Kuvayo22

Ivyagezwe vyerekeye gusonera ivy’abandi

1Nihagira uwiba inka canke intama, akayibaga canke akayigurisha, azorihe inka zitanu zo gushumbusha nyene iyo nka, n’intama zitanu zo gushumbusha nyene iyo ntama.
2Umusuma niyicwa ariko aramena inzu y’umuntu, uwumwishe ntazoharurweko amaraso yiwe.3Ariko bibaye izuba ryamaze guseruka, uwuzomwica azoharurweko amaraso yiwe.
Umusuma wese azofatwa azosubize ivyo yivye vyose, niyaba ata co afise co kubiriha, azogurishwe kugira ngo ivyo yivye birihwe.
4Nihagira uwiba inka canke indogoba canke intama hanyuma akayifatanwa, uwo musuma azobirihe incuro zibiri.
5Umuntu niyaragira ibitungwa vyiwe mu mirima yiwe canke mu ruzabibu rwiwe, hanyuma akonesha umurima w’abandi, azorihe ku mwimbu wiwe mwiza wa mbere w’imirima yiwe canke inzabibu ziwe.
6Nihagira uwuturira ishamba hanyuma umuriro ukarandagata, ugashikira umurima w’uwundi, ugaturira ingano zitekeye canke izihagaze canke umurima wose; uwawudometse azorihe ivyo uzoba waturiye vyose.
7Umuntu niyabitsa umubanyi wiwe ifeza canke inzahabu kugira ngo abishingure neza hanyuma bikibirwa mu nzu y’uwo mubanyi, uwavyivye niyafatwa azobirihe incuro zibiri.8Ariko uwavyivye natafatwa, nyene iyo nzu azorenguke imbere y’Imana kugira ngo basuzume ko atari we yavyivye.9Nihagira abantu bagira amatati bagapfa inka, indogoba, intama, impuzu canke ikindi kintu cose catakaye umwe wese yiyitirira, bompi bazoze imbere y’Imana. Uwuzotsindwa azobirihe mugenziwe incuro zibiri.
10Umuntu niyabikisha mugenziwe indogoba, inka, intama canke ikindi gitungwa ico ari co cose, hanyuma kigapfa canke kigakomereka, canke kikibwa ata wundi yabibonye,11uwo yari abitunze azorahirire imbere y’Uhoraho. Uhoraho niyemeza ko uwo mubanyi ata co yivye, nyene co azovyemere, kandi ntaze yake indishi.12Ariko nibasanga yaraciyibishije, azohe indishi nyene co.13Nimba catabaguwe n’igikoko, azozane ibisigarira kugira ngo bibe ivyemeza: ntazoheza ngo abazwe ico gitungwa.
14Umuntu niyatira igitungwa kwa mugenziwe hanyuma kigakomereka canke kigapfa nyene co atari ho ari, uwagitiye azokirihe.15Ariko hagize ico kiba nyene co ari ngaho, uwagitiye ntazokirihe. Nimba igitungwa cari cakoteshejwe, amahera cakoteshejwe azobe ari yo ndishi.

Ivyagezwe vyerekeye imibano

16Nihagira uwuryosharyosha inkumi itarakobwa akayisambanya, azorihe inkwano nk’uko umugenzo ubitegekanya, ace aba umugore wiwe.17Ariko se w’umukobwa niyanka kumumuha, na ho nyene azotange inkwano itangirwa inkumi.
18Ntimuzoreke abarozi ngo babeho.
19Nihagira uwusambana n’igikoko azokwicwe.
20Nihagira uwutangira ikimazi iyindi mana atari jewe Uhoraho azorandurwe.
21Ntimugakorere ikibi umunyamahanga canke ngo mumurenganye, kuko namwe mwigeze kuba abanyamahanga muri Egiputa.
22Ntimukarenganye abapfakazi n’impfuvyi.23Nimwabarenganya bakandirira, nzokwumva amarira yabo.24Uburake bwanje buzoziriringa ndabaranduze inkota, abagore banyu babe abapfakazi, abana banyu na bo babe impfuvyi.
25Nimwagurana amahera umwe mu bantu banje ari muri mwebwe akenye, ntimuzobikore nk’abadandaza, ntihagire inyungu muzomusaba.26Niwaka mugenzawe umutamana nk’ingwati, izuba ntirizorenge utarawumusubiza,27kuko uwo mutamana ushobora kuba ari wo wonyene afise wo kwipfuka. Nutawumusubiza azoheza yipfuke iki mw’ijoro? Niyandirira nzokwumva amarira yiwe, kuko ndi umunyembabazi.
28Ntimugatuke Imana, canke ngo muvume abaganza ubwoko bwanyu.
29Ntimuze mwigungireko ngo mureke kunshikanira amashikanwa yo ku mwimbu wanyu no ku binyobwa vyanyu.
Muzonshikanire abana banyu b’abahungu b’imfura.
30Muzobikore mutyo no ku bitungwa vyanyu. Umwagazi canke inyana izomarane na nyina wayo imisi indwi, ku musi ugira umunani muzozinshikanire.
31Muri abantu banje bejejwe; none rero ntimuzorye inyama z’igitungwa cishwe n’igikoko. Muzogiterere imbwa.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e