Gusubiramwo10

Mose ahabwa ibindi bisate vy’amabuye

1Ico gihe Uhoraho yarambariye ati: “Ibazire ibindi bisate bibiri vy’amabuye bimeze nka bimwe vya mbere, ubaze n’isandugu mu mbaho yo kubibikamwo, uheze uduge ku musozi aho ndi.2Nzokwandikira kuri ivyo bisate amajambo yari kuri bimwe wamena, uheze ubibike muri iyo sandugu.”
3Nuko nca mbaza isandugu mu giti c’ikasiya, mbaza n’ibisate vy’amabuye bibiri bimeze nka bimwe vya mbere, nca nduga ku musozi ntwaye vya bisate bibiri mu minwe.4Uhoraho yandika kuri ivyo bisate ivyo yari yanditse ku vya mbere, ari yo mabwirizwa icumi yari yababwiriye ku musozi ari mu muriro, umusi mwari mwakoranye. Ahejeje, arabimpa.5Ni ho nagaruka mvuye kuri uwo musozi, ngashira vya bisate muri ya sandugu nari nabaje nk’uko Uhoraho yari yabintegetse, kandi n’ubu ni yo biri.
6Maze Abisirayeli bafata urugendo rwo kuva ku mariba y’ahantu hitwa Bene Yakani, baja i Mosera. Aho ni ho Aroni yapfiriye, bamuhambaho, umuhungu wiwe Eliyazeri aramusubirira nk’umuherezi mukuru.7Bavuye aho bagiye i Gudigoda bashika n’i Yotubata, igihugu kirimwo inzuzi nyinshi.8Ico gihe Uhoraho yatoranije umuryango wa Lewi ngo abe ari wo urerura Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho, bagahagarara imbere y’Uhoraho, bagakora igikorwa c’ubuherezi, bakongera bagahezagira abantu mw’izina ryiwe, nk’uko babikora n’ubu.9Ni co gituma Abalewi ata co batoranye muri benewabo, kuko Uhoraho ari we mugabane wabo, nk’uko Uhoraho Imana yanyu yabibabwiye.
10Jewe rero nagumye imbere y’Uhoraho imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, nk’uko nari nabigenjeje ubwa mbere, ico gihe na ho nyene Uhoraho aranyumvira, yemera kutabarandura.11Uhoraho arambarira ati: “Genda urongore abantu bafate urugendo, binjire igihugu nasezeraniye ba sogokuruza ko nzokibaha, kibe icabo.”

Bongera kubwirwa gutinya Uhoraho no kumwumvira

12None rero Bisirayeli, mbega ico Uhoraho Imana yanyu abagombako si ukumwubaha no kugendera mu nzira ziwe zose, mukamukunda, mukamukorera n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose,13no gukurikiza amabwirizwa n’amategeko y’Uhoraho ndabahaye uwu musi, ku bw’ineza yanyu?
14Ijuru ndetse n’amajuru yo hejuru cane hamwe n’isi n’ibiri muri yo vyose ni ivy’Uhoraho Imana yanyu.15Ariko Uhoraho yerekanye umutima w’urukundo kuri ba sogokuruza banyu, arabakunda, hanyuma atoranya mwebwe uruvyaro rwabo, abarutisha ayandi mahanga yose nk’uko biri uno musi.16Nuko rero nimukebwe mu mitima yanyu, muve mu bugarariji.17Kuko Uhoraho Imana yanyu ari Imana isumba ivyitwa imana vyose, akaba Umwami w’abami, Imana ihambaye, ikomeye kandi y’igitangaza, idahengamira kuri nkunzi kandi idahabwa igiturire.18Iburanira impfuvyi n’abapfakazi, ikunda abanyamahanga baba hagati muri mwebwe, ikabagaburira, ikabambika.19None rero namwe mukunde abanyamahanga bari muri mwebwe, kuko namwe mwigeze kuba abanyamahanga muri Egiputa.20Mutinye Uhoraho Imana yanyu, bifatanije no kumwubaha, kandi mumukorere. Mwifatanye na we, indahiro yanyu ibe izina ryiwe.21Ni yo Mana yanyu, ni yo yonyene ikwiye gushimwa, iyakoze ibitangaza biteye ubwoba nk’ivyo mwiboneye n’amaso yanyu.22Ba sogokuruza banyu bamanutse muri Egiputa bari mirongo indwi bose hamwe, ariko raba ubu Uhoraho Imana yanyu yarabagwijije mungana n’inyeyeri zo kw’ijuru.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e