2 Samweli8

Ukunesha kwa Dawidi

1Inyuma y’ivyo, Dawidi atera Abafilisitiya arabanesha, abagira abagurano biwe mu kubanyaga igisagara kinini citwa Gati.
2Dawidi arongera anesha Abanyamowabu. Abaryamika hasi ku murongo abapimisha umugozi; aca yica ibice bibiri vya bitatu vy’abaryamye, asigaza ica gatatu gusa. Nuko Abanyamowabu atishe abagira abagurano biwe bakama bamuzanira amashikanwa yo kumwisaba.
3Dawidi yongera anesha Hadadezeri mwene Rehobu umwami w’i Zoba, igihe yagomba kugarukana icibutso ciwe mu karere k’uruzi Efurate.4Dawidi amunyaga imikogote igihumbi, abayigenderamwo ibihumbi indwi n’abasoda bagwanira ku maguru ibihumbi mirongo ibiri. Acagagura ibinono vy’amafarasi akwega iyo mikogote, asigaza ayo gukwega imikogote ijana gusa.
5Maze Abaramu b’i Damasiko baja gutabara Hadadezeri umwami w’i Zoba, Dawidi abicamwo abantu ibihumbi mirongo ibiri na bibiri.6Aca ashinga ibirindiro i Damasiko ku mugwa mukuru w’i Siriya kandi Abaramu bacika abagurano biwe, bakama bamuzanira amashikanwa yo kumwisaba. Uhoraho yama aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.
7Dawidi afata inkinzo z’inzahabu zari iz’intwazangabo za Hadadezeri azijana i Yerusalemu.8Mu bisagara vy’i Beta n’i Berotayi vyari ivya Hadadezeri, umwami Dawidi ahanyaga ubutare bwinshi bw’umwakaka.
9Maze Towi umwami w’i Hamati yumvise ko Dawidi yanesheje ingabo zose za Hadadezeri,10aca arungika umuhungu wiwe Yoramu ku mwami Dawidi, kumuramutsa no kumukeza kuko yanesheje Hadadezeri, yahora yama amugwanya. Yoramu agenda ajanye ibikoresho vy’ifeza, vy’inzahabu n’ivy’umwakaka.
11Umwami Dawidi aca yegurira Uhoraho ivyo bikoresho vyose, nk’uko yari yabigize ku nzahabu n’ifeza yari yakuye mu bihugu vyose yari yaranesheje ari vyo12vy’Abanyedomu, Abanyamowabu, Abamoni, Abafilisitiya, n’Abamaleki. Atanga kandi n’iminyago yose yari yakuye kwa Hadadezeri mwene Rehobu umwami w’i Zoba.
13Maze Dawidi aba rurangiranwa avuye kunesha Abanyedomu ibihumbi cumi n’umunani, abatsinze mu Kiyaya c’Umunyu.
14Ashira ibirindiro mu gihugu ca Edomu, mu gihugu cose ahashira ibirindiro, kandi Abanyedomu bose baca baba abagurano ba Dawidi. Uhoraho yama aha intsinzi Dawidi aho yaja hose.

Abakuru bo ku ngoma ya Dawidi

15Dawidi aganza Abisirayeli bose, akora ibibereye n’ibigororotse ku bantu biwe bose.16Yowabu mwene Zeruwiya ni we yari umukuru w’ingabo; Yehoshafati mwene Ahiludi na we yari umwanditsi w’ivyaja biraba;17Sadoki mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari bari abaherezi; Seraya yari umunyamabanga;18Benaya mwene Yehoyada yari ajejwe Abakereti n’Abapeleti; kandi abahungu ba Dawidi bari abarongozi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e