Kuvayo19
Abisirayeli bashika ku musozi Sinayi
1Mu kwezi kugira gatatu Abisirayeli bavuye muri Egiputa, ku musi wakwo wa mbere, ni ho bashika mu bugaragwa bw’i Sinayi.2Bavuye i Refidimu, binjiye mu bugaragwa bw’i Sinayi, bacumbika imbere y’umusozi Sinayi.3Maze Mose aduga ku musozi w’Imana kubonana na yo, Uhoraho aramuhamagara ari ku musozi, amubwira ati: “Ng’ibi ivyo uzobwira umuryango wa Yakobo, ivyo uzomenyesha ubwoko bwa Isirayeli, uti:4‘Mwarabonye ivyo nakoreye Egiputa, n’ingene nabagurukanye ku mababa y’inkukuma ndabazana aho ndi.5None rero nimwanyumvira mukaguma mw’isezerano ryanje, muzombera itunga rihambaye mu yandi mahanga yose, kuko isi yose ari iyanje.6Muzombera ihanga ry’abaherezi, ihanga ryejejwe.’ Uko abe ari ko uzobwira Abisirayeli.”7Maze Mose asubira inyuma, akoranya abakuru barongoye Abisirayeli ababwira ivyo Uhoraho yamutegetse kubabwira vyose.8Abantu bose bishurira rimwe bati: “Ivyo Uhoraho yategetse tuzobikurikiza vyose.” Nuko Mose na we aca asubira kubarira Uhoraho uko abantu bamubwiye.9Maze Uhoraho abwira Mose ati: “Nzobagendera ndi mu gicu kinini, kugira ngo abantu baze biyumvire uko mvugana nawe, maze bitume bakwizigira.” Nuko Mose abwira Uhoraho uko abantu bavuze.10Uhoraho abarira Mose ati: “Genda ubwire abantu bitegurire kunsaganira, biyeze uwu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo.11Ku musi ugira gatatu bazobe biteguye kuko kuri uwo musi Uhoraho azomanuka ku musozi Sinayi abantu bamubona.12Nawe uzobashingire akarimbi ku musozi, uwukikuze, maze ugabishe abantu uti: Mwirinde ntihaze hagire uwuduga ku musozi, mbere ntihaze hagire n’uwegera akarimbi. Umuntu wese azokwegera uwo musozi nta nkeka azokwicwa.13Azokwicishwa amabuye canke araswe imyampi, nta kuboko kuzomukorako. Yaba umuntu canke igikoko ntikizobure kwicwa. Ariko inzamba y’ihembe ry’impfizi y’intama niyavuzwa ijwi rirerire, abantu bose ni ho bazoshobora kwegera uwo musozi.”14Mose amaze kumanuka akava kuri uwo musozi, abwira abantu bariyeza, bamesura impuzu zabo.15Arababwira ati: “Mwitegurire umusi ugira gatatu, kandi kugera uwo musi ntihaze hagire uwurangura amabanga mpuzabitsina.”16Mu gatondo k’umusi ugira gatatu, humvikana imituragaro, imiravyo irarabagiza, haza igicu kinini gipfuka wa musozi, havuga n’inzamba y’ijwi rirenga. Umuntu wese mu bari aho bacumbitse aterwa n’ubwoba.17Maze Mose aja imbere Abisirayeli, bava aho bari bacumbitse, baja kubonana n’Imana.18Umusozi Sinayi wuzura umwotsi, kuko Uhoraho yari yamanutse mu muriro. Uwo mwotsi upfunduka nk’uwuva mw’itanure, umusozi wose uratigita cane.19Rya jwi ry’inzamba rikomeza kwumvikana cane. Mose akavuga, Imana ikamwishura mw’ijwi ry’umuturagaro.20Uhoraho aramanuka ku musozi Sinayi, ahamagara Mose ngo aduge kw’itaba ry’uwo musozi, Mose na we araduga.21Uhoraho abarira Mose ati: “Genda wihanize abantu ntibahirahire ngo barengane ka karimbi ngo baduge kuraba Uhoraho, kuko benshi muri bo bopfa.22Mbere n’abaherezi bahora baza aho ndi babanze biyeze, kugira ngo jewe Uhoraho sindabarandure.”23Mose abarira Uhoraho ati: “Abantu ntibashobora kuduga ku musozi Sinayi, kuko wewe nyene watwihanije uti: ‘Kikuza umusozi n’akarimbi kugira ngo uhatoranye nk’ahera.’ ”24Uhoraho aramwishura ati: “Manuka udugane Aroni. Ariko abaherezi n’abandi bantu bose ntibarengane akarimbi ngo baze aho Uhoraho ari, kuko nohava ndabarandura.”25Nuko Mose abarira abantu ivyo Uhoraho yamubwiye vyose.Biblica, Inc.