Mahuli na Mushi. Iyo ni yo miryango ya Lewi uko yanditswe:20Amuramu yarongoye mushiki wa se yitwa Yokebedi, bavyarana Aroni na Mose. (Amuramu yabayeho imyaka ijana na mirongo itatu n’indwi.)21Abahungu ba Izihari bari aba: Kora, Nefegi na Zikuri.22Abahungu ba Uziyeli bari aba: Mishayeli, Elizafani, na Situri.23Aroni yarongoye Elisheba umukobwa wa Aminadabu akaba na mushiki wa Nahashoni, bavyarana Nadabu, Abihu, Eliyazeri na Itamari.24Abahungu ba Kora bari aba: Asiri, Elukana, na Abiyasafu. Ni bo bari bagize imiryango ya Kora.25Eliyazeri mwene Aroni yarongoye umwe mu bakobwa ba Putiyeli, bavyarana Finehasi.
Abo ni bo bari abakuru b’imiryango ikomoka kuri Lewi, ukurikije abakuru b’amazu.26Uwo Aroni nyene na Mose ni bo Uhoraho yabwiye ati: “Kura Abisirayeli muri Egiputa uko imiryango yabo iri.”27Ni bo babwiye Farawo umwami wa Egiputa ngo arekure Abisirayeli.
Ba sekuruza ba Mose na Aroni
14Aba ni bo baserukira imiryango yabo:Bene Reyubeni ari we mfura mu bahungu ba Isirayeli bari aba: Enoki, Palu, Hezironi na Karumi. Abo ni bo bari bagize imiryango ya Reyubeni.15Bene Simeyoni bari: Yemuweli, Yamini, Ohadi, Yakini, Zohari na Sawuli yavyaye ku Munyakananikazi. Abo na bo bari bagize imiryango ya Simiyoni.16Aya ni yo mazina y’abahungu ba Lewi nk’uko vyanditswe: Gerishoni, Kohati, na Merari. (Lewi yamaze imyaka ijana na mirongo itatu n’indwi.)17Abahungu ba Gerishoni uko imiryango yabo yari imeze ni: Libuni na Shimeyi.18Abahungu ba Kohati bari aba: Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli. (Kohati yamaze imyaka ijana na mirongo itatu n’itatu.)19Abahungu ba Merari bari aba: Mahuli na Mushi. Iyo ni yo miryango ya Lewi uko yanditswe:20Amuramu yarongoye mushiki wa se yitwa Yokebedi, bavyarana Aroni na Mose. (Amuramu yabayeho imyaka ijana na mirongo itatu n’indwi.)21Abahungu ba Izihari bari aba: Kora, Nefegi na Zikuri.22Abahungu ba Uziyeli bari aba: Mishayeli, Elizafani, na Situri.23Aroni yarongoye Elisheba umukobwa wa Aminadabu akaba na mushiki wa Nahashoni, bavyarana Nadabu, Abihu, Eliyazeri na Itamari.24Abahungu ba Kora bari aba: Asiri, Elukana, na Abiyasafu. Ni bo bari bagize imiryango ya Kora.25Eliyazeri mwene Aroni yarongoye umwe mu bakobwa ba Putiyeli, bavyarana Finehasi.
Abo ni bo bari abakuru b’imiryango ikomoka kuri Lewi, ukurikije abakuru b’amazu.26Uwo Aroni nyene na Mose ni bo Uhoraho yabwiye ati: “Kura Abisirayeli muri Egiputa uko imiryango yabo iri.”27Ni bo babwiye Farawo umwami wa Egiputa ngo arekure Abisirayeli.
Aroni avuga mu kibanza ca Mose
28Igihe Uhoraho yavugana na Mose ari muri Egiputa yamubwiye ati:29“Ndi Uhoraho. Genda ubwire Farawo umwami wa Egiputa ivyo ndakubariye vyose.”30Ariko Mose abwira Uhoraho ati: “Mbega ko ntazi no kuvuga, ni igiki cotuma Farawo anyumvira?”Biblica, Inc.