1 Abami1

Adoniya yiyimika nk’umwami

1Umwami Dawidi amaze gukura akagera mu busaza, nta kintu cashobora kumumara imbeho, mbere naho bamupfuka uburengeti bwinshi ntiyashobora gususuruka.2Abasavyi biwe baravuga bati: “Reka tumuronderere inkumi yo kumusanga, imubungabunge, izoje iramuryama i ruhande kugira ngo isusurutse umwami wacu.”
3Nuko barondera inkumi nziza muri Isirayeli, maze baronka Abishagi, Umunyashunemukazi, bamuzanira umwami.4Uwo mukobwa yari mwiza cane; afata neza umwami, aramubungabunga, ariko umwami ntiyigeze aryamana na we nk’umugore.
5Muri ico gihe, Adoniya umuhungu Dawidi yavyaye ku mugore wiwe Hagiti atangura kwishira hejuru ati: “Ni jewe nzoba umwami.” Nuko yironderera imikogote n’amafarasi hamwe n’abasoda mirongo itanu bo kugendera imbere yiwe.6(Se Dawidi ntiyari bwigere amukankamira ati: “Ivyo ugira ni ibiki?” Yari umuhungu mwiza cane yakurikira Abusalomu.)
7Adoniya agisha inama Yowabu mwene Zeruwiya, hamwe na Abiyatari umuherezi, na bo baramushigikira.8Ariko Sadoki umuherezi, Benaya mwene Yehoyada, Natani umuvugishwa, Shimeyi na Reyi hamwe n’abasoda bagendanira Dawidi ntibifatanya na Adoniya.
9Adoniya ashikana ibimazi vy’intama, impene hamwe n’amashashi y’inka kw’Ibuye ry’i Zoheleti hafi ya Eni-Rogeli. Atumira abahungu bavukana ari bo bana b’umwami, ndetse n’abatware b’i Buyuda bose,10ariko ntiyatumira Natani umuvugishwa canke Benaya n’abasoda bagendanira umwami, canke mwenewabo Salomo.
11Maze Natani abaza Batisheba nyina wa Salomo ati: “Mbega woba wumvise ko Adoniya umuhungu wa Hagiti, yiyimitse nk’umwami, umwami wacu Dawidi atabizi?12Reka rero ndakugire inama y’ukuntu worokora ubuzima bwawe n’ubw’umuhungu wawe Salomo.13Genda ku mwami Dawidi umubwire uti: ‘Mwami wanje, mbega ntiwandahiye uti: “Ni ukuri umuhungu wawe Salomo ni we azonsubirira yicare ku ntebe y’ubwami bwanje”? None ni kubera iki Adoniya ari we yabaye umwami?’14Ukiriko uravugana n’umwami, nanje ndaza kwinjira nemeze ivyo uzoba uriko uravuga.”
15Nuko Batisheba aja kuraba umwami mu cumba ciwe, aho Abishagi Umunyashunemukazi yari amusangiye kuko yari ashaje cane.16Batisheba yikubita imbere yiwe, arapfukama. Umwami aramubaza ati: “Wipfuza iki?”
17Na we aramwishura ati: “Mwami wanje, ni wewe wasezeraniye umusavyi wawe imbere y’Uhoraho uti: ‘Umuhungu wawe Salomo ni we azoba umwami, ansubirire, ni we azokwicara ku ntebe yanje y’ubwami.’18Ariko Adoniya ni we yabaye umwami, kandi na wewe mwami wanje nta vyo wamenye.19Yatanze ibimazi vy’inka nyinshi, amashashi avyibushe hamwe n’intama, atumira abahungu b’umwami bose, atumira Abiyatari umuherezi na Yowabu umugabisha w’ingabo, ariko ntiyatumira Salomo umusavyi wawe.20Mwami wanje, Isirayeli yose ihanze amaso wewe, kugira ngo imenye uwuzosubirira umwami wanje ku ntebe yiwe.21Nutagira ico ukoze ga mwami wanje, twe n’umuhungu wanje Salomo tuzofatwa nk’abanyakibi niwamara guhamvya ba sogokuruza.”
22Batisheba akiriko aravugana n’umwami, Natani umuvugishwa na we aba arashitse.23Babarira umwami bati: “Natani umuvugishwa ari ngaha.” Nuko ashikira umwami, yikubita imbere yiwe, aramwunamira.
24Natani abaza umwami ati: “Mwami nyeningoma, wahisemwo ko Adoniya aba ari we agusubirira, akicara ku ntebe yawe y’ubwami?25Uwu musi yatanze ibimazi vyinshi vy’inka, amashashi avyibushe hamwe n’intama. Yatumiye abahungu b’umwami, umugabisha w’ingabo, hamwe na Abiyatari umuherezi. Ubu turiko turavugana bariko bararya banywa, bavuga bati: ‘Niharambe umwami Adoniya!’26Ariko ga mwami wanje, twe na Sadoki umuherezi, na Benaya mwene Yehoyada hamwe n’umusavyi wawe Salomo, ntiyadutumiye.27None ga nyaguhora ku ngoma, ivyo ni wewe wabikoze utamenyesheje abasavyi bawe uwuzogusubirira ku ntebe y’ubwami?”

Dawidi yimika Salomo

28Umwami Dawidi arishura ati: “Nimumpamagarire Batisheba!” Nuko Batisheba arinjira ahagarara imbere y’umwami.
29Umwami aca asubiramwo ya ndahiro ati: “Ndakurahiye Uhoraho, uwandokoye mu magorwa yose,30ko Salomo umuhungu wawe ari we azonsubirira, akicara ku ntebe y’ubwami uhereye uwu musi nyene, nk’uko nari narabikurahiye imbere y’Uhoraho Imana ya Isirayeli.”
31Nuko Batisheba aca yikubita imbere yiwe, arapfukama, avuga ati: “Niharambe umwami wanje Dawidi!”
32Dawidi aca avuga ati: “Nimumpamagarire Sadoki umuherezi, Natani umuvugishwa, na Benaya mwene Yehoyada.” Bashitse imbere y’umwami, arababwira ati:33“Fata Salomo n’abatware banje mumanuke kw’iriba ry’i Gihoni, Salomo agendere ku nyumbu yanje.34Sadoki umuherezi na Natani umuvugishwa baheze bamurobanuze amavuta nk’umwami wa Isirayeli. Muvuze inzamba, mwongere muvuge n’ijwi rirenga muti: ‘Niharambe umwami Salomo!’35Muce mudugana na we, yicare ku ntebe y’ubwami. Ni we ngize umukuru wo muri Isirayeli n’i Buyuda.”
36Benaya mwene Yehoyada yishura umwami ati: “Amen! Nibibe nk’uko ubivuze, mwami! Uhoraho Imana y’umwami wanje, abishitse!37Nk’uko Uhoraho yabanye n’umwami wanje, azobane na Salomo, akomeze ingoma yiwe gusumvya n’iy’umwami wanje Dawidi!”
38Nuko Sadoki umuherezi, Natani umuvugishwa, Benaya mwene Yehoyada, Abakereti hamwe n’Abapeleti baramanuka, bashira Salomo ku nyumbu y’umwami Dawidi, baramuherekeza bamujana i Gihoni.39Sadoki umuherezi afata ihembe ry’amavuta ryari mw’Ihema, arobanura Salomo. Baca bavuza inzamba, bavuga n’ijwi rirenga bati: “Niharambe umwami Salomo!”40Abantu bose baca badugana na we, bavuza imyironge, banezerewe cane, biha akamo, gushika n’aho isi inyiganyiga.
41Adoniya hamwe n’abo yari yatumiye bumva ako kamo bariko baraheraheza ibirori vyabo. Yowabu yumvise inzamba, arabaza ati: “Ivyo ni ibiki? Urwo rwamo rwose mu gisagara ni urw’iki?”
42Ataranaheza kuvuga, Yonatani mwene Abiyatari umuherezi aba arashitse. Adoniya amubwira ati: “Injira, kuko umuntu mwiza nka wewe utegerezwa kuba uzanye inkuru nziza.”
43Yonatani na we amwishura ati: “Oya na mba! Umwami wacu Dawidi yimitse Salomo nk’umwami.44Umwami yamurungikanye Sadoki umuherezi, Natani umuvugishwa, Benaya mwene Yehoyada, Abakereti n’Abapeleti, bamushira ku nyumbu y’umwami,45Sadoki umuherezi na Natani umuvugishwa bamurobanuza amavuta nk’umwami i Gihoni. Baca bavayo baduga biha akamo bamushimagiza, igisagara na co kinezeranwa na bo. Urwo rwamo rwose mwumva ni ico ruvako.46Ikindi na co, Salomo yamaze kwicara ku ntebe y’ubwami.47Abatware b’i bwami bose bagiye gukeza umwami Dawidi bati: ‘Imana yawe ikomeze Salomo, izina ryiwe ribe rurangiranwa gusumba iryawe, n’ingoma yiwe ikomere gusumba iyawe!’ Umwami na we aho ari ku buriri aca arunama ashima Imana,48avuga ati: ‘Uhoraho Imana ya Isirayeli nahimbazwe, we yemereye amaso yanje kubona umusubirizi wanje uwu musi.’ ”
49Abari kumwe na Adoniya bumvise ivyo, baterwa n’ubwoba bwinshi, barashwiragira.50Ariko Adoniya, kubera gutinya Salomo, aca ariruka afata amahembe y’igicaniro.51Maze umuntu araza abwira Salomo ati: “Adoniya yatinye umwami Salomo, none yafashe amahembe y’igicaniro. Yavuze ati: ‘Umwami Salomo narahire ko aticisha inkota umusavyi wiwe uwu musi.’ ”
52Salomo yishura ati: “Nimba yemera ko agiye kwubaha umwami, nta n’agashatsi kamuvako. Ariko nihagira ikibi kimubonekako, arapfa nta kabuza.”53Nuko umwami Salomo atuma abantu bamukura ku gicaniro. Adoniya araza yikubita imbere y’umwami Salomo, Salomo na we amubwira ati: “Niwitahire.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e