1 Petero5

Ku barongozi mw’ishengero n’abizera

1Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa:2mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene.3Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho.4Kandi aho Umwungere Mukuru azoserukira, muzohabwa urugori rw’ubwiza rutazokwigera rutakaza ubwiza.
5Rwaruka, namwe mwubahe uburongozi bw’ishengero. Kandi umwe wese muri mwebwe yicishe bugufi imbere ya mugenziwe kuko,“Imana igwanya abibonaariko igirira ubuntu abicisha bugufi.” 
6Nuko rero mwicishe bugufi, musi y’ikiganza c’Imana c’ubushobozi kugira ngo ize ibashire hejuru mu gihe gikwiye.7Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.
8Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.9Mumugwanye mushikamye mu kwizera, kuko muzi yuko bene So benshi bariko baraca mu mibabaro nk’iyo mw’isi yose.
10Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.11Ubushobozi ni ubwayo ibihe bidashira. Amen.

Intasho

12Iri kete rigufi ndaryanditse mfashijwe na Silasi, uwo mfata nka mwene Data w’umwizigirwa, kugira ngo ndabatere intege kandi ndabamenyeshe ko ivyo muriko muracamwo ari ubuntu bw’Imana bw’ukuri. Nuko muhagarare mushikamye muri ubwo buntu.
13Ishengero riri i Babiloni ryatoranijwe co kimwe namwe rirabaramutsa, n’umwana wanje Mariko na we arabaramutsa.
14Muramukanishe indamukanyo y’urukundo.
Amahoro abe kuri mwebwe mwese abari muri Kristo!

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e