1 Tesalonike1
1Twebwe Pawulo, Silasi na Timoteyo,
Turabandikiye, mwebwe abo mw’ishengero ry’i Tesalonike bari mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo:
Ubuntu n’amahoro bibane namwe.
Turabandikiye, mwebwe abo mw’ishengero ry’i Tesalonike bari mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo:
Ubuntu n’amahoro bibane namwe.
Gushima ukwizera kw’ab’i Tesalonike
2Twama dushima Imana ku bwanyu, kandi tubasengera ubudahumeka.3Iyo tubasengera ku Mana ari yo Data, twama twibuka ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, ibikorwa vyanyu bisunitswe n’urukundo, hamwe rero n’ukwihangana kuva mu vyizigiro mufise mu Mwami wacu Yesu Kristo.4Bene Data, bakundwa b’Imana, turazi neza ko Imana ibakunda, kandi ko yabatoranije,5kuko Ubutumwa Bwiza twabazaniye atari amajambo gusa, ariko bwarimwo ubushobozi, kuko Mpwemu Yera yabahaye ukwemezwa mu mitima ko ivyo twababwira kwari ukuri. Kandi murazi ingene twigenza muri mwebwe ku bwanyu.6Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.7Ni co gituma mwabaye akarorero ku bandi bizera b’i Makedoniya no muri Akaya hose.8Ijambo ry’Umwami wacu ryarasamiranye riva iwanyu, ntiryashika i Makedoniya no muri Akaya gusa, ahubwo ukwizera Imana kwanyu kwaramenyekanye hose. Ni co gituma tutarinda kugira ico tubabwira ku vy’ukwo kwizera,9kuko na bo nyene ubwabo bama bavuga ukuntu mwatwakiriye neza, n’ukuntu mwahevye ibigirwamana mugahindukirira Imana nzima kandi y’ukuri.10Kandi baranavuga ukuntu mwiteganye igishika ukugaruka kw’Umwana w’Imana azoza avuye mw’ijuru, ari we Yesu, uwo Imana yazuye mu bapfuye. Ni we yadukijije uburake buzoza.Biblica, Inc.