Kuvayo20
Imana itanga Ivyagezwe icumi
1Maze Imana ivuga aya majambo yose iti:2“Ndi Uhoraho Imana yawe, yagukuye muri Egiputa, igihugu wabayemwo uri umugurano.3Ntukagire izindi mana umbangikanya.4Ntukibazire ikigirwamana mw’ishusho y’ikintu na kimwe, caba ico hejuru mw’ijuru canke hasi kw’isi, canke i kuzimu, canke mu biyaga.5Ntuzovyikubite imbere canke ngo ubikorere, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi Imana ipfuha, mpanira abana ivyaha vya ba sekuruza babo gushika ku runganwe rwa gatatu n’urwa kane rw’abanyanka.6Ariko abankunda bakitondera ivyagezwe vyanje, ndabereka urukundo gushika ku runganwe rw’igihumbi.7Ntukavuge izina ry’Uhoraho Imana yawe ku busabusa. Kuko Uhoraho atazobura guhana abakoresha izina ryiwe ukutariko.8Wibuke guhimbaza umusi w’Isabato mu kuweza.9Uze ukore ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu,10ariko umusi w’indwi ni Isabato y’Uhoraho Imana yawe. Kuri uwo musi, yaba wewe, umuhungu canke umukobwa wawe, yaba umukozi wawe w’umuhungu canke w’umukobwa, ibitungwa vyawe canke umunyamahanga aba iwawe, ntihaze hagire igikorwa na kimwe muwukorako.11Kuko mu misi itandatu ari ho Uhoraho yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibiri muri vyo vyose, hanyuma akaruhuka ku musi ugira indwi. Ni co gituma Uhoraho yahezagiye Isabato akayigira iyera.12Wubahe so na nyoko kugira ngo uzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yawe iguhaye.13Ntukice.14Ntugasambane.15Ntukibe.16Ntukarementanirize ibinyoma mugenzawe.17Ntukipfuze inzu ya mugenzawe canke umugore wa mugenzawe, umukozi wiwe w’umuhungu canke w’umukobwa, inka yiwe canke indogoba, canke ikindi kintu cose ca mugenzawe.”18Abantu babonye imiravyo bakumva n’imituragaro n’ijwi ry’inzamba, bakabona n’umusozi wuzuye umwotsi, barajugumira baterwa n’ubwoba bwinshi, baguma bahagaze kure.19Babarira Mose bati: “Twibwirire wewe nyene turakwumvira. Ntureke Imana ngo ibe ari yo itwibwirira, twohava dupfa.”20Mose abarira abantu ati: “Ntimugire ubwoba. Imana yaje kubagerageza kugira ngo igitinyiro cayo kigume muri mwebwe, gitume mudakora ivyaha.”21Maze abantu baguma bahagaze kure, Mose aba ari we wenyene yegera ico gicu kinini c’umuzitanya Imana yarimwo.Uhoraho avuga ivyerekeye igicaniro
22Uhoraho abarira Mose ati: “Barira Abisirayeli uti: ‘Mwiboneye ko navuganye namwe ndi mw’ijuru.23Ntihaze hagire izindi mana mumbangikanya. Ntimukicurire ibigirwamana mu nzahabu canke mw’ifeza.24Muze munyubakire igicaniro mukoresheje ivu, munshikanireko ibimazi vyanyu biturirwa n’umuriro, n’amashikanwa y’ishimwe, intama n’impene hamwe n’inka zanyu. Aho nzotuma mwibukira izina ryanje, nzohabasanga ndabahezagire.25Ariko, nimwacubaka mu mabuye, ntimuzokoreshe amabuye abajwe kuko murikojejeko icuma muba murihumanije.26Kandi ntihazogire uwuduga ku gicaniro nk’aho umuntu yoba agendera ku ngazi, kugira ngo ntacerekanireko ubwambure bwiwe.’Biblica, Inc.