1 Korinto2

1Bene Data, igihe naza iwanyu, sinaje mfise amajambo aryohoye arimwo ugushira amazinda, canke ubwenge bw’abantu mu kubamenyesha ibanga ry’Imana.2Kuko nahisemwo kutagira ikindi mvuga igihe nari kumwe namwe, atari Yesu Kristo wenyene, umwe yabambwa ku musaraba.3Naje iwanyu ndi umunyantegenke, mfise ubwoba kandi mpinda agashitsi.4Ubutumwa bwanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimwo ubwenge bwinshi n’amajambo yo kwemeza abantu, ariko yagaragaramwo ubushobozi bwa Mpwemu Yera,5kugira ngo ukwizera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge bw’abantu, ahubwo guhagarare ku bushobozi bw’Imana.

Ubwenge buva kuri Mpwemu

6Ariko ku bakuze mu kwizera, ubutumwa tuvuga ni ubw’ubwenge: ubwo bwenge si ubw’iki gihe canke ubw’abatware b’iki gihe bazokurwaho.7Ahubwo tubabwira ubwenge bw’Imana bwari bwaragizwe ibanga, bwari bwaranyegejwe, ariko Imana ikaba yari yabuduteguriye isi itararemwa kugira ngo buzoduhe ubwiza.8Nta n’umwe wo mu baganza b’iki gihe yigeze abutahura, kuko iyo baba barabutahuye, ntibaba barabamvye Umwami w’ubwiza.9Ivyanditswe bivuga biti:“Ibintu ata jisho na rimwe ryigeze kubibona,ibintu ata gutwi na kumwe kwigeze kuvyumva,kandi ibintu ata bwenge bw’umuntu n’umwe bwigeze kuvyiyumvira,ni vyo Imana yateguriye abayikunda.” 
10Ariko ivyo nyene ni vyo Imana yaduhishuriye biciye muri Mpwemu wayo.
Mpwemu asesangura vyose, mbere n’ibihishijwe vy’amabanga y’Imana.
11Nk’uko ata wushobora kumenya ivyiyumviro vy’umuntu atari impwemu yiwe, nta n’uwushobora kumenya ivyiyumviro vy’Imana atari Mpwemu wayo.12Kandi ntitwahawe impwemu y’iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo dutahure ivy’akaburarugero Imana yaduhereye ubuntu.13Ivyo tubabwira ntitubivugisha ubwenge bw’abantu, ariko tubabwira ivyo duhawe na Mpwemu, tukabivuga mu kuri kwa Mpwemu, dukoresheje n’amajambo duhawe na Mpwemu.14Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.15Abantu bafise Mpwemu Yera basesangura vyose ariko bo nta wusesangura ivyabo,16kuko handitswe ngo:“Ni nde yigeze amenya ivyiyumviro vy’Uhorahokugira ngo amugire inama?” Ariko tweho turabitahura kuko dufise ivyiyumviro vya Kristo.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e