1 Petero4
Ubuzima bwiyeguriye Imana
1Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.2Kandi uhereye ico gihe, imisi yose asigaje kubaho, ntaba akirongorwa n’ivyipfuzo vy’umubiri, ariko abaho arongorwa n’ivyo Imana igomba.3Muri kahise mwamaze umwanya munini mukora ivyo abapagani bakunda gukora: ubusambanyi, kwipfuza, kuborerwa, ivy’isoni nke no gusenga ibigirwamana.4Ni co gituma, abo mwabikorana kera, batangara babonye mutagifatanije na bo muri vyo, bigatuma babavuga nabi.5Ariko mwibuke ko bazorenguka imbere y’intebe y’imanza y’Imana kugira ngo babazwe ivyo bakoze vyose, igihe izocira urubanza abantu bose, abazoba bakiriho n’abazoba barapfuye.6Ni co gituma Ubutumwa Bwiza bwabwiwe mbere n’abari barapfuye kugira ngo n’aho bamaze gucirwa urubanza mu mubiri nk’uko biba ku bantu bose, baze babeho mu mpwemu nk’uko Imana iri.7Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.8Ariko ikiruta vyose, mushishikare gukundana, kuko urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.9Mwakirane mu rukundo ata kwidodomba.10Umwe wese akoresha ingabire yose yahawe n’Imana ku nyungu z’abandi. Muzikoreshe nk’abizigirwa b’Imana bagabura ubuntu bw’Imana bw’uburyo bwinshi.11Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.Kubabazwa kubera uri Umukristo.
12Bakundwa, ntimutangazwe n’uko muri mu muriro wo kubagerageza, nk’aho womenga mushikiwe n’ikintu kidasanzwe.13Ahubwo, mushimire Imana kuko muhawe gusangira na Kristo imibabaro yababajwe, kuko muzogira umunezero wuzuye niyahishurwa mu bwiza bwiwe.14Nibabatuka babahora izina rya Kristo, muze munezerwe kuko Mpwemu w’ubwiza ari we Mpwemu w’Imana ari kuri mwebwe.15Ntihakagire n’umwe muri mwebwe ababazwa ahorwa kuba umwicanyi, umusuma, guteza imigumuko, canke kwita mu vyo atajejwe.16Ariko nihagira uwubabazwa ahorwa kuba Umukristo, ntibikamutere isoni. Ahubwo ahimbaze Imana kubera iteka atewe ryo kwitirirwa iryo zina!17Kuko igihe cashitse c’uko urubanza ruhera mu nzu y’Imana. Nimba urubanza ruhereye kuri twebwe, mbega ntazoba ari akaga gakomeye ku bantu banse kwumvira Ubutumwa Bwiza bw’Imana!18Kandi,“Nimba umugororotsi arokoka bigoranye,mbega uwutubaha Imana n’umunyavyaha bo bizobagendera gute?” 19Nuko rero abababazwa bazira gukora ivyo Imana igomba, bashishikare kubikora, kandi babitse ubugingo bwabo Imana yabaremye, kuko ari iyo kwizigirwa.Biblica, Inc.