Kuvayo21

1Ibi ni vyo vyagezwe uzobaha.

Ivyagezwe vyerekeye abagurano b’Abaheburayo

2Niwagura umugurano w’Umuheburayo, azogukorere imyaka itandatu. Ku mwaka ugira indwi uze umureke yidegemvye, ata kiguzi atanze.3Niyaba yaje wenyene, azosubire inyuma wenyene. Ariko niyaba yazananye n’umugore, bazosubirane inyuma.4Shebuja niyamuha umugore, hanyuma akamuvyarako abahungu n’abakobwa, uwo mugore n’abana bazogume ari aba shebuja, umugabo wenyene ni we azokwidegemvya.
5Ariko niyavuga ati: ‘Jewe ndakunda databuja n’umugore wanje n’abana banje, singomba kwidegemvya,’6shebuja akwiye kumuzana imbere y’Imana. Hanyuma, yongere amujane amuhagarike imbere y’igishimaryango, afate icuma amutobore ugutwi. Aho rero azoba abaye umugurano wiwe ubuzima bwiwe bwose.
7Umuntu niyagurisha umukobwa wiwe nk’umuguranokazi, imyaka itandatu iheze, ntazokwidegemvya nk’uko bigenda ku bahungu.8Natahimbara shebuja yari yaramuguze, azomureke acungurwe. Ariko shebuja nta bubasha afise bwo kumugurisha ku banyamahanga, kuko ni we yahisemwo ko bavana.9Ariko, nimba shebuja ashimye ko yomushingira umuhungu wiwe, ico gihe azomushingirane iteka nk’umukobwa wiwe bwite.10Hamwe uwo mugabo yogomba kurongora uwundi mugore, ntihaze hagire ikintu na kimwe agabanya ku vyo yahora aha uwo wa mbere, haba ku mfungurwa, ku vyambarwa, canke ku mabanga y’abubatse.11Natamuha ivyo vyose uko ari bitatu, azoce yidegemvya ata kiguzi co kwicungura atanze.

Ivyagezwe vyerekeye kwicana

12Nihagira uwukubita uwundi akamwica, na we azokwicwe.13Ariko niyamwica atabishaka, ari kubera Imana yabiretse bikaba, azohungire mu gisagara nzomwereka.14Ariko uwuzokwica umuntu yabiteguye, muzomukure ku gicaniro canje mumwice.
15Nihagira uwukubita se canke nyina azokwicwe.
16Nihagira uwiba umuntu, akamugurisha canke akamufatanwa, azokwicwe.
17Uwuzotuka se canke nyina azokwicwe.
18Abantu babiri nibatongana, umwe agatera ibuye uwundi canke akamukubita ingumu ariko ntapfe, yamara bigatuma ategerezwa kwama aryamye ku buriri,19uwabikoze ntihaze hagire ico bamugira uwo muntu niyatora mitende agashobora kugendagenda yishimikije inkoni. Ariko ategerezwa kuzomushumbusha ivyo yatakaje igihe cose yamaze aryamye, kandi azogume amufasha gushika akire neza.
20Umuntu niyakubita inkoni umugurano wiwe yaba umuhungu canke umukobwa, bikandurukamwo gupfa, azobihanirwe.21Ariko uwo mugurano niyakira inyuma y’umusi umwe canke ibiri, shebuja ntazobihanirwe kuko uwo mugurano yamuguze amahera yiwe.
22Abantu babiri nibaba bariko baragwana, hanyuma bagaca ku mugore afise inda batabibonye, ya nda ikavuka hataragera, ariko ntihagire ikindi aba, uwamuciyeko azotange ico umugabo w’uwo mugore azosaba cose mu gihe kizoba cemejwe n’abacamanza.23Ariko uwo mugore niyagira ikindi aba, ubugingo buzohorwe ubundi,24ijisho rihorwe irindi, iryinyo rihorwe irindi, ukuboko guhorwe ukundi, ukuguru guhorwe ukundi,25ubushe buhorwe ubundi, igikomere gihorwe ikindi, umumyore uhorwe uwundi.
26Umuntu niyakubita umugurano wiwe, yaba umuhungu canke umukobwa akamumena ijisho, azoce amureka yidegemvye, maze ico kizomubere inshumbusho ku jisho ryiwe.27Naho niyamukubita akamukuramwo iryinyo, na ho nyene azomureke yidegemvye, kimubere inshumbusho ku ryinyo ryiwe.
28Impfizi niyaseka umuntu agapfa, na yo izokwicishwe amabuye, kandi inyama zayo ntizizoribwe. Ariko nyeneyo ntazobihanirwe.29Ariko nimba iyo mpfizi yari isanzwe yica, nyeneyo akaba yari yaramaze kuburirwa ariko ntayizirike hanyuma ikica umuntu, iyo mpfizi izokwicishwe amabuye kandi na nyeneyo azokwicwe.30Ariko bene uwo yishwe n’iyo mpfizi bemeye kwakira indishi y’akababaro, nyeneyo azocungure ubugingo bwiwe mu gutanga ivyo azosabwa vyose.31Iki cagezwe kizokurikizwe n’igihe impfizi izoba isetse umwana.32Impfizi niyaseka umugurano, nyeneyo azorihe shekeli mirongo itatu z’ifeza, azihe shebuja w’uwo mugurano, iyo mpfizi na yo izoterwe amabuye.
33Umuntu niyimba ikinogo canke agapfukura ikinogo cari gipfutswe hanyuma ntagipfuke, maze inka canke indogoba ikakigwamwo,34nyene kucimba azorihe ico gitungwa, atware n’ico gitungwa capfuye.
35Nihagira impfizi ikomeretsa iyindi ikayica, iyo yishe iyindi izogurishwe, ba nyenezo bagabure ayo mahera hamwe n’inyama z’iyapfuye.36Ariko nimba vyari bizwi ko iyo mpfizi ikunda kugwana, hanyuma nyeneyo ntaheze ngo yame ayiziritse, nyeneyo azorihe iyo yapfuye, hanyuma atware uwo muvyimba.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e