Kuvayo7
1Uhoraho abarira Mose ati: “Ehe nakugize nk’Imana kuri Farawo, Aroni na we ndamugira nk’umuvugishwa wawe.2Nimugende mumubwire ivyo ndagutegeka vyose, Aroni na we abarire Farawo arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe.3Ariko nzokomantaza umutima wa Farawo, hanyuma ngwize ibitangaza n’ibimenyetso vyanje muri Egiputa.4Ndetse n’aho nyene, Farawo ntazobumvira. Ariko Egiputa nzohakubitisha ukuboko kwanje hamwe n’ibikorwa vyanje vy’inkomezi, maze ndokore ingabo zanje ari bo Bisirayeli, ndabakuze muri ico gihugu ibihano bikomeye.5Kandi Abanyegiputa bazomenya ko ndi Uhoraho ninaramvurira ukuboko kwanje kuri Egiputa ngakurayo Abisirayeli.”6Mose na Aroni babikora uko Uhoraho yabibabwiye.7Igihe bavugana na Farawo, Mose yari afise imyaka mirongo umunani, Aroni na we yari afise imyaka mirongo umunani n’itatu.
Inkoni ya Aroni ihinduka inzoka
8Uhoraho abarira Mose na Aroni ati:9“Farawo niyababwira ngo mukore igitangaza, muzofate iyo nkoni muyiterere imbere yiwe, izoca ihinduka inzoka.”10Nuko Mose na Aroni baca baja kwa Farawo, babigenza nk’uko nyene Uhoraho yabibategetse. Aroni aterera ya nkoni imbere ya Farawo n’abantu biwe, ica ihinduka inzoka.11Farawo na we aca atumako ba kamenyi n’abapfumu biwe, maze abo ba kamenyi b’Abanyegiputa na bo baca bakora ikimenyetso gisa n’ico nyene bakoresheje amareba yabo,12baterera inkoni zabo hasi zica zicika inzoka. Ariko ya nkoni ya Aroni ica imiragura za nkoni zabo.13Farawo akomantaza umutima, ntiyabumvira nk’uko Uhoraho yari yarabivuze.Icago c’amaraso
14Uhoraho abarira Mose ati: “Umutima wa Farawo wakomantaye. Yanse kurekura abantu ngo bagende.15Muzoje kumuraba ejo mu gatondo agiye ku ruzi. Muzomutegerere ku nkengera y’uruzi Nili, muzogende mujanye na ya nkoni yacika inzoka.16Muzomubwire muti: ‘Uhoraho, Imana y’Abaheburayo yakudutumyeko ngo rekura abantu biwe bagende, kugira ngo baje kumusengera mu bugaragwa. Kandi gushika ubu wanse kumwumvira.17None rero uku ni ko Uhoraho avuze: Iki ni co kigiye kukwereka ko ndi Uhoraho: Ngira nkubitishe iyi nkoni uruzi Nili, ruce ruhinduka amaraso.18Amafi yo mu ruzi azoca apfa, kandi uruzi ruzonuka. Abanyegiputa ntibazoba bagisubira kunywa amazi yarwo.’ ”19Uhoraho abarira Mose ati: “Barira Aroni uti: ‘Fata inkoni yawe, uramvure ukuboko hejuru y’amazi ya Egiputa: inzuzi zaho zose, imigende, ayari mu binogo, n’ayari mu bushinguro, yose aca acika amaraso. Amaraso aca aba ahantu hose muri Egiputa, no mu bivomesho bikozwe mu biti canke mu mabuye.’ ”20Mose na Aroni baca babikora uko Uhoraho yabibategetse. Aroni aramvura ya nkoni ari imbere ya Farawo n’abatware biwe, akubita amazi y’uruzi Nili, ubwo nyene amazi aca ahinduka amaraso.21Amafi yo muri urwo ruzi aca arapfa, amazi aranuka, Abanyegiputa ntibaba bagishobora kuyanywa. Maze amaraso yuzura hose muri Egiputa.22Na ho nyene abanyamareba b’Abanyegiputa bakora ibisa n’ivyo, umutima wa Farawo uca urakomantara, yanka kwumvira Mose na Aroni nk’uko Uhoraho yari yabivuze.23Farawo aca asubira ku kirimba, ntiyanashira umutima ku vyabaye.24Maze Abanyegiputa bimba ibinogo i ruhande y’uruzi barondera amazi, kuko batashobora kunywa amazi y’urwo ruzi.Icago c’ibikere
25Nuko haca imisi indwi Uhoraho ateye ico cago urwo ruzi Nili.Biblica, Inc.