2 Samweli12

Natani aserura icaha ca Dawidi

1Uhoraho atuma Natani kuri Dawidi. Ashitse aho ari, amubwira ati: “Mu gisagara kimwe hariho abagabo babiri, umwe yari umutunzi, uwundi yari umukene.2Uwo mutunzi yari afise intama nyinshi cane n’ibindi bitungwa,3ariko wa mukene we nta kindi yari afise atari akagazi k’intama kamwe yari yaraguze. Yarakoroye, karakura kabana na we n’abana biwe. Karya ku ndya ziwe, kakanywera ku gikombe ciwe, kakaryama mu maboko yiwe. Kari kameze nk’agakobwa kiwe.”
4“Maze haza umushitsi kwa wa mutunzi, ariko ntiyakura muri za ntama ziwe canke mu bindi bitungwa, ivyo kuzimana umushitsi wiwe. Ahubwo, aragenda afata ka gatama ka wa mworo aba ari ko abaga azimana uwo mushitsi.”
5Dawidi ishavu riramurya, abwira Natani ati: “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, uwo muntu yakoze ivyo akwiye gupfa!6Ategerezwa kuriha ako kagazi k’intama incuro zine, kuko yakoze ikintu nk’ico ntagire akagongwe.”
7Maze Natani abwira Dawidi ati: “Uwo muntu ni wewe! Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli avuze: ‘Nagusize amavuta ngo ube umwami w’Abisirayeli, ndagukura mu kuboko kwa Sawuli.8Naguhaye inzu ya shobuja, n’abagore biwe ndabashira mu maboko yawe. Naguhaye ingoma ya Isirayeli n’iya Yuda. Kandi nimba ivyo vyari bike, nari kukwongera n’ibindi.9None ni kuki wakengereye ijambo ry’Uhoraho ugakora ikintu kibi nk’ico mu nyonga ziwe? Wicishije Uriya Umuheti inkota y’Abamoni, maze uca wigarurira umugore wiwe umugira rwawe.10None rero, uhereye ubu, inkota ntizova mu nzu yawe, kuko wankengereye ugatwara umugore wa Uriya Umuheti ukamugira rwawe.’ ”
11“Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Kubera ivyo wakoze, nzotuma ivyago bikuzako bivuye mu bo mu nzu yawe. Nzofata abagore bawe ndabahe umuntu wa hafi yawe, aryamane na bo ku murango izuba riva.12Ivyo wakoze wabikoze mw’ibanga, ariko jeho nzobikora ku murango izuba ryaka imbere y’Abisirayeli bose.’ ”
13Nuko Dawidi aratura abwira Natani ati: “Naracumuye k’Uhoraho.”
Natani aramwishura ati: “Ni vyo, mugabo Uhoraho yakugiriye ikigongwe ntugipfuye kubera ico caha.
14Ariko, kubera agakengerwe kangana gatyo werekanye k’Uhoraho mu gukora ivyo, wa mwana wavyara wewe arapfa.”
15Natani amaze gutaha, Uhoraho atuma wa mwana muka Uriya yavyarana na Dawidi agwara.16Dawidi asabira uwo mwana ku Mana kugira ngo amureke abeho. Arisonzesha, aja mu nzu yiwe amara amajoro yitembagaza hasi yambaye amagunira.17Abakuru b’umuryango wiwe bahagarara i ruhande yiwe ngo bamwinginge ave hasi, ariko aranka, kandi ntiyagira ico afungurana na bo.
18Ku musi ugira indwi wa mwana arapfa. Abishikira ba Dawidi baratinya kubimubwira, kuko biyumvira bati: “Ko yakoze ivyo, ntatwumvirize igihe uwo mwana yari akiriho, twomubwira gute ko umwana yapfuye? Erega yohava akora igikorwa c’uwihebuye.”
19Dawidi abona abantu biwe bariko barongorerana aca amenya ko wa mwana yapfuye. Arababaza ati: “Wa mwana yapfuye?”
Baramwishura bati: “Egome, yapfuye.”
20Nuko Dawidi ava hasi. Ahejeje kwiyuhagira, yisiga amavuta yambara n’impuzu ziwe, aja mu ngoro y’Uhoraho aramuhimbaza. Maze aca yisubirira iwe, asaba ko bamuzanira imfungurwa, maze arafungura.
21Abasuku biwe baramubaza bati: “Ni kuki ukoze uko? Umwana akiriho, warisonzesheje urarira, ariko ubu umwana apfuye, urahagurutse urafungura!”
22Arabishura ati: “Umwana akiriho, narisonzesheje ndarira. Nariyumviriye nti: ‘Nta wubizi, kumbure, Uhoraho ashobora kungirira ubuntu umwana agakira.’23Ariko ko yapfuye, nokwisonzeshereza iki? Mbega nosubira kumuzura? Jewe nzomusanga iyo ari, ariko we ntazogaruka aho ndi.”
24Nuko Dawidi aremesha umugore wiwe Batisheba, aragenda aryamana na we. Maze Batisheba asama iyindi nda avyara umwana w’umuhungu, bamwita Salomo. Uhoraho aramukunda;25maze kuko yamukunze, aca atuma uwavugishwa na we Natani ngo bamwite Yedidiya (risobanurwa ngo uwukunzwe n’Uhoraho).
26Muri ico gihe nyene, Yowabu yari yateye i Raba mu Bamoni araheza afata umugwa mukuru w’umwami waho.27Yowabu aca atuma intumwa kuri Dawidi, kumubwira ziti: “Nagwanye n’abantu b’i Raba kandi nafashe igisagara c’umugende ubaha amazi.28Ubu rero, koranya ingabo zisigaye zose kugira ngo uze wugarize hanyuma ufate igisagara cose. Bitabaye uko nohava ndagifata, hanyuma abantu bagaca bakinyitirira.”
29Nuko Dawidi akoranya ingabo zose aja i Raba, arahatera arahafata.30Yambura umwami waho urugori rw’ubwami rwari ku mutwe wiwe, asanga rufise uburemere bw’italanto imwe y’inzahabu, kandi rwari rusharijwe n’utubuye tw’agaciro, baca barwambika Dawidi. Atwara iminyago myinshi akuye muri ico gisagara,31atwara n’abantu bo muri ico gisagara, abashingira ibikebere, bamwe baba abasatura imbaho, abandi bagakoresha amasipiri n’incabiti, abandi bagasatura amabuye, abandi na bo bagafyatura amatafari. Ivyo abikora mu bisagara vyose vy’Abamoni. Hanyuma Dawidi n’ingabo zose basubira i Yerusalemu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e