2 Petero1

1Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo,
Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:
2Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye, ivyo muronkeshwa no kumenya Imana na Yesu Umwami wacu.

Umuhamagaro n’ugutoranywa vy’Abakristo

3Ubushobozi bw’ubumana bwiwe bwaduhaye ivya nkenerwa vyose kugira ngo tubeho twubaha Imana biciye mu kumenya uwaduhamagaje ubwiza bwiwe n’ukugira neza kwiwe.4Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.
5Kubera iyo mvo nyene, mugire umwete kugira ngo ku kwizera kwanyu mwongereko ingeso nziza, ku ngeso nziza mwongereko ubumenyi;6ku bumenyi mwongereko ukwirinda; ku kwirinda mwongereko ugushishikara; ku gushishikara mwongereko kwubaha Imana;7ku kwubaha Imana mwongereko kugiriranira igishika; kugiriranira igishika mukwongereko urukundo.8Kuko nimwagira ivyo muri mwebwe kandi bigashishikara kugwira, bizobarinda kuba imburakimazi no kuba ingumba mu kumenya Umwami wacu Yesu Kristo.9Ariko umuntu wese atabifise, abona hafi kandi ni impumyi. Yibagiye ko yogejwe ivyaha vyiwe vya kera.
10Nuko rero bene Data, murushirize kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara,11kandi muzokwakiranwa igishika gikomeye mu Bwami budashira bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.

Ubuvugishwa buva mu Vyanditswe

12Ibi nzokwama ndabibibutsa, naho mubizi kandi mumaze gushinga imizi mu kuri mwigishijwe.13Nibaza ko ari vyiza kubibibutsa nkiri muri uru rusago ari rwo mubiri,14kuko nzi ko vuba cane ngiye kuwamburwa, nk’uko Umwami Yesu Kristo yabimenyesheje.15Kandi nzogira umwete kugira ngo ninamara kugenda muze mwame muvyibuka.
16Ntitwakurikiye imigani yashizweho n’ubwenge bw’abantu gusa igihe twababwira ivyo kuza mu bushobozi kw’Umwami wacu Yesu Kristo, ariko twebwe twari ivyabona, kuko twiboneye ubwiza bwiwe bw’akaburarugero.17Yahawe na Data Imana icubahiro n’ubwiza igihe ijwi rivuye mu bwiza burengeje ryavuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara.” 18Twebwe ubwacu twariyumviye iryo jwi rivuye mw’ijuru igihe twari kumwe na we kuri wa musozi wejejwe.
19Kandi dufise n’ijambo ry’ubuvugishwa rirushaho kuba iryo kwizerwa. Namwe muzoba mugize neza nimwaryumvira, kuko rimeze kurya kw’itara rimurika ahantu hari umwijima, gushika umutwenzi ubonetse, aho inyenyeri yo mu gaturuturu izoserukira mu mitima yanyu.20Ikirengeye vyose, mumenye ko ata buvugishwa bwo mu Vyanditswe Vyera bushobora gusigurwa nk’uko umuntu yigombeye,21kuko ubuvugishwa butava mu gushaka kw’umuntu, ahubwo abavugishwa bavuga ibivuye ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e