Kolosayi4

1Ba shebuja, mugirire ibigororotse kandi bibereye abagurano banyu, kuko mubizi namwe ko mufise Shobuja Mukuru mw’ijuru.

Impanuro zo guherezako

2Mushishikare gusenga, mube maso kandi mushima.3Kandi natwe mudusengere, kugira ngo Imana itwugururire umuryango wo kuvuga Ubutumwa, tumenyeshe abantu ibanga rya Kristo, iryo mbohewe.4Munsengere kugira ngo ndaryamamaze mu buryo butomoye, nk’uko ntegerezwa.5Mugire ubwenge ku kuntu mubana n’abantu bo hanze; kandi mukoreshe neza akaryo kose muhawe.6Ibiyago vyanyu bibe vyuzuyemwo ubuntu, birunzwe umunyu, kugira ngo mumenye uko mwishura umuntu wese.

Gusezera n’intasho

7Tukiko azobabwira amakuru yose anyerekeye. Ni mwene Data dukunda, umukozi w’umwizigirwa, uwo dusangiye igikorwa c’Umwami.8Ni muri iyo ntumbero ndamubarungikiye, kugira ngo mumenye uko tumerewe yongere aremeshe imitima yanyu.9Azananye na Onezime, umuvukanyi w’umwizigirwa, umwe muri mwebwe. Bazobabwira ibiriko birabera hano vyose.
10Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)
11Yesu twita Yusito, na we nyene arabaramutsa. Abo ni bo bonyene bo mu Bayuda dukorana ivy’Ubwami bw’Imana, kandi bambereye indemeshanyo ikomeye cane.
12Epafura, umwe muri mwebwe kandi akaba umukozi wa Kristo Yesu, arabaramutsa. Yama imisi yose abagwanira intambara mu gusenga, kugira ngo muhagarare mushikamye, mukuze mu mpwemu kandi mushize amanga, mwiteguriye gukora ivyo Imana igomba vyose.13Ndamushingira intahe ko yitanga ku bwanyu mwe n’ab’i Lawodikiya bose n’i Hiyerapolisi.
14Muganga Luka, umuvukanyi akaba n’umugenzi, na Dema barabaramutsa.
15Muntahirize abavukanyi b’i Lawodikiya, na Nimfa hamwe n’ishengero rikoranira mu nzu yiwe.
16Iri kete nimwamara kurisomerwa, mukore ibishoboka vyose kugira ngo risomerwe abo mw’ishengero ry’i Lawodikiya, kandi namwe muze musome iryo bazobarungikira.
17Mumbwirire Arukipo muti: “Gira ibishoboka vyose ushitse igikorwa wahawe n’Umwami.”
18Jewe Pawulo, ndabandikiye ndabatasha n’ukuboko kwanje. Ubuntu bw’Imana bubane namwe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e