1 Abami2

Dawidi yihanikiriza Salomo

1Dawidi yegereje gupfa, yihanikiririza umuhungu wiwe Salomo ati:
2“Ehe ngiye gufata inzira abo kw’isi bose bafata. Ushikame, ube umugabo.3Uze ushire umutima ku vyo Uhoraho Imana yawe yihanikiriza, ugendere mu nzira ziwe. Uze witondere amategeko n’amabwirizwa yiwe, ivyo yashinze n’ivyo yategetse nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vya Mose. Ivyo bizotuma ivyo ukora vyose bikugendera neza aho uzoja hose.4Niwabikora, Uhoraho azoshitsa ivyo yansezeraniye. Yambwiye ati: ‘Uruvyaro rwawe nirwigenza uko bibereye, rukankurikira mu bwizigirwa n’imitima yarwo yose n’imishaha yarwo yose, ntuzokwigera ubura uwo kugusubirira ku ngoma ya Isirayeli.’
5Ubu rero urazi ivyo Yowabu mwene Zeruwiya yangiriye mu kwica abagabisha b’ingabo za Isirayeli babiri, Abuneri mwene Neri na Amasa mwene Yeteri. Yasheshe amaraso yabo mu gihe c’amahoro, nk’aho boba baguye ku rugamba, gutyo yandurisha umukanda wiwe n’ibirato vyiwe amaraso y’abantu ata co bazira.6Uzomukorere ico ubona ko kibereye, ariko ntuze umureke ngo yisazire, ngo amanukane imvi ziwe mu mva amahoro.
7Ariko uze ugirire neza bene Baruzilayi Umunyagileyadi, uzokwame ubatumira gusangira nawe ku meza ibihe vyose, bangiriye neza igihe nahunga mwenewanyu Abusalomu.
8Kandi uze wibuke Shimeyi mwene Gera Umubenyamini, w’i Bahurimu. Yamvumye imivumo myinshi igihe nariko ndahungira i Mahanayimu. Igihe yaza kuntegerera kuri Yorodani, namurahiye Uhoraho nti: ‘Sinzokuranduza inkota.’9Ariko ubu ntumufate nk’aho ata kimwagira. Uri umugabo w’ubwenge, uzomenya ingene uzomugenza. Imvi ziwe azozimanukane i kuzimu ziriko amaraso.”
10Nuko Dawidi ahamvya ba sekuruza, ahambwa mu Gisagara ca Dawidi.11Dawidi yaganje Isirayeli imyaka mirongo ine: imyaka indwi yabaye i Heburoni, iyindi mirongo itatu n’itatu aba i Yerusalemu.12Maze Salomo yicara ku ntebe y’ubwami ya se Dawidi, ingoma yiwe irakomera.

Salomo akomeza ingoma yiwe

13Igihe kimwe Adoniya mwene Hagiti aja kuraba Batisheba nyina wa Salomo. Batisheba aramubaza ati: “Ugenzwa n’amahoro?”
Na we ati: “Egome ngenzwa n’amahoro.”
14Arabandanya ati: “Ndafise ico ndakubwira.”
Batisheba ati: “Ndaguteze amatwi.”
15Aravuga ati: “Urazi ko ingoma yari iyanje. Abisirayeli bose bashaka ko ndababera umwami. Ariko vyarahindutse, ubwami bwegukiye mwenewacu, kuko yabuhawe n’Uhoraho.16None rero mfise ico ndagusaba, kandi ndakwinginze ntunyankire.” Batisheba ati: “Wipfuza ko ndagukorera iki?”
17Adoniya amwishura ati: “Mvugira ku mwami Salomo ndazi arakwumvira. Munsabire anyemerere ndongore Abishagi, umukobwa w’i Shunemu.”
18Batisheba aca amubwira ati: “Ndavyemeye, ndakuvugira ku mwami.”
19Batisheba agiye kuraba umwami Salomo ngo avugire Adoniya, umwami arahaguruka aja kumusanganira, aramwunamira, hanyuma yicara ku ntebe yiwe y’ubwami. Amaze kwicara aca asaba ko bazana iyindi ntebe y’umugabekazi, Batisheba aca yicara i buryo bwiwe.
20Batisheba abwira umwami ati: “Hari ico ngusaba kandi ndakwinginze ntunyankire.” Umwami ati: “Mbarira, urazi ko ntokwankira.”
21Amubwira ati: “Emerera mwenewanyu Adoniya arongore Abishagi, umukobwa w’i Shunemu.”
22Umwami Salomo abaza nyina ati: “Ni kubera iki ushaka ko Abishagi Umunyashunemukazi arongorwa na Adoniya? Ahubwo musabire n’ubwami na bwo! Ntuzi ko ari mukurwanje, kandi akaba afise Abiyatari umuherezi na Yowabu mwene Zeruwiya ku ruhande rwiwe!”
23Umwami Salomo aca ararahira mw’izina ry’Uhoraho ati: “Uhoraho azobimpanire, ndetse birengeje, nintica Adoniya kubera ivyo ansavye.24Uhoraho ni we yanyemeje, anyicarika ku ntebe ya data Dawidi, anshiraho nk’uko yabisezeranye. None rero ndarahiye Uhoraho ko Adoniya aja gupfa uwu musi nyene!”25Nuko umwami Salomo aca aha Benaya mwene Yehoyada itegeko ryo kumwica, Adoniya aca aricwa.
26Umwami Salomo aca abarira Abiyatari umuherezi ati: “Subira i wanyu muri Anatoti. Wari ukwiye gupfa ariko sindakwica kuko wareruye Isandugu y’Uhoraho Nyeninganji imbere ya data Dawidi, ukabana na we mu bihe bigoye vyose yaciyemwo.”27Nuko Salomo akura Abiyatari mu gikorwa c’umuherezi w’Uhoraho, maze aba ashikije ijambo Uhoraho yavugiye i Shilo ku ruvyaro rwa Eli.
28Yowabu ntiyari yifatanije na Abusalomu mu bugarariji bwiwe, ariko yari yifatanije na Adoniya mu kugarariza kwiwe. Yumvise ko Adoniya yapfuye, aca arirukanga mw’Ihema ry’Uhoraho, afata amahembe y’igicaniro.29Umwami Salomo aramenya ko Yowabu yahungiye mw’ihema ry’Uhoraho, kandi ko ari i ruhande y’igicaniro. Aca abarira Benaya mwene Yehoyada ati: “Genda umwice!”
30Benaya aja mw’Ihema ry’Uhoraho abarira Yowabu ati: “Umwami avuze ngo: ‘Sohoka!’ ” Ariko Yowabu yishura ati: “Eka sinsohoka, mpfira ngaha.” Benaya aca aragenda abarira umwami uko Yowabu yavuze.
31Umwami aca abarira Benaya ati: “Bikore uko abivuze. Genda umwice, umuhambe, twe n’inzu ya data udukureko umuvumo w’amaraso y’abantu ata co bazira Yowabu yasheshe.32Uhoraho azomwishura ibihwanye n’ubwicanyi yagiriye abantu babiri bamusumvya ubugororotsi kandi bamusumvya n’ubutwari. Data ntiyigeze amenya ivy’urupfu rwa Abuneri mwene Neri umugabisha w’ingabo za Isirayeli, hamwe n’urwa Amasa mwene Yeteri umugabisha w’ingabo za Yuda.33Umuvumo w’amaraso yabo uzoje kuri Yowabu n’uruvyaro rwiwe ibihe vyose. Ariko amahoro y’Uhoraho abe kuri Dawidi, ku ruvyaro rwiwe, ku nzu yiwe no ku ngoma yiwe ibihe vyose.”
34Benaya mwene Yehoyada aca asubirayo yica Yowabu, amuhambisha mw’itongo ryiwe mu bugaragwa.35Umwami aca agira Benaya mwene Yehoyada umukuru w’ingabo, asubirira Yowabu. Abiyatari umuherezi na we asubirirwa na Sadoki umuherezi.
36Umwami aca atumako Shimeyi amubwira ati: “Niwiyubakire inzu aha i Yerusalemu abe ari ho uba. Ariko ntuze wigere usohoka igisagara ngo hagire ahandi uja!37Nihagira aho uja ukarengana umwonga wa Kidironi, nta kabuza uzopfa, kandi amaraso yawe azoguharurweko.”
38Shimeyi yishura umwami ati: “Ivyo uvuze ni vyiza. Nzokora ivyo umwami wanje ambariye.” Nuko Shimeyi aba i Yerusalemu ahamara igihe kirekire.
39Ariko haciye imyaka itatu, abagurano babiri ba Shimeyi bahungira kwa Akishi mwene Mayaka umwami w’i Gati. Shimeyi amenye ko ari yo bari,40aca ashira amatandiko ku ndogoba, aja i Gati kubarondera. Abatoye, aca arabagarukana i Yerusalemu.
41Maze Salomo yumva ko Shimeyi yavuye i Yerusalemu akaja i Gati akagaruka.42Umwami aca atumako Shimeyi amubaza ati: “Sinari nakurahije Uhoraho ndakubwira ko nihagira ahantu na hamwe uja ata kabuza uzokwicwa, nawe ukishura uti: ‘Ivyo uvuze ni vyiza, nzokora ico umwami wanje ambariye’?43None ni kuki utubahirije indahiro warahiriye imbere y’Uhoraho, ntukurikize ivyo nagutegetse?”
44Umwami arasubira amubwira ati: “Urazi mu mutima wawe ikibi wakoreye data Dawidi. None rero Uhoraho aguhore ikibi wakoze.45Ariko hahezagirwe umwami Salomo, ingoma ya Dawidi ihore ihangamye imbere y’Uhoraho ibihe vyose.”
46Umwami aca aha itegeko Benaya mwene Yehoyada, afata Shimeyi aja kumwica.
Kuva ico gihe ingoma ya Salomo ica irakomera.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e