1 Abami3

Salomo asaba ubwenge

1Umwami Salomo agirirana isezerano na Farawo umwami wa Egiputa, arongora n’umukobwa wiwe. Amuzana kuba mu Gisagara ca Dawidi, gushika ahejeje kwubaka ikirimba ciwe, Ingoro y’Uhoraho hamwe n’inzitiro zikikuje Yerusalemu.2Ariko abantu bari bagishikanira ibimazi mu bibanza bitandukanye vyari vyaratoranijwe, kuko ata ngoro yari bwubakirwe Izina ry’Uhoraho.3Salomo yarakunda Uhoraho, akagendera mu mategeko ya se Dawidi, kiretse ko we yatangiye ibimazi mu bindi bibanza vyatoranijwe, akahaturirira n’imibavu.
4Umwami aja gutangira ibimazi i Gibeyoni, kuko ari ho hari hakuru kuruta ibindi bibanza vyose bitaramutse. Nuko Salomo aragenda ahatangira ibimazi vyo guturirwa igihumbi.5Akiri i Gibeyoni, Uhoraho yiyereka Salomo mw’ijoro ari mu ndoto, aramubwira ati: “Nsaba ico ushaka cose ndakiguha.”
6Salomo arishura ati: “Wagiriye neza cane umusavyi wawe Dawidi ari we data, kuko yakubereye umwizigirwa, akakugororokera n’umutima utunganye. Kandi ukwo kugira neza waragukomeje, gushika aho umuha umuhungu wiwe yicara ku ntebe yiwe y’ubwami uno musi.
7None rero, Uhoraho Mana yanje, jewe umusavyi wawe wangize umwami mu kibanza ca data Dawidi. Ariko ndi umwana muto, sinzi uko ndabigenza.8Jewe umusavyi wawe ndi hagati mu bantu watoranije, ihanga rinini cane ritoharurika.9None rero mpa umutima w’ubwenge, kugira ngo nshobore kurongora ubwoko bwawe no gutandukanya iciza n’ikibi. Mbega none ni nde yoshobora kuganza ubu bwoko bwawe bwinshi bungana gutya?”
10Imana inezerezwa cane n’uko Salomo ayisavye ikintu nk’ico,11maze imubwira iti: “Ko unsavye ivyo, utansavye kuramba canke ubutunzi, canke ngo unsabe kumara abansi bawe, ahubwo ukansaba ubwenge bwo kurongorana ubugorororotsi,12nzoguha ivyo unsavye. Nzoguha ubwenge n’umutima w’ubumenyi, ivyo ata wundi muntu n’umwe yigeze aronka imbere yawe, kandi ata n’uwundi azokwigera aronka inyuma yawe.13Hejuru y’ivyo, nzoguha n’ivyo utansavye: ubutunzi n’icubahiro, kugira ngo mu misi y’ukubaho kwawe ntihaze higere haboneka uwundi mwami azongana nawe.14Kandi niwagendera mu nzira zanje, ukubaha amategeko yanje nk’uko so Dawidi yabigize, nzogwiza imyaka yo kubaho kwawe.”15Salomo yikanguye, atahura ko yariko ararota. Aca asubira i Yerusalemu, ahagarara imbere y’Isandugu y’Isezerano y’Imana, ashikana ibimazi vyo guturirwa n’ivy’ishimwe. Hanyuma akoranya abatware biwe abagirira umusi mukuru.

Salomo aca urubanza

16Igihe kimwe abamaraya babiri baza imbere y’umwami bahagararaho.17Umwe muri bo avuga ati: “Mwami wanje, twe n’uwu mugore tuba mu nzu imwe. Igihe navyara umwana twari kumwe muri iyo nzu.18Haciye imisi itatu, na we avyara umwana. Twari twenyene, nta wundi yari ahari atari twebwe.
19Ariko ijoro rimwe umwana wiwe arapfa kuko yamuryamyeko.20Aca aravyuka mw’ijoro, atwara umwana wanje nsinziriye. Amushira kw’ibere ryiwe, azana uwo rwiwe yapfuye amushira kw’ibere ryanje.21Bukeye, mvyutse ngo nonse umwana wanje, nsanga yapfuye. Ariko ndamwihweje neza mu gatondo habona, nsanga si wa mwana jewe nivyariye.”
22Wa mugore wundi na we ati: “Uwo muzima ni we rwanje, uwo yapfuye ni we rwawe.” Umwe wa mbere arashishikara ati: “Haba na mba! Uwo yapfuye ni we rwawe, uwo muzima ni we ari uwanje.” Nuko babandanya guharirira imbere y’umwami.
23Umwami aca avuga ati: “Umwe avuga ngo: ‘Umwana wanje ni uwu akomeye, uwawe ni uwu yapfuye,’ uwundi na we ati: ‘Urabesha, umwana wanje ni uwu ari muzima.’ ”
24Umwami aca abandanya avuga ati: “Nimunzanira inkota.” Nuko barayimuzanira.25Aca atanga itegeko ati: “Fata uwo mwana muzima mumucemwo ibihimba bibiri, kimwe mugihe umwe, ikindi mugihe uwundi.”
26Nyina w’uwo mwana muzima yumva ikibabarwe c’umwana wiwe, kuko yamukunda cane, aca arasemerera ati: “Ndakwinginze mwami wanje, muhe uwo mwana amutware, ntumwice!” Ariko uwundi ati: “Nta n’umwe muri twebwe amutwara. Nibamucemwo kubiri!”
27Umwami aca avuga ati: “Uwo mwana muzima nimumuhe uwo mugore wa mbere. Ntimumwice; ni we nyina wiwe.”
28Abisirayeli bose bumvise urubanza rwaciwe n’umwami, baramutangarira cane, kuko babonye ko afise ubwenge bwo guca imanza buva ku Mana.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e