2 Korinto7
1None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.
Kandi icongeye ku kuntu mwaduteye intege, twaranezerewe cane no kubona ingene Tito yari anezerejwe n’ukuntu mwaruhuye umutima wiwe.14Naramubwiye ingene nabanezererewe, kandi ntimwigeze mumaramaza. Ariko nk’uko ivyo twababwiye vyose vyari ivy’ukuri, n’ukubirata kwacu kuri Tito kwari ukw’ukuri.15Kandi iyo yibutse ingene mwese mwamwumvira n’ukuntu mwamwakiranye igitinyiro n’icubahiro cinshi, umutima wiwe urushirizaho kubagirira igishika.16Ndanezerewe cane kuko nshobora kubizera muri vyose.
Pawulo anezerererwa ukwihana kw’ishengero
2Turabinginze ngo mutwugururire imitima yanyu. Nta we twacumuyeko, kandi nta we twazimije, kandi nta we twarondeyeko inyungu.3Ibi sindiko ndabivuga mu kubacira urubanza. Nababwiye ko muri mu mitima yacu, kandi ko turi kumwe namwe dupfa canke tubaho.4Ndabizeye cane kandi ndabanezererewe cane. Mwaranteye intege cane, kandi mu mibabaro yose naciyemwo, umunezero wanje urasesekaye.5Igihe twashika i Makedoniya, imibiri yacu ntiyigeze ironka agahengwe. Twahuye n’ingorane nyinshi: intambara zari zidukikuje, hamwe n’ubwoba bwari mu mitima yacu.6Ariko Imana itera intege abihebuye yatwiruje ukuza kwa Tito.7Twaranezerewe tumubonye tukumva n’ubutumwa buremesha mwamurungikanye. Amaze kumbwira ingene mwipfuza ko nza iwanyu, n’ukuntu mubabajwe n’ivyadushikiye, hamwe n’ishaka mwerekanye mu kunyitaho, umunezero wanje wabaye uw’akaburarugero.8Naho nabateye imibabaro mw’ikete nabarungikiye, sindavyicuza. Naho nari nicujije ubwa mbere kubera nari nabonye ko nabababaje, wari umubabaro w’akanya gato.9Ubu ndanezerewe kubona nararibandikiye, atari kubera vyabababaje, ariko kubera umubabaro vyabateye watumye mwihana mugaheba inzira zanyu mbi. Ni wo mubabaro Imana ishaka ku bantu bayo, ari na co gituma, mu buryo bumwe canke ubundi, atari twebwe twabababaje.10Umubabaro uvuye ku Mana utera ukwihana, ukwihana na kwo gushikana ku gakiza, kandi ntutera ukwicuza. Ariko umubabaro wo muri iyi si ujana mu rupfu.11Nimurabe ico uwo mubabaro uvuye ku Mana wakoze muri mwebwe: wabateye umwete mwinshi, ishaka ryinshi ryo kugaragaza ko ata co mwagirizwa, kubabazwa n’akarenganyo, gutinya, inkumbu, ishaka, umwitwaririko wo kubona icaha gihanwa. Muri ivyo vyose mwarerekanye ko mwejejwe.12Intumbero yanje rero ntiyari ukwandika ku bagize nabi canke abagiriwe nabi. Nabandikiye kugira ngo mu nyonga z’Imana umwitwarariko mudufitiye ugaragare.13Ivyo rero vyaraduteye intege.Kandi icongeye ku kuntu mwaduteye intege, twaranezerewe cane no kubona ingene Tito yari anezerejwe n’ukuntu mwaruhuye umutima wiwe.14Naramubwiye ingene nabanezererewe, kandi ntimwigeze mumaramaza. Ariko nk’uko ivyo twababwiye vyose vyari ivy’ukuri, n’ukubirata kwacu kuri Tito kwari ukw’ukuri.15Kandi iyo yibutse ingene mwese mwamwumvira n’ukuntu mwamwakiranye igitinyiro n’icubahiro cinshi, umutima wiwe urushirizaho kubagirira igishika.16Ndanezerewe cane kuko nshobora kubizera muri vyose.
Biblica, Inc.