Gusubiramwo12

Ikibanza kimwe co gusengeramwo

1Aya ni yo mabwirizwa n’ivyagezwe mutegerezwa kwitwararika gukurikiza igihe cose muzoba mukiba muri kino gihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza abahaye ngo mucegukire.2Muzosangangure ibibanza vyose vyo ku misozi, ku mitumba no musi y’ibiti, aho abanyamahanga muzokwirukana bahora basengera imana zabo.3Muzomenagure ibicaniro vyabo, mumenagure n’amabuye yabo, muturire n’inkingi za Ashera, musatagure n’ibishusho vy’imana zabo, muzimanganye n’amazina y’imana zabo muri ivyo bibanza.
4Ntimuze musenge Uhoraho Imana yanyu nk’uko basenga imana zabo.5Ariko muzorondere ikibanza Uhoraho Imana yanyu azokwitoraniriza mu miryango yanyu, ikibanza izina ryayo rizokwambarizwamwo.6Abe ari ho muzoja, mujanye amashikanwa yo guturirwa hamwe n’ibimazi, ibigiracumi n’amashikanwa adasanzwe, ivyo mwasezeranye gushikanira Imana n’ivyo mutanze mwishakiye, hamwe n’imfura z’ibitungwa n’imikuku vyanyu.7Aho hantu, muri kumwe n’imiryango yanyu kandi muri imbere y’Uhoraho, aze abe ari ho muzohora murira mwongera munezerererwa ibintu vyose mwaronse kubera Uhoraho Imana yanyu yabahezagiye.
8Ntimuzobikore nk’uko tubikora ngaha, kuko ngaha umwe wese abikora uko yumva bibereye kuri we,9kubera yuko mutarashika mu gihugu c’uburuhukiro, igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye nk’iragi.10Ariko muzojabuka Yorodani mube mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye nk’iragi, kandi izobaha kuruhuka intambara mwaterwa n’abansi banyu babakikije hanyuma mwibere mu mutekano.11Mu kibanza Uhoraho Imana yanyu azoba yitoreye ngo ahashire Izina ryiwe, azobe ari ho muzomushikanira ibi ndababwiye vyose: amashikanwa yo guturirwa, hamwe n’ibimazi, ibigiracumi n’amashikanwa adasanzwe, hamwe n’ivyo mwasezeranye gushikanira Uhoraho.12Hanyuma muri ngaho, muze munezererwe kuba imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwebwe, abahungu banyu n’abakobwa banyu, abakozi b’abahungu n’abakobwa hamwe rero n’Abalewi baba mu bisagara vyanyu kuko ata matongo canke ibisagara batoranye.13Muze mwirinde ntimushikanire amashikanwa yo guturirwa aho mwishakiye.14Muzoyashikanire mu kibanza Uhoraho azotoranya mu muryango umwe mu miryango yanyu.
15Ariko murashobora kuzobagira ibitungwa vyanyu mu bisagara vyanyu, mukarya inyama uko muvyipfuza, ari nk’ingeregere canke impongo, mukurikije uko Uhoraho Imana yanyu azoba yabahezagiye. Abasanzwe bahumanye n’abadahumanye bose bashobora kuziryako.16Ariko amaraso yavyo ntimuzoyarye, muzoyasese hasi nk’amazi.17Ntimuzorire mu bisagara vyanyu ibigiracumi vy’ingano n’umuvinyu mushasha hamwe n’amavuta ya Elayo, canke imfura z’ibitungwa n’iz’imikuku vyanyu, canke ikindi kintu cose mwasezeranye gutanga caba ico mutanze mwishakiye canke ayandi mashikanwa adasanzwe.18Ahubwo muzobirire imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mu kibanza azoba yitoranirije. Muzobisangire n’abana banyu, abahungu n’abakobwa, abakozi banyu b’abahungu n’abakobwa hamwe n’Abalewi baba mu bisagara vyanyu, kandi muzonezererwe imbere y’Uhoraho mu vyo muzoba mwaronse.19Muzokwiyubare ntimufate minenerwe Abalewi bazoba bari muri mwebwe igihe cose muzoba mukiba muri ico gihugu.
20Uhoraho Imana yanyu niyamara kwagura intara zanyu nk’uko yabibasezeraniye, hanyuma mukipfuza kurya inyama, mukavuga muti: “Ndipfuza inyama” muzorye izo mushaka zose.21Hamwe na ho ikibanza Uhoraho Imana yanyu azokwihitiramwo ngo citirirwe Izina ryiwe kibaye kure yanyu, muzobage ibitungwa vyanyu Uhoraho yabahaye, nk’uko nabibabwiye, mubibagire mu bisagara vyanyu, murye ivyo mwipfuza vyose.22Muzobirye nk’uko mworya ingeregere canke impongo. Kandi bose abahumanye n’abadahumanye barashobora kuziryako.23Ariko muzokwirinde ntimurye amaraso, kuko amaraso ari bwo buzima, rero ntimuzorye ubuzima hamwe n’inyama.24Ntimuzorye amaraso, ariko muzoyasese hasi nk’amazi.25Ntimuzoyarye, kugira ngo ivyanyu, mwe n’uruvyaro rwanyu ruzokwaruka inyuma bize bigende neza, kuko muzoba mukoze ibigororotse mu nyonga z’Uhoraho.
26Ariko muzofate amashikanwa yejejwe, ayo mwasezeranye gushikana, muheze nuyatware mu kibanza Uhoraho azoba yahisemwo.27Muzoshikane ku gicaniro amashikanwa yanyu yo guturirwa, inyama hamwe n’amaraso. Amaraso y’ibimazi vyanyu muzoyasuke i ruhande y’igicaniro c’Uhoraho Imana yanyu, ariko inyama muzozirye.28Mwiyubare kugira ngo muze mwumvire aya mategeko ndabahaye yose, kugira ngo ivyanyu, mwe n’abana banyu bazokwaruka inyuma yanyu, bizokwame bigenda neza, kuko muzoba muriko murakora ibigororotse mu nyonga z’Uhoraho Imana yanyu.
29Uhoraho Imana yanyu azotikiza imbere yanyu amahanga mugiye gutera no kunyaga igihugu. Ariko nimwamara kubirukana mukaba mu gihugu cabo,30kandi bamaze kurandurwa imbere yanyu muze mwiyubare ntimuzogwe mu mutego wo kurondera kumenya ivyerekeye imana zabo, mukavuga muti: “Mbega aya mahanga yasenga imana zabo gute? Dushaka gusenga nka bo.”31Ntimuzosenge Uhoraho Imana yanyu nk’uko basenga imana zabo, kuko mu gusenga kwabo bakora ibizira vy’ubwoko bwose Uhoraho yanka. Mbere baratanga abahungu n’abakobwa babo kugira ngo baturirwe kw’ibimazi vy’ishikanwa bashikaniye imana zabo.
32Mube maso, mukurikize ivyo ndababwiye vyose, ntihagire ico mwongerako canke ngo hagire ico mukurako.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e