1 Korinto1
1Jewe Pawulo nahamagariwe kuba intumwa ya Kristo Yesu bivuye ku gushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Sositene,2Turabandikiye mwebwe abo mw’ishengero ry’Imana riri i Korinto, mwejejwe no kuba muri Kristo Yesu kandi mwahamagariwe kuba abera, hamwe n’abo bose bambaza izina ry’Umwami Yesu Kristo aho bari hose, bakamwambaza nk’Umwami wabo ari we Mwami wacu:3Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe muri mwebwe.
Pawulo ashima Imana ku bw’ab’i Korinto
4Nama nshima Imana ku bwanyu ku bw’ingabire y’ubuntu mwaherewe muri Kristo Yesu.5Muri we mwahawe ubutunzi mu buryo bwose, haba mu mvugo no mu bumenyi mufise.6Ivyo vyerekana ko intahe ya Kristo twabashingiye yabaye ukuri muri mwebwe.7Ni co gituma ata ngabire n’imwe muhajije muri iki gihe mukirindiranye igishika uguhishurwa kw’Umwami wacu Yesu Kristo.8Ni we azobaha gushikama gushika kw’iherezo, kugira ngo muzobe mutagira umugayo ku musi Yesu Kristo azogarukirako.9Imana yabahamagariye kunywana n’Umwana wayo Yesu Kristo Umwami wacu, ni iyo kwizigirwa, izobikora.Kwirinda kwicamwo ibice
10Ndabinginga bene Data, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo muhuze muri vyose, kandi ntihabeho ukwicamwo ibice, ariko mutunganywe rwose muhuje umutima n’inama.11Bene Data, bamwe bo mu muryango wa Kilowe bambwiye ko hari imitongano muri mwebwe.12Ico ngomba kuvuga ni iki: umwe muri mwebwe avuga ngo: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Apolo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi uwa Kefa”; hakaba n’uwundi avuga ati: “Jeho ndi umwigishwa wa Kristo gusa.”13Mbega Kristo agabuwemwo ibice? Mbega Pawulo yarababambiwe? Mbega mwabatijwe mw’izina rya Pawulo?14Ndashimira Imana ko ata n’umwe nabatije muri mwebwe kiretse Kirisipo na Gayo,15nta n’umwe rero ashobora kuvuga ko yabatijwe mw’izina ryanje.16(Egome narabatije n’abo mu muryago wa Setefana, ariko atari abo, sinibuka ko hari uwundi muntu n’umwe noba narabatije.)17Kuko Kristo ntiyantumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga Ubutumwa Bwiza, ntakoresheje amajambo y’ubwenge bw’abantu, kugira ngo simpindure ubusa ubushobozi bw’umusaraba wa Kristo.Kristo ni we bwenge n’ubushobozi bw’Imana
18Mu bisanzwe ubutumwa bw’umusaraba ni ubujuju ku bariko barahona, ariko kuri twebwe abariko barakizwa, ni ubushobozi bw’Imana.19Kuko handitswe ngo:“Nzosangangura ubwenge bw’abanyabwenge,n’ubumenyi bw’abiyita ko bazi vyinshi ndabuhindure ubusa.” 20None umunyabwenge ari he? Umwigisha w’ivyagezwe ari he? Umusesanguzi w’amajambo w’iki gihe ari he? Mbega Imana ntiyafashe ubwenge bw’iyi si ikabuhindura ubujuju?21Kuko Imana mu bwenge bwayo yabonye ko ab’isi batoyimenya bakoresheje ubwenge bwabo, ni co gituma yahisemwo gukirisha abizera amajambo y’Ubutumwa Bwiza, ayo bamwe bita ubujuju.22Abayuda bashaka kubona ibimenyetso, Abagiriki na bo bakarondera kubitahurisha ubwenge bwabo.23Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.24Ariko ku bahamagawe, baba Abayuda canke Abagiriki, Kristo ni ubushobozi n’ubwenge vy’Imana.25Kuko ivyitwa ubujuju vy’Imana birusha ubwenge abantu kandi ivyitwa intege nke vy’Imana birusha inkomezi abantu.26Bene Data, mwibuke uko mwari igihe mwahamagarwa. Benshi muri mwebwe ntimwari abanyabwenge dufatiye ku vyo abantu baraba. Benshi ntimwari abahambaye, kandi benshi ntimuvuka mu miryango ikomeye.27Ariko Imana yahisemwo ivy’ubujuju vy’iyi si kugira ngo imaramaze abiyita abanyabwenge, kandi yahisemwo ibinyantege nke vy’iyi si kugira ngo itetereze ibinyenkomezi.28Imana yahisemwo ibitagira ikimazi vy’iyi si n’ibikengerwa ndetse n’ibitariho kugira ngo ihindure ubusa ibiriho.29Ivyo yabikoze kugira ngo ntihagire n’umwe agira ico yirata imbere y’Imana.30Imana ni yo yabagize umwe na Kristo Yesu, we yatubereye ubwenge buva ku Mana. Ni we kugororoka kwacu, ukwera kwacu kandi ni we ugucungurwa kwacu gukomokako.31Ni co gituma handitswe ngo: “Uwirata wese yirate ko yamenye Umwami Yesu.”Biblica, Inc.