Kuvayo17
Igitandara kivamwo amazi
1Ishengero ryose ry’Abisirayeli riva mu bugaragwa bw’i Sini, bagenda barayerera, bava hamwe baja ahandi nk’uko Uhoraho yaba abibategetse. Maze bacumbika i Refidimu, ariko aho hantu nta mazi yariho yo kunywa.2Nuko batatira Mose bavuga bati: “Duhe amazi yo kunywa!” Mose arabishura ati: “Ni kuki muntatira? Ni iki gitumye mugerageza Uhoraho?”3Ariko kubera inyota nyinshi, bakomeza kwidodombera Mose bati: “Ni kuki mwatuduganye mudukuye muri Egiputa mukatuzana kutwicisha inyota twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu?”4Maze Mose abarira Uhoraho ati: “Mbega aba bantu ndabagire gute? Hasigaye gatoya bakantera amabuye.”5Uhoraho yishura Mose ati: “Ca imbere y’abantu ugende. Uhitane bamwe mu bakuru barongoye abandi mu Bisirayeli, ujane na ya nkoni wakubitisha uruzi Nili, muheze mugende.6Ndahagarara imbere yanyu ku gitandara c’i Horebu. Nawe uheze ukubite ico gitandara, gica kivamwo amazi, abantu banywe.” Maze Mose abikora gutyo mu maso y’abakuru barongoye abandi mu Bisirayeli.7Aho hantu aca ahita Masa na Meriba, kuko Abisirayeli bahatonganiye bakongera bakahageragereza Uhoraho bavuga bati: “Mbega Uhoraho ari kumwe natwe canke ntari kumwe natwe?”Abisirayeli banesha Abamaleki
8Abisirayeli bakiri i Refidimu, ingabo z’Abamaleki ziraza zirabatera.9Mose abarira Yosuwa ati: “Toranya abagabo bashobora kuja kugwanya Abamaleki. Ejo nzohagarara hejuru ku gatwe k’umusozi nitwaje ya nkoni y’Imana mu minwe.”10Nuko Yosuwa agwanya Abamaleki nk’uko Mose yabimubwiye, ariko Mose, Aroni na Huri bobo baduga ku gatwe k’uwo musozi.11Umwanya wose Mose yamara adugije ya nkoni yari afise mu minwe, Abisirayeli baranesha. Ariko arushe akayimanura, Abamaleki baca babanesha.12Amaboko ya Mose amaze kuruha atagishobora kuguma ayagoroye, Aroni na Huri baca bazana ibuye Mose aryicarako, maze bamugumiriza amaboko hejuru, umwe ku ruhande rumwe uwundi ku rundi, kugira ngo amaboko yiwe agume yemye gushika izuba rirenze.13Maze Yosuwa anesha ingabo z’Abamaleki, abamarisha inkota.14Uhoraho abarira Mose ati: “Niwandike ibi mu gitabu, kugira ngo bize vyame vyibukwa, kandi ubimenyeshe na Yosuwa, kuko nzorandura Abamaleki ntibazosubire kwibukwa musi y’ijuru.”15Mose aca yubaka igicaniro acita Yehova Nisi, bisigura ngo “Uhoraho ni we bendera ryanje”.16Aca avuga ati: “Badugirije amaboko yabo kugwanya Uhoraho, none rero Uhoraho azokwama agwanya Abamaleki uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi.”Biblica, Inc.