Kolosayi2

1Ndashaka ko mumenya ukuntu ndabagwanira intambara ihambaye mwebwe n’ab’i Lawodikiya, hamwe n’abatarigera bambona na rimwe bose.2Intumbero yanje ni uko bose baremeshwa mu mitima yabo bari mu bumwe buva mu rukundo, kugira ngo bagire ubutunzi bwuzuye buva mu gutahura gushitse, gutuma bamenya ibanga ry’Imana, ari ryo Kristo.3Muri we ni ho ubutunzi bwose bw’ubwenge no kumenya bihishijwe.4Ndababwiye ivyo kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe abahendesha akarimi gasosa.5Kuko n’aho tutari kumwe mu mubiri, ndi kumwe namwe mu mpwemu nkanezerezwa no kubabona muhagaze neza kandi mushikamye mu kwizera Kristo kwanyu.

Ubuzima bunengesereye muri Kristo

6Nuko rero, nk’uko mwakiriye Kristo Yesu nk’Umwami, abe ari ko mushishikara kuba muri we,7mushinze imizi kandi mwubatswe neza muri we, mukomeye mu kwizera nk’uko mwigishijwe, kandi amashimwe yanyu ari menshi asesekaye.
8Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abagira inyagano akoresheje amajambo y’uruhendo, yubakiye ku migenzo y’abantu hamwe n’ivya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ariko atari ivya Kristo.
9Kuko muri Kristo ari ho ukunengesera kw’Imana kuza kukaba mu buryo bw’umubiri.10Kandi mwahawe ukunengesera muri Kristo, we mutwe w’ubukuru bwose n’ukuganza kwose.11Muri we mwarakebwe ugukebwa kutari ukwo mu buryo bw’umubiri. Ni ugukebwa mwakebwe na Kristo kwo kubambura akamere k’icaha12Kuko igihe mwabatizwa mwahambanywe na we hanyuma muzukana na we kugira ngo mubeho ubuzima bushasha mwaronse biciye mu kwizera ubushobozi bw’Imana, yamuzuye imukuye mu bapfuye.
13Igihe mwari mugipfuye mwishwe n’ivyaha vyanyu hamwe no kudakebwa kwa kamere kanyu k’icaha, Imana yabahinduye bazima muri Kristo. Yaduhariye ivyaha vyacu vyose,14ihindura ubusa icanditswe catwagiriza kandi cadutsindisha; igikuraho, ikibamba ku musaraba.15Yambuye ibigwanisho abakuru n’abatware, abateterereza ahabona mu maso ya bose, abaneshesheje uwo musaraba.

Umwidegemvyo ku mabwirizwa y’abantu

16Nuko rero ntimwemere ko hagira umuntu n’umwe abacira urubanza ku vyo murya canke munywa, canke ku misi mikuru y’idini, iy’ukwezi guserutse canke umusi w’Isabato.17Ivyo vyari igitutu c’ivyari bigiye kuzoza; ariko ishusho y’ukuri yari umubiri wa Kristo ubwiwe.18Ntihagire umuntu n’umwe abacira urubanza kubera inyungu mbi yishimikije uguca bugufi kutari kwo no gusenga abamarayika. Yihayagiza ko ivyo ari ivyo yeretswe. Ubwenge bwabo bwuzuye ivyaha butuma bishira hejuru ku vy’ubusa gusa.19Ntibagifatanye n’umutwe, ari wo Kristo, umubiri wose wisunga, ufatanijwe n’imitsi n’imisokoro, ugakura uko Imana ibitegetse.
20Ko mwapfanye na Kristo ku vya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ni kuki, nk’aho mukiganzwa na yo, mucumvira amategeko yayo avuga ngo:21“Ntufate iki! Ntiwumvirize kuri kirya! Ntukore kuri kiriya!”?22Amategeko nk’ayo ni inyigisho z’abantu zijanye n’ibintu bigenda birahera uko tuba turiko turabikoresha.23Ayo mategeko mu vy’ukuri aboneka nk’aho womenga arimwo ubwenge, kuko asaba abantu gusenga uko bibwirije, no kwiyanka hamwe no kubabaza umubiri. Ariko nta bushobozi na bukeya afise bwo kunesha ivyipfuzo vy’umubiri.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e