2 Korinto8

Ugufasha abera b’Imana

1Bene Data, turashaka ko mumenya ubuntu Imana yagiriye amashengero y’i Makedoniya.2Bageragejwe n’ivyago vyinshi kandi bafise ubworo bw’akaburarugero. Ariko bafise umunezero usagutse, wagaragariye mu gutanga kwabo.3Ndabishingira intahe ko batanze uko bashoboye, ndetse n’ibirengeye uko bashoboye. Kandi batanze bavyishakiye bo nyene.4Baratwinginze kenshi ngo tubagirire ubuntu ngo bagire ico bakoze mu gutanga imfashanyo igenewe abera b’i Yerusalemu.5Bakoze ibirengeye ivyo twari twiteze, kanatsinda babanje kwitanga ubwabo, biha Umwami bongera baratwiha nk’uko Imana yabigomvye.6Ni co gituma twinginze Tito, uwabateye intege zo gutanga mu ntango, ngo agaruke abandanye ico gikorwa c’ubuntu akirangize.7Ariko nk’uko muri agakura mu kwizera, mu mvugo, mu bumenyi, mu mwete mwinshi no mu rukundo mudufitiye, mube agakura muri ubwo buntu bwo gutanga.
8Ibi sindabibabwira nk’itegeko, ariko nshaka kumenya ko urukundo rwanyu atari uruheyiheyi tugereranije n’umwete ayandi mashengero afise.9Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.
10Iyi ni yo nama yanje y’uko bikwiye kugenda: mu mwaka uheze mwabaye ab’imbere mu gushaka gutanga, ndetse muba n’ab’imbere mu kubikora.11None rero nimurangize ico gikorwa mwatanguye, kugira ngo rirya shaka mwerekanye mu ntango ribonekere mu kubishira mu ngiro. Mutange bivanye n’uko mushoboye.12Kuko iyo umuntu atanga n’umutima ubikunze, ico atanze cemerwa n’Imana uko nyene, ntimutegeka gutanga ico adafise.
13Ico twipfuza si uko bamwe boroherwa n’ubuzima namwe musigaye mu bukene, ariko ni uko mwogira ibingana.14Ubu mufise umusesekara, kandi murashoboye gufasha abakenye. Ikindi gihe kizoza aho na bo bazoba bafise umusesekara, bakabafasha mukenye. Aho ni ho hazoba hari ukungana.15Nk’uko Ivyanditswe bivuga: “Abegeranije vyinshi basanze bitarenze ivyo bakeneye, abegeranije bike na bo basanze bitari musi y’ivyo bari bakeneye.” 

Tito arungikwa kwakira imfashanyo

16Ndashima Imana yashize mu mutima wa Tito umwitwarariko nk’uwanje ku bwanyu.17Kuko yakiranye umutima mwiza ugutera intege kwacu, kandi akaba afise inyota yo kugaruka iwanyu avyishakiye.18Tumurungikanye n’uwundi mwene Data ashimwa n’amashengero yose ku bw’ibikorwa vyiwe vy’Ubutumwa Bwiza.19Kandi ishengero ni ryo ryamugenye ngo aduherekeze dutwaye imfashanyo i Yerusalemu, ico ni igikorwa c’ubuntu gihesha Imana icubahiro, kikerekana umwete dufise mu gufasha abatishoboye.20Dushaka ko ata wodutora utunenge mu buryo dutanga izo mfashanyo.21Kuko twipfuza kubikora neza mu bwizigirwa, atari imbere y’Imana, ariko no mu maso y’abantu.
22Tubarungikanye kandi n’uwundi mwene Data twabonyemwo ishaka muri vyinshi. Noneho iryo shaka ryabaye ryinshi ku bw’ivyizigiro afise muri mwebwe.23Nayo Tito we, ni umugenzi dufatanije igikorwa muri mwebwe; abo bandi bene Data na bo, ni intumwa z’amashengero, kandi bubaha Kristo.24Nuko rero nimubereke, imbere y’amashengero, icemeza ko urukundo mubafitiye ari urw’ukuri kandi ko dufise imvo ituma tubanezerererwa.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e