1 Tesalonike3

1Ariko tubonye tutagishoboye kwihanganira kutamenya amakuru yanyu, twahisemwo gusigara twenyene muri Atenayi,2duca tubarungikira Timoteyo ngo abagendere. Ni mwene Data akorera Imana hamwe natwe mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo. Tumurungitse kugira ngo abakomeze, yongere abaremeshe mu kwizera kwanyu,3maze ntimunyiganyizwe n’ibibagerageza. Ariko murazi neza ko ivyo biri mu vyo twateguriwe.4N’igihe twari kumwe namwe, twamye tubaburira ko dushobora guhamwa, kandi vyabaye uko nyene nk’uko na mwebwe mubizi neza.5Ni co gituma rero, kuko ntari ngishoboye kuvyihanganira, naciye ndungika Timoteyo kugira ngo nshobore kumenya ko ukwizera kwanyu kwoba kugikomeye. Nari mfise ubwoba ko wa mugeragezi yoba yarabagerageje, maze igikorwa cacu muri mwebwe kikaba cabaye impfagusa.

Amakuru meza ya Timoteyo

6Ubu rero Timoteyo aherutse kugaruka avuye iwanyu, kandi yatuzaniye inkuru nziza y’ukwizera n’urukundo vyanyu. Yatubwiye ko mugira umunezero iyo mutwibutse, kandi ko mwipfuza gusubira kutubona nk’uko natwe twipfuza gusubira kubabona.7None rero bene Data, mu mibabaro n’ihamwa vyacu, turaremeshwa n’ukwo kwizera kwanyu.8Kumenya ko muhagaze mutanyiganyiga mu Mwami bisubiza intege mu buzima bwacu.9Mbega ni gute twoshimira Imana bikwiye umunezero dufise ku bwanyu?10Dusenga ubudahumeka ijoro n’umurango, kugira ngo bikunde tugaruke iwanyu tubafashishe ivyo muhajije mu kwizera kwanyu.
11Imana yo nyene ari yo Data, n’Umwami wacu Yesu Kristo, baducire inzira kugira ngo dushobore kuzobagendera vuba.12Kandi dusenga ngo Imana yongereze kandi isesekaze urukundo mugiriranira hagati yanyu, n’abandi bose, nk’uko urwacu rumeze kuri mwebwe.13Imana ikomeze imitima yanyu kugira ngo muzosangwe mutagira agasembwa, muri abera imbere y’Imana yacu ari yo Data wa twese, aho Umwami wacu Yesu azogarukira azananye n’abera biwe. Amen.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e