Kuvayo5
Abisirayeli bongererezwa ibikorwa
1Inyuma y’ivyo, Mose na Aroni baja kwa Farawo baramubwira bati: “Uhoraho, Imana y’Abisirayeli avuze ngo: ‘Rekura abantu banje baje kungirira imisi mikuru mu bugaragwa.’ ”2Farawo arabishura ati: “Uhoraho ni nde aho ndamwumvira nkareka Abisirayeli ngo bagende? Uhoraho nta we nzi, kandi sindabarekura ngo bagende.”3Na bo baramwishura bati: “Imana y’Abaheburayo yaratwiyeretse. Tureke rero dufate urugendo rw’imisi itatu, tuje mu bugaragwa gushikanira ibimazi Uhoraho Imana yacu, kuko bitabaye gutyo yotumarisha ivyago canke inkota.”4Ariko umwami wa Egiputa arabishura ati: “Mose na Aroni, ni igiki gitumye mutera abantu ubunebwe, mukabatesha ibikorwa vyabo? Nimusubire ku bikorwa vyanyu!”5Yongerako ati: “Raba abantu banyu baragwiriye muri iki gihugu, none muriko murababuza gukora!”6Uwo musi nyene Farawo aca aha itegeko abantu bakoresha abagurano b’Abisirayeli ati:7“Ntimuzosubire kubaha ivyatsi vyo gukoresha mu kubumba amatafari, kuva ubu ni bo bazohora bavyironderera,8kandi igitigiri c’amatafari bahora babumba ntikizogabanywa. Ni abanebwe, ni co gituma bariko barikomesha induru bavuga ngo: ‘Tureke tuje gushikanira Imana yacu ibimazi.’9Nimubongerereze ibikorwa kugira ngo bagume bakora ntibaronke akanya ko kwumviriza amajambo y’ibinyoma.”10Abo bakoresha abagurano baca baragenda babwira abantu bati: “Uku ni ko Farawo avuze: Sinzosubira kubaha ivyatsi vyo gukoresha mu kubumba amatafari.11Nabe ari mwebwe mwironderera iyo mubikura, ariko igitigiri c’amatafari mwahora mukora ku musi ntikizogabanuka.”12Maze abantu bose bakwiragira Egiputa begeranya ivyatsi vyo gukoresha.13Ababakoresha babandanya babacunaguza, bababwira bati: “Mutegerezwa gukwiza igitigiri c’amatafari mwahora mubumba babahaye ivyatsi mukoresha.”14Hanyuma abakozi ba Farawo bakoresha abagurano bagakubita Abisirayeli bashizeho ngo barongore benewabo, bababaza bati: “Ni kubera iki mutakwije igitigiri c’amatafari mwategerezwa kubumba, haba ejo canke uwu musi nk’uko mwahora?”15Maze abo barongozi b’Abisirayeli baca baja kwitwara kwa Farawo bavuga bati: “Ni iki catumye udukorera ibi, twebwe abasavyi bawe?16Nta vyatsi duhabwa, ariko tukabwirwa ngo ‘Bumba amatafari!’ Twebwe abasavyi bawe twirirwa turakubitwa; ivy’abantu bawe badukorera ni akarenganyo.”17Farawo arabishura ati: “Mwa binebwe mwe! Muri ibinebwe, ni co gituma mwama muvuga ngo ‘Tureke tuje gushikanira ibimazi Uhoraho.’18Subira ku bikorwa! Nta vyatsi muzoronswa, kandi mutegerezwa gukwiza igitigiri c’amatafari mwategetswe.”19Abarongozi b’Abisirayeli baca barabona noneho ko bagowe cane babwiwe ko ata musi n’umwe bazobura gushitsa igitigiri c’amatafari bagenewe kubumba.20Bavuye kwa Farawo, basanga Mose na Aroni babarindiririye hanze.21Abo barongozi babwira Mose na Aroni bati: “Uhoraho abone ivyo mwatugiriye maze abahane. Mwatumye Farawo n’abantu biwe batuzinukwa, mwashize inkota mu biganza vyabo ngo batwice.”Imana isezerana kurokora Abisirayeli
22Maze Mose ahindukirira Uhoraho aravuga ati: “Ewe Mana, ni iki gitumye utera amagorwa aba bantu? Iki ni co catumye undungika?23Igihe cose nagiye kwa Farawo mw’izina ryawe, yababereye mubi gusumba uko yahora, kandi nawe ntaco wigeze ukora kugira ngo ubatabare.”Biblica, Inc.