2 Samweli13

Amunoni yonona Tamari

1Inyuma y’ivyo, Amunoni mwene Dawidi akunda cane Tamari, umukobwa mwiza bavukana kandi akaba mushiki wa Abusalomu uwundi muhungu wa Dawidi.
2Amunoni agira ivyipfuzo vyinshi bimurengeye gushika aho amera nk’uwugwaye kubera ivyo vyipfuzo. Kubera yuko Tamari atari bwigere aryamana n’umugabo, Amunoni abona ko ata kuntu ashobora kumuronka.
3Ariko Amunoni yari afise umugenzi yitwa Yonadabu mwene Shimeya, umuvukanyi wa Dawidi. Yonadabu yari umuntu aciye akenge.4Umusi umwe, abaza Amunoni ati: “Ni igiki gituma, wewe umwana w’umwami, uboneka wacitse intege uko imisi ihera? Ntiwobimbwira?”
Amunoni aramubwira ati: “Nkunda cane Tamari, mushiki wa Abusalomu umuvukanyi.”
5Yonadabu aca amubwira ati: “Reka ndakubwire uko ubigenza: genda uryame wigire nk’uwugwaye. Maze so niyaza kukuraba, uce umubwira uti: ‘Nshaka ko mushikanje Tamari yoza anzaniye ivyokurya. Abitegurire aho mbona hanyuma aheze abinyihere.’ ”
6Nuko Amunoni araryama yigira uwugwaye. Maze umwami aje kumuraba, Amunoni amubwira ati: “Nashaka ko mushikanje Tamari yoza agategurira udukate imbere yanje aho mbona, kugira ngo nshobore kuturya antamitse.”
7Dawidi atumako Tamari ku kirimba ati: “Genda ku nzu ya musazawe Amunoni umutegurire ico arya.”8Maze Tamari aja kwa musazawe Amunoni, na we akaba yari aryamye. Atwara ifu, arayicumba, akora udukate mu maso yiwe aratwotsa.9Nuko afata isahani maze amuzanira twa dukate, ariko yanka kurya.
Amunoni avuga ati: “Sohora abari hano bose.” Maze bose barasohoka.
10Nuko Amunoni abwira Tamari ati: “Nzanira ivyo vyokurya ku buriri ubinyihere.” Maze Tamari yakira twa dukate yari yateguye atuzanira musazawe Amunoni mu cumba yaryamamwo.11Ariko amuhereje ngo yakire arye, aca aramusumira aramufata amubwira ati: “Mushikanje Tamari, emera turyamane.”
12Aramwishura ati: “Oya, mwana wa data. Kandi ntumfate ku nguvu! Ikintu nk’ico ntigikwiye gukorwa mu Bisirayeli! Ntukore ikibi nk’ico.13Mbega noheza ivyo biteterwe nkabijana hehe? Mbere na wewe woba ubaye nk’umwe mu bipfamutima vyo muri Isirayeli. Ndakwinginze vugana n’umwami; kuko atokunyima ngo undongore.”14Ariko ntiyamwumviriza, kandi kuko yamurusha inkomezi, amufata ku nguvu asambana na we.
15Nuko Amunoni aca amwanka urunuka. Ndetse urwanko yamwanse rusumba urukundo yari yamukunze. Amunoni aca amubwira ati: “Va ngaha, sohoka!”
16Tamari amwishura ati: “Oya reka kunyirukana, kuko woba ukoze ikindi kibi kiruta n’ico umaze kunkorera.”
Ariko ntiyamwumviriza.
17Ahamagara umukozi wiwe ati: “Sohora uwu mukobwa ave hano uce wugara urugi.”18Nuko wa mukozi wiwe aca aramusohora, maze yugara urugi. Yari yambaye ikanzu nziza y’igiciro isharijwe amabara menshi, kuko ari ko abakobwa b’umwami batarigera baryamana n’abagabo bambara.19Tamari aca yisiga iminyota ku mutwe atabagura na ya kanzu y’amabara y’igiciro yari yambaye. Aca yikorera amaboko agenda araboroga inzira yose.
20Musazawe Abusalomu aca amubwira ati: “Mbega Amunoni, musazawe yari kumwe nawe? Ihorere, mushikanje; ni musazawe. Ntubishireko umutima.” Maze Tamari aca aja kuba mu nzu kwa musazawe Abusalomu, amera nk’umugore yahebwe.
21Umwami Dawidi avyumvise, arashavura cane.22Abusalomu ntiyigera asubira kuvugisha ikintu na kimwe Amunoni, caba ciza canke kibi; yaramwanka cane kuko yononye mushikiwe Tamari.

Abusalomu yihora Amunoni

23Imyaka ibiri iheze, mu gihe abamwa ubwoya bw’intama za Abusalomu bari i Bayali-Hazori hafi y’urugabano rwa Efurayimu, Abusalomu aca atumira abahungu b’umwami bose ngo baze mu musi mukuru.24Abusalomu ashikira umwami amubwira ati: “Umusavyi wawe naramutse nkoresha abamwa ubwoya bw’intama. Mbega umwami n’abanyacubahiro biwe bontera iteka ryo kuza kwifatanya nanje?”
25Umwami aramwishura ati: “Oya mwana. Twese ntitwoza; twohava tukubera umuzigo.” Naho Abusalomu yagumye amwinginga cane, ntiyamwemerera kugenda, ariko aramuhezagira.
26Nuko Abusalomu aca avuga ati: “Ko bidashobotse, ndakwinginze undungikire umuvukanyi wanje Amunoni wewe aze tujane.”
Umwami aramubaza ati: “Ni kuki ugomba ko ajana nawe?”
27Ariko Abusalomu aramugobera cane, maze arateba aremera ko bajana na Amunoni n’abandi bahungu b’umwami bose.
28Abusalomu aca atanga itegeko ku bantu biwe ati: “Umviriza! Murindire kugeza igihe Amunoni azoba amaze kunywa umuvinyu akaborerwa nca ndababwira nti: ‘Mwice,’ muce mumwica. Ntimutinye. Si jewe ndabibabwiye? Mukomere ntimutinye.”29Nuko rero abantu ba Abusalomu baronse ikimenyetso baca bica Amunoni nk’uko Abusalomu yari yabategetse. Nuko abahungu b’umwami bose bava hasi, burira indogoba zabo bariruka barahunga.
30Bakiri mu nzira, inkuru ishikira Dawidi ivuga iti: “Abusalomu yishe abahungu b’umwami bose; nta n’umwe muri bo yasigaye.”31Umwami arahaguruka, yitabagurirako impuzu yicara hasi; maze abagendanyi biwe bahagarara i ruhande yiwe bitabaguriyeko impuzu zabo.
32Ariko Yonadabu mwene Shimeya, uwo bavukana na Dawidi avuga ati: “Umwami wanje ntiyibwire ko bishe abaganwa bose; Amunoni wenyene ni we yapfuye. Ivyo ni ivyo Abusalomu yari yaragize umugambi kuva umusi Amunoni yonona mushikiwe Tamari.33Nyakwubahwa mwami ntushire umutima kuri iyo nkuru ivuga ko abahungu b’umwami bose bapfuye. Ni Amunoni wenyene yapfuye.”
34Ariko Abusalomu we, yari yahunze.
Hanyuma umuteramyi ari ku rugo rw’i Yerusalemu agize gutya, abona abantu benshi bariko baraza bamanuka umusozi mw’ibarabara riva mu burengero. Uwo muteramyi ariruka abibwira umwami ati: “Ndabonye abantu baje bava i Horonayimu, bari mu mbavu z’umusozi.”
35Yonadabu aca abwira umwami ati: “Ehe, abahungu b’umwami barashitse; bibaye nk’uko umusavyi wawe yabivuze.”
36Agiheza kuvuga, abahungu b’umwami binjira baboroga cane. Umwami na we nyene, n’abakozi biwe, barirana na bo cane.
37Abusalomu na we arahunga aja kwa sekuru Talumayi mwene Amihudi, umwami w’i Geshuri. Maze Dawidi agandarira umuhungu wiwe Amunoni imisi myinshi.
38Abusalomu na we arahunga aja i Geshuri, amarayo imyaka itatu.39Ariko umwami Dawidi amaze kwirurwa umubabaro wa Amunoni atangura kwiyumvira ingene yosubiza hamwe na Abusalomu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e