2 Korinto9

1Ntivyari bikwiye ko ndinda kubandikira mwebwe abizera ivyerekeye iki gikorwa co gutanga,2kuko ndazi inyota mufise yo gufasha. Namye ndavyirata kw’ishengero ry’i Makedoniya, ndababwira ko kuva mu mwaka uheze mwebwe abo muri Akaya mwari mwamaze kuvyitegurira, kandi ishaka ryanyu ni ryo ryatumye benshi bo mw’ishengero ry’i Makedoniya batangura gutanga.3Ariko ndungitse abo bene Data kugira ngo menye neza ko mwiteguye nk’uko nababwiye, kandi kugira mwegeranye imfashanyo zanyu. Sinshaka ko ivyirato vyanje ku bwanyu vyoba ivy’ubusa.4Kuko hamwe hogira ab’i Makedoniya tuzanana hanyuma bagasanga mutiteguye, twomaramara, ariko mwebwe mwomaramara kurusha kuko mwabivuganye ugushira amanga.5Ni co gituma nabonye ko ari nkenerwa kwinginga bene Data ngo babagendere imbere yuko nza kugira ngo batunganye neza ico gikorwa co gutanga mwiyemeje. Mubitegure nk’igikorwa kivuye mu rukundo, atari ico musunikiwemwo.

Gutanga ubikunze

6Mwibuke bene Data: ababiba bike bimbura bike, kandi ababiba vyinshi bimbura vyinshi.7Umuntu wese atange ikivuye ku mutima. Ntimupfe gutanga canke ngo mutange kuko mubitegetswe, kuko Imana ikunda uwutangana umunezero.8Imana irashoboye kubuzuza ubuntu bwayo kugira ngo muri vyose na hose muronke ivyo mukeneye, mugire n’ibisagutse bituma mukora igikorwa ciza cose.9Nk’uko Ivyanditswe bibivuga:“Batanga n’umutima wagutse mu guha abakene,ibikorwa vyabo bizokwama vyibukwa ibihe bidashira.” 
10None rero uwuha imbuto umurimyi akamuha n’ivyokurya, azobuzuriza imbuto mu bigega, yongere agwize umwimbu w’ukugororoka kwanyu.11Muzotungishwa mu buryo bwose kugira ngo muronke ico mutanga aho bizoba bikenewe hose, kandi imfashanyo muduha zizotuma abazironka bahimbaza Imana.
12Ico gikorwa ntikizofasha mu kuronsa abera ivyo bakeneye gusa, ariko kizotuma kandi bahimbaza Imana n’umunezero mwinshi muriko muragikora.13Kubera igikorwa mukora, bazohimbaza Imana kubera ukwumvira kwanyu guherekeza Ubutumwa Bwiza bwa Kristo muvuga, n’umutima w’urukundo mwerekana mu kubafasha no mu gufasha n’abandi na bo.14Kandi bazobasengera n’umutima w’urukundo, kubera ubuntu busesekaye Imana yabagiriye.15Imana ishimwe ku bw’iyi ngabire yayo y’akaburarugero!

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e