1 Tesalonike2
Ingene Ubutumwa bwashitse i Tesalonike
1Bene Data, murazi neza ko ukubagendera kwacu kutabaye impfagusa.2Nk’uko mubizi, twari twabanje kubabarizwa twongera ducokorerwa i Filipi, ariko Imana iduha gushira ubwoba, tubabwira Ubutumwa Bwiza naho twariko turagwanywa bikomeye.3Kubatera intege kwacu ntikwavuye ku buzimire canke ku ntumbero mbi twari dufise, kandi ntitwarondera kubahenda.4Ariko, twabigisha kuko twemewe n’Imana ikaba kandi yatujeje kuvuga Ubutumwa Bwiza. Ntituriko tugerageza kunezereza abantu, ariko dushaka kunezereza Imana, kuko ari yo isuzuma ivyiyumviro biri mu mitima yacu.5Murazi ko tutigeze na rimwe dukoresha amajambo yo kubaryosharyosha gusa, canke ngo tugerageze kwiyerekana uko tutari, twironderera amaronko. Imana ni yo cabona cacu.6Ntitwigeze na rimwe turondera guhabwa icubahiro n’abantu, baba mwebwe, canke uwundi muntu uwo ari we wese, naho kubera turi intumwa za Kristo twari twemerewe kugira ivyo tubasavye dukoresheje ububasha dufise.7Ahubwo, twicishije bugufi tumera nk’abana batoya muri mwebwe.Twari tumeze kurya kw’umuvyeyi ariko yitaho abana biwe.8Twarabakunze cane bituma tutababwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana gusa, ahubwo twabahaye n’ubuzima bwacu na bwo.9Nta nkeka, bene Data, ko mwibuka uburuhe n’ukubabazwa vyacu; ingene twakora ijoro n’umurango kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe turemera igihe twariko tubabwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana.10Namwe muri ivyabona hamwe n’Imana, vy’ingene twigenza hagati yanyu, twejejwe, tugororotse kandi turi inyankamugayo rwose.11Murazi ingene twafata umwumwe wese muri mwebwe nk’uko umuvyeyi afata abana biwe.12Twarabatera intege, tukabaremesha, tukabahimiriza ngo mubeho ubuzima bubereye abantu b’Imana, yo yabahamagariye kuba mu Bwami bwayo n’ubwiza vyayo.13Turashima Imana kandi ko igihe mwakira ijambo ry’Imana mwatwumvanye, mutaryakiriye nk’amajambo asanzwe y’abantu, ariko mwaryakiriye nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko. Kandi iryo jambo ni ryo ribandanya gukorera muri mwebwe abizera.14Bene Data, namwe kubera mwemeye gufatira icitegererezo ku mashengero y’Imana ari i Yudaya arimwo abizera Yesu Kristo, ni co gituma muhamwa n’ab’iwanyu nk’uko ayo mashengero na yo yahamwe n’Abayuda,15ari bo bishe Umwami Yesu n’abavugishwa, natwe bakatwangaza. Babaye igisesema ku Mana, bongera baba abansi b’abantu bose,16mu kugerageza kutubuza kwigisha Abanyamahanga kugira ngo bakizwe. Mu gukora ivyo, birundanijeko ivyaha. Nico gituma uburake bw’Imana bwabashitseko.
Inkumbu za Pawulo
17Ariko bene Data, tumaze gutandukana vy’akanya gato (ku bw’imibiri atari ku bw’imitima), twakoze uko dushoboye kwose kugira ngo tugaruke kubagendera kuko twari tubakumbuye cane.18Twaripfuje kuza iwanyu, kandi jewe Pawulo navyipfuje kenshi, ariko Satani aradutangira.19Mbega ikidutera ivyizigiro n’umunezero canke igitsibo tuzokwirata imbere y’Umwami wacu Yesu Kristo igihe azozira ni ikihe? Si mwebwe?20Ni ivy’ukuri, muri ubwiza n’umunezero vyacu.Biblica, Inc.