Kolosayi3
Uburyo umuntu yobaho ubuzima bwejejwe
1None rero ko mwazuranywe na Kristo, mushire imitima yanyu ku biri mw’ijuru, aho Kristo yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana.2Ubwenge bwanyu mubushire ku biri mw’ijuru, ntimubushire ku biri mw’isi.3Kuko mwapfuye, ubugingo bwanyu bukaba buhishijwe hamwe na Kristo mu Mana.4Aho Kristo, we bugingo bwanyu azoserukira, namwe muzoserukana na we muri mu bwiza.5Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.6Kuko ivyo bizotuma uburake bw’Imana buza.7Kera namwe mwabigenderamwo, mukiri mu buzima bwanyu bwo mw’isi.8Ariko ubu mukwiye kwiyambura ibintu vyose bisa n’ibi: uburake, kujingitwa, ububi bwose, kuvuga abandi nabi, kandi ntihagire amajambo ateye isoni asohoka ava mu kanwa kanyu.9Ntimukabeshane kuko mwiyambuye wa muntu wa kera n’ibikorwa vyiwe,10mukambara umuntu mushasha. Uwo na we yama ahinduka mu gutahura, akama arondera gusa n’Umuremyi wiwe.11Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.12Nuko rero nk’abatoranijwe n’Imana, bera kandi bakundwa cane, mwambare umutima w’ikigongwe, ubugwaneza, guca bugufi, ubwitonzi no kwihangana.13Mushigikirane kandi mubabarirane iyo umuntu agize ico apfa na mugenziwe. Mubabarirane nk’uko Umwami Yesu yabababariye namwe.14Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.15Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu. Kuko nk’uko mugize ingingo z’umubiri umwe, mwahamagariwe kubana mu mahoro. Kandi mube abama bashima.16Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano muhawe na Mpwemu mushima Imana mu mitima yanyu.17Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.Uko Umukristo akwiye kubana n’abandi
18Bagore, mwumvire abagabo banyu, nk’uko bibereye ab’Umwami wacu.19Bagabo, mukunde abagore banyu ntimubababaze ku mitima.20Bana, mwubahe abavyeyi banyu muri vyose, kuko ari vyo bihimbara Umwami wacu.21Ba se, ntimukabere abana banyu umururazi, vyotuma bacika intege.22Bagurano, mwumvire ba shobuja bo muri iyi si muri vyose; kandi mubigire atari iyo babahagarikiye gusa murondera ko bobashima, ariko mubikore n’umutima ubikunze mubitewe no kwubaha Umwami wacu.23Ivyo mukora vyose muhore mubikorana umutima wanyu wose, nk’aho mwoba muriko mubikorera Umwami wacu, atari abantu,24kuko muzi ko muzohabwa n’Umwami wacu, umugabane wanyu nk’impera. Uwo Mwami mukorera ni Kristo.25Uwukora ikibi azohembwa ikibi, kuko Imana idaca urwa nkunzi.Biblica, Inc.