1 Korinto3
Pawulo agwanya amacakubiri mw’ishengero
1Bene Data, igihe nari kumwe namwe sinabigishije nk’uko nokwigisha abantu bakuze mu Mpwemu, nabigishije nk’abantu basanzwe bo mw’isi, nk’abana bato mu vy’ukwizera Kristo.2Nabahaye amata, sinabahaye ivyokurya bigumye, kuko ntimwari bwagere kubishobora, kandi n’ubu ntimurabishobora.3Muracagendera mu ngeso zanyu za kera zo mw’isi kuko muracagiriranira ishari kandi muracatongana. None ivyo ntivyerekana ko mukigendera mu ngeso zanyu za kera? Mbega ntimubayeho nk’abandi bose batizera?4Iyo umwe muri mwebwe avuze ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo,” uwundi ati: “Nanje ndi umwigishwa wa Apolo,” ntimuba muriko mwigenza nk’ab’iyi si?5Mbega Apolo ni iki, canke Pawulo ni iki? Ni abakozi b’Imana basanzwe babafashije mu gushika ku kwizera nk’uko Imana yakoresheje umwumwe wese muri bo.6Jewe nabivye imbuto, Apolo na we arazivomera, ariko Imana ni yo yazikujije.7None rero, yaba uwabivye, yaba uwavomeye, bompi nta co bamaze. Imana yonyene ikuza ni yo ihambaye.8Uwubiba n’uwuvomera bompi bafise intumbero imwe, kandi umwe wese azoherwa impera ku gikorwa yakoze,9kuko twempi dukorera Imana, namwe muri umurima w’Imana, muri inzu yayo.10Kubera ubuntu nagiriwe n’Imana, nashizeho urufatiro nk’umwubatsi w’umuhinga, hanyuma haza uwundi muntu arwubakako. Ariko uwurwubakako wese yiyubare uburyo arwubakako.11Kuko ata wushobora gushiraho urundi rufatiro atari urwo nashizeho, ari rwo Yesu Kristo.12Uwurwubakako wese ashobora gukoresha ibikoresho bitandukanye: inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro kanini, ibiti, ibishakashaka canke ivyatsi.13Ariko umusi w’imanza uzogaragaza igikorwa c’umwumwe wese kuko uzohishuranwa n’umuriro, kandi uwo na wo uzokwerekana agaciro k’igikorwa c’umuntu wese.14Ibikorwa vyiwe nivyarama, azohabwa impera.15Ariko uwo muriro niwabitongora, uwo mwubatsi azohomba impera yavyo, ariko wewe arokoka ameze kurya k’uwokowe mu muriro.16Mbega ntimuzi ko muri urusengero rw’Imana kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe?17Nihagira uwusambura urusengero rw’Imana, na we Imana izomurandura, kuko urusengero rw’Imana ari urwera, kandi urwo rusengero ni mwebwe.18Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,19kuko imbere y’Imana ubwenge bw’iyi si ari ubujuju, nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Imana ifatira abigira abanyabwenge mu bugunge bwabo.” 20Ahandi na ho handitswe ngo: “Umwami Imana arazi ivyiyumviro vy’uwigira umunyabwenge, kandi arazi ko ari ubusa gusa.” 21Nuko rero ntihakagire uwirata ko ari umwigishwa w’umuntu n’umwe, kuko vyose ari ivyanyu:22yaba Pawulo, yaba Apolo, yaba Kefa, yaba isi, yaba ubugingo canke urupfu, yaba ibiriho canke ibizoza, vyose ni ivyanyu,23namwe muri aba Kristo, Kristo na we ni uw’Imana.Biblica, Inc.