Gusubiramwo11
Mukunde kandi mwumvire Uhoraho
1Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mukurikize ivyo ababwiye, amategeko, amabwirizwa n’ivyagezwe vyiwe.2Uno musi, mwibuke ko atari abana banyu babonye kandi baronse indero y’Uhoraho Imana yanyu ikoresheje icubahiro cayo, ukuboko kwayo kw’ubushobozi kandi kuramvuye;3si bo babonye ibimenyetso n’ibitangaza yakoreye hagati muri Egiputa, kuri Farawo umwami no ku gihugu ciwe cose ca Egiputa;4ivyo Uhoraho yakoreye ingabo zose za Egiputa, amafarasi n’imikogote vyabo, ingene yabisutse mu Kiyaga Gitukura, igihe bariko barabakurikira, n’ingene yabagesheje ubutakivayo.5Si abana banyu babonye ivyo Uhoraho yabakoreye kuva igihe mwari mu bugaragwa kugeza mushitse muri iki kibanza,6si bo babonye ivyo yakoreye Datani na Abiramu, bene Eliyabu wo mu muryango wa Reyubeni, igihe isi yasama hagati mu Bisirayeli ikabamirana n’abo mu nzu zabo bose, amahema yabo n’ikintu cabo cose gihumeka.7Ariko, amaso yanyu ni yo yiboneye ivyo bitangaza vyose Uhoraho yakoze.8None rero mwirinde, kugira ngo muzokurikize amabwirizwa ndabahaye uwu musi, kugira ngo muronke inkomezi zo kujabuka Yorodani no kwinjira muri ico gihugu mukagifata,9kugira ngo muzoshobore kurambira muri ico gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza ko azokibaha hamwe n’uruvyaro rwabo, igihugu gitemba amata n’ubuki.10Igihugu mugiye kwinjiramwo mukacegukira ntikimeze nka Egiputa mwahoramwo, aho mwaruha muvomera ibiterwa vyose nk’uwuvomera imboga.11Ariko igihugu mugiye kwinjiramwo mukacegukira ni igihugu c’imisozi n’ibiyaya kivomererwa n’imvura.12Ni igihugu Uhoraho Imana yanyu we nyene yitaho, inyonga ziwe zama kuri co kuva ku ntango y’umwaka gushika mu mpera yawo.13Rero nimwumvira mugakurikiza ivyo amabwirizwa ndabahaye uwu musi avuga, ni ukuvuga gukunda Uhoraho Imana yanyu no kumukorera n’imitima yanyu yose n’imishaha yanyu yose,14na we, azorungika imvura mu gihe cayo, iy’agatasi n’iy’impeshi, kugira ngo mushobore kwimbura ingano, imivinyu n’amavuta ya elayo.15Azotanga ubwatsi mu buragiro bw’ibitungwa vyanyu, kandi namwe muzoronka ivyo murya muhage.16Ariko rero mwirinde, mwoye guhendwa mu mitima yanyu ngo muve k’Uhoraho Imana yanyu, mukorere izindi mana mwongere muzisenge.17Nimwabikora, uburake bw’Imana buzoziriringa kuri mwebwe, hanyuma azokwugara ijuru ntiribe rigitanga imvura, kandi isi ntizoba ikimera ibiterwa. Namwe muzotikirira muri ico gihugu ciza cane Uhoraho abahaye.18Aya majambo yanje muyashire mu mitima yanyu no mu bwenge bwanyu, muyabohere ku maboko no mu ruhanga nk’ivyibutso.19Muzoyigishe abana banyu, muyaganireko iyo mwicaye i muhira n’iyo muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse.20Muzovyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu, no ku nzugi z’amarembo yanyu,21kugira ngo mwe n’abana banyu muzorambire muri ico gihugu, Uhoraho yarahiye ba sogokuruza ko azokibaha, gushika igihe ijuru rizoba rikiri hejuru y’isi.22Nimwakurikiza neza amabwirizwa mbahaye uno musi, ari yo gukunda Uhoraho Imana yanyu, kugendera mu nzira ziwe zose no kwifatanya na we,23Uhoraho na we azokwirukana ayo mahanga yose imbere yanyu, naho ari maninimanini cane, akomeye cane kubarusha, kandi muzoyigarurira.24Aho muzohonyoza ikirenge hose hazoba bahaye ahanyu. Imbibe zanyu zizova ku bugaragwa bw’i Libani, no ku ruzi Efurate zishike ku Kiyaga Mediterane co mu burengero.25Nta muntu n’umwe azoshobora kubahagarara imbere ngo abagwanye, kuko Uhoraho Imana yanyu azogwisha abantu igihumura kubera mwebwe, aho muzoja hose, nk’uko Uhoraho yabibasezeraniye.26Ehe raba uwu musi mbashize imbere imigisha n’imivumo,27imihezagiro mu gihe mwemeye kwumvira aya mabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, ayo ndabahaye uno musi,28imivumo nimwanka kwumvira aya mabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, mukava mu nzira yabategetse kugenderamwo, mugasenga izindi mana mutari bwabone.29Uhoraho Imana yanyu niyabashikana muri ico gihugu mukagifata, muzokwaturire imigisha ku musozi Gerizimu, imivumo na yo muzoyivugire ku musozi Ebalu.30Iyo misozi yose iri hakurya ya Yorodani, mu ntara y’Abanyakanani, amaja mu burengero, hafi y’ibiti vya More, mu ntara y’Abanyakanani baba muri Araba hafi y’igisagara ca Gilugali.31Ehe mugira mujabuke Yorodani mufate igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye.32Nimwagishikamwo mukakibamwo, muzoshire imitima yanyu ku gukurikiza amategeko n’ivyagezwe ndabahaye uwu musi.Biblica, Inc.