Kuvayo16
Abisirayeli bahabwa manu n’inkware
1Abisirayeli bose bava ahitwa Elimu bashika mu bugaragwa b’i Sini, buri hagati ya Elimu na Sinayi, hari ku musi ugira icumi na gatanu wo mu kwezi kugira kabiri kuva bavuye muri Egiputa.2Muri ubwo bugaragwa, bidodombera Mose na Aroni.3Abisirayeli babawira bati: “Iyo Uhoraho apfuma atwiyicira we nyene tukiri muri Egiputa! Hariya ho twaricara ku nkono z’inyama, tukarya n’imikate tugahimba. Ariko raba mwatuzanye muri ubu bugaragwa kutwicisha inzara.”4Uhoraho aca abarira Mose ati: “Ngiye kubakororera imikate iva mw’ijuru. Abantu bose bazohore bazinduka mu gatondo, batore iyo bakeneye ku musi gusa. Iki ni co nzobageragerezako kugira ngo ndabe ko bazokurikiza ivyo ndabategetse.5Ku musi ugira gatandatu, baze begeranye incuro zibiri iyo bahora begeranya ku yindi misi.”6Nuko Mose na Aroni baca babwira Abisirayeli bati: “Muri iri joro muraja kumenya ko Uhoraho ari we yabakuye muri Egiputa,7kandi ejo mu gatondo muzobona ubwiza bw’Uhoraho, kuko yumvise ingene mwamwidodombeye. Mbega twebwe twakoze iki aho mutwidodombera?”8Mose yongera arababwira ati: “Uhoraho agiye kubaha inyama muzorya mw’ijoro n’imikate izobahaza mu gatondo, kuko yumvise ingene mwamwidodombeye. Mbega twebwe turi iki? Si twebwe mwidodombeye, ahubwo mwidodombeye Uhoraho.”9Maze Mose abarira Aroni ati: “Barira imiryango yose y’Abisirayeli uti: ‘Nimuze imbere y’Uhoraho, kuko yumvise ukwidodomba kwanyu.’ ”10Aroni akiriko aravugana n’imiryango yose ya Isirayeli, batereza amaso mu bugaragwa, babona ubwiza bw’Uhoraho bugaragariye mu bicu.11Uhoraho abarira Mose ati:12“Numvise ukwidodomba kw’Abisirayeli. Babwire uti: ‘Ku mugoroba w’ijoro, muraja kurya inyama, ejo mu gitondo na ho muzorya imikate muhage. Ni ho muzomenya ko ndi Uhoraho Imana yanyu.’ ”13Kuri uwo mugoroba haza inkware, zuzura aho bacumbitse hose. Mu gatondo na ho haza urume rwinshi rukikuza aho bari bacumbitse.14Rwa rume ruheze, hasigara utuntu tumeze nk’utuvunguka tw’imikate twinshi kandi twuzuye hasi.15Abisirayeli babibonye barabazanya bati: “Mbega ibi ni ibiki?” Kuko batigeze bamenya ivyo ari vyo.Mose arababwira ati: “Uwo ni umukate Uhoraho yabahaye ngo murye.”16Uhoraho yategetse ati: “Umuntu wese yegeranye ibimuhagije, ajane ingero omeru zikwiye ababa mw’ihema ryiwe.”17Abisirayeli babikora uko babibwiwe, bamwe begeranya vyinshi, abandi bike.18Bamaze kubigera ku ngero yitwa omeru, abegeranije vyinshi basanga ntibirenze na gato ivyo bakeneye, abegeranije bike na bo nyene basanga ntaco bakeheje ku vyo bari bakeneye. Umuntu wese yegeranije, yasanga afise ibihwanye n’ivyo yari akeneye.19Mose arababwira ati: “Ntihaze hagire uwubiraza gushika mu gatondo.”20Yamara hari abatumviye Mose, barabiraza gushika mu gitondo, ariko basanga vyamaze kuzamwo inyo, binuka nabi. Maze Mose arabarakira.21Imisi yose mu gatondo, umuntu wese yategerezwa kwegeranya iyo akeneye yose, kuko izuba rimaze gukara yaca ishonga.22Ku musi ugira gatandatu begeranya nk’iyo bahora begeranya incuro zibiri, ni ukuvuga ingero omeru zibiri ku muntu, maze abakuru barongoye abandi baraza babibarira Mose.23Na we arababarira ati: “Uku ni ko Uhoraho yategetse: ‘Ejo uzobe umusi w’akaruhuko, Isabato yera y’Uhoraho. Genda mutegure ivyokurya mukeneye, ibisigara mubiraze bibe ivy’ejo.’ ”24Maze barabiraza gushika mu gatondo nk’uko Mose yari yabibategetse, kandi ntivyigeze bibora canke ngo binuke.25Mose arababwira ati: “Ivyo mubirye uno musi, kuko ari Isabato y’Uhoraho. Uno musi nta bindi muza gusanga vyandagaye hasi.26Muzomara imisi itandatu muvyegeranya, ariko ku musi w’indwi ari wo w’Isabato ntibizoza.”27Ariko, hariho abagiye kuvyegeranya ku musi w’indwi, mugabo ntibagira ico bahasanga.28Maze Uhoraho abarira Mose ati: “Mbega abo bantu bazogeza ryari kutumvira amabwirizwa yanje n’ivyo ndabihanikiriza?29Bategerezwa gutahura ko Uhoraho yabahaye Isabato nk’ingabire. Ni co gituma ku musi wa gatandatu yabahaye ivyokurya vy’imisi ibiri. Umwe wese azogume iwe ku musi ugira indwi, ntihazogire uwuja hanze kurondera ivyokurya.”30Nuko abantu bose bararuhuka nta wongeye kuja kwegeranya ivyokurya ku musi ugira indwi.31Abisirayeli bita uwo mukate manu. Uwo mukate wera nk’utubuto tw’igiterwa citwa koriyanderi ugasosa nk’uwurimwo ubuki.32Mose aravuga ati: “Uku ni ko Uhoraho ategetse: ‘Mufate ingero omeru imwe ya manu, muyibike kugira ngo n’abuzukuruza banyu bazobone umukate nabahereye mu bugaragwa igihe nabakura muri Egiputa.’ ”33Maze Mose abarira Aroni ati: “Fata agakono, ugashiremwo ingero omeru imwe ya manu. Ugatware ugashire imbere y’Uhoraho, ukabikire urunganwe ruzoza.”34Nuko Aroni abikora nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose, abika ya manu mw’Isandugu y’Isezerano, i ruhande ya vya bisate vy’amabuye vyanditseko amabwirizwa.35Abisirayeli bamaze imyaka mirongo ine barya manu kugeza bashitse mu gihugu bari bagiye kubamwo. Bariye manu gushika bashitse ku rubibe rw’i Kanani.36Ingero bakoresha mu kugera manu yitwa omeru, yari ic’icumi c’ingero yitwa efa.
Biblica, Inc.