2 Samweli11
Dawidi na Batisheba
1Mu gihe imvura yaba itanguye kugabanuka hakaza ici, ni ho abami bahora baja mu ntambara. Maze Dawidi arungika Yowabu n’intwazangabo hamwe n’ingabo zose z’Abisirayeli kugwana. Banesha Abamoni hanyuma bugariza igisagara caho citwa Raba, ariko Dawidi wewe yigumira i Yerusalemu.2Umusi umwe, ku mugoroba Dawidi aravyuka aba aratembera ku nzu yo hejuru y’ikirimba ciwe. Maze ari aho abona umugore ariko ariyuhagira. Uwo mugore yari mwiza cane,3maze Dawidi aca arungika umuntu kugira amenye uwo mugore uwo ari we. Uwo muntu amubwira ati: “Urya si Batisheba, umukobwa wa Eliyamu akaba umugore wa Uriya Umuheti?”4Nuko Dawidi aca atuma intumwa ngo bamuzane. Aza iwe, maze bararyamana. (Yari yihumanuye avuye mu mihango yiwe.) Nuko araheza ataha iwe.5Uwo mugore aca asama inda hanyuma arungikira ubutumwa Dawidi amubwira ati: “Mfise inda.”6Nuko Dawidi aca arungikira ubutumwa Yowabu ati: “Ndungikira Uriya Umuheti.” Maze Yowabu aca aramumurungikira.7Uriya ashitse iwe, Dawidi amubaza amakuru ya Yowabu, uko ingabo zimeze n’uko urugamba rwariko ruragenda.8Maze Dawidi abwira Uriya ati: “Manuka uje iwawe woge ibirenge.” Nuko Uriya ava ku kirimba, maze umwami amukurikiza intumwa imushiriye ingabire y’inzimano.9Ariko Uriya ntiyataha iwe, ahubwo aja kwiryamira kw’irembo ry’ikirimba hamwe n’abarinzi ba shebuja.10Babwira Dawidi bati: “Erega Uriya ntiyagiye i muhira iwe.” Maze Dawidi aramubaza ati: “Ko wari uje uva ku rugendo rurerure, ni kuki utatashe i muhira?”11Uriya abwira Dawidi ati: “Isandugu y’Isezerano, Abisirayeli n’Abayuda barara mu mahema, kandi na databuja Yowabu n’abantu b’umwami barara mu gahinga. Nogenda iwanje gute nkarya nkanywa nkaryamana n’umugore wanje? Ndahiye wewe nyene sinokora ikintu nk’ico!”12Nuko Dawidi aramubwira ati: “Guma ngaha uwundi musi umwe, maze ejo nzokurungika.” Nuko Uriya aguma i Yerusalemu uwo musi n’uwukurikira.13Dawidi aramutumira ngo basangire ku mfungurwa no ku binyobwa vyiwe, aramuboreza. Ariko ku mugoroba Uriya arasohoka aja kuryama ku gisegure ciwe hamwe n’abarinzi ba shebuja, ntiyigera ataha iwe.14Bukeye mu gitondo Dawidi yandikira ikete Yowabu arirungikana Uriya.15Muri ryo yanditse ati: “Ushire Uriya imbere aho urugamba rukomeye. Maze muce mumureka wenyene mwigireyo kugira ngo bamurase apfe.”16Nuko igihe Yowabu yari agicunze igisagara bari bugarije, ashira Uriya mu kibanza yari azi ko hari abagwanyi bakomeye.17Abantu bo muri ico gisagara basohotse kugwanya Yowabu, bamwe mu ngabo za Dawidi barapfa; na Uriya Umuheti na we arapfa.18Yowabu arungikira Dawidi inkuru zo ku rugamba.19Yihanikiriza uwo yari atumye ati: “Niwaheza gushikiriza umwami iyo nkuru y’urugamba,20umwami ashobora gushavura, agaca akubaza ati: ‘Ni igiki catumye mwegera cane ico gisagara mu kugwana? Ntimwari muzi ko bashobora kubarasa imyampi bari ku ruzitiro?21Ni nde yishe Abimeleki mwene Yerubi Besheti? Si umugore yamuteye ingasiro ari ku ruzitiro, agaca apfira i Tebezi? Ni iki catumye mwegera uruzitiro?’ Niyakubaza ivyo, uce umubwira uti: ‘Kandi umusavyi wawe Uriya Umuheti na we nyene yapfuye.’ ”22Uwatumwe aragenda, maze ashitse abwira Dawidi ivyo Yowabu yamutumye vyose kuvuga.23Uwo yatumwe arongera abwira Dawidi ati: “Abagwanira igisagara baturushije inkomezi maze barasohoka baduterera inyuma y’igisagara, ariko twabashubije inyuma gushika kw’irembo ry’igisagara.24Maze abanyamiheto bari hejuru ku rugo, baca bararasa imyampi ku basavyi bawe, hanyuma bamwe mu bantu bawe barapfa. Kandi n’umusavyi wawe Uriya Umuheti yapfuye.”25Dawidi abwira iyo ntumwa ati: “Bwira Yowabu uti: ‘Ivyo ntibikubabaze; inkota irya umwe canke uwundi. Bandanya urugamba kuri ico gisagara maze ugisambure.’ Uvuge ivyo kugira ngo uremeshe Yowabu.”26Muka Uriya yumvise ko umugabo wiwe yapfuye, aramugandarira.27Ikigandaro giheze, Dawidi amuzana iwe, aba umugore wiwe maze avyarana na we umuhungu. Ariko ico umwami Dawidi yakoze kibabaza Uhoraho.Biblica, Inc.