1 Korinto15
Ibijanye n’ukuzuka kwa Kristo
1Ubu na ho bene Data, nagomba kubibutsa Ubutumwa Bwiza nababwiye, ubwo mwakiriye mukabugumamwo.2Ubwo Butumwa ni bwo bubakiza hamwe mugumije amajambo nababwiye. Ahandi ho ukwizera kwanyu kwoba ari ukw’ubusa.3Kuko ivyo nahawe ari vyo nabashikirije nk’ivy’igiciro vya mbere: ko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’uko Ivyanditswe Vyera bibivuga,4ko yahambwe hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu nk’uko Ivyanditswe Vyera bibivuga,5kandi ko yiyeretse Kefa, hanyuma yiyereka bamwe cumi na babiri.6Inyuma yaho yiyerekera rimwe bene Data barenga amajana atanu, kandi n’aho benshi muri bo bamaze gupfa, bamwe muri bo baracariho.7Maze yiyereka Yakobo, yongera yiyereka n’izindi ntumwa zose,8Ubwa nyuma aranyiyereka nanje, nk’uwavutse igihe kitari co.9Koko ndi uwa nyuma mu ntumwa kandi simbereye kwitwa intumwa, kuko nahamye ishengero ry’Imana.10Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bukorera muri jewe.11Ariko yaba jewe, yaba bo, ivyo ni vyo twigisha, kandi ni vyo mwizeye.Ibijanye n’ukuzuka kw’abapfuye
12None rero nimba twigisha ko Kristo yazutse mu bapfuye, ni kubera iki bamwe muri mwebwe bavuga ko ukuzuka kw’abapfuye kutabaho?13Nimba ata kuzuka kw’abapfuye kubaho, na Kristo rero ntiyazutse.14Kandi nimba Kristo atazutse, inyigisho zacu ni iz’ubusa, kandi n’ukwizera kwanyu ni ukw’ubusa.15Kandi ikirengeye ivyo, twebwe intumwa twoba tubeshera Imana, kuko twama dushinga intahe ko Imana yazuye Kristo mu bapfuye. Ariko nimba Imana itamuzuye mu bapfuye, koko nta kuzuka kw’abapfuye kubaho.16Kandi nimba abapfuye batazozurwa, na Kristo ntiyazuwe mu bapfuye.17Nimba na ho Kristo atazutse, ukwizera kwanyu ni ukw’ubusa, muracagendera mu vyaha vyanyu.18Mbere n’abapfiriye muri Kristo ntibazosubira kubaho.19Nimba ivyizigiro vyacu muri Kristo ari ivy’ubu buzima gusa, turi abahombe gusumba abandi bantu bose.20Ariko koko Kristo yarazutse mu bapfuye, amera kurya kw’ivyeze imbere y’ibindi, aba icemeza ko abapfuye bazozuka.21Nk’uko urupfu rwazanywe n’umuntu, n’ukuzuka kw’abapfuye na kwo kwazanywe n’umuntu.22Nk’uko muri Adamu bose bapfuye, muri Kristo bose bazogirwa bazima.23Ariko hazoba urukurikirane mu kuzuka: Kristo yarazutse nk’ivyeze imbere y’ibindi; hanyuma abamukurikiye bose bazozuka niyagaruka.24Inyuma y’aho hazoca haza umuhero wa vyose, aho azotanga Ubwami akabushikiriza Imana Data, amaze gusangangura ububasha bwose, ubutware bwose n’ubushobozi bwose.25Kuko ategerezwa kuganza gushitsa ashize abansi biwe musi y’ibirenge vyiwe.26Umwansi azosangangurwa ubwa nyuma ni rupfu.27Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Imana yashize vyose musi y’ububasha bwiwe.” Ariko rero iyo bivuze ko “vyose” biri musi y’ububasha bwiwe, biragaragara ko bitaba bishizemwo n’Imana kuko ni yo ishira vyose musi y’ububasha bwa Kristo.28Maze vyose nivyamara gushirwa musi y’ububasha bwa Kristo, na we azoja musi y’ububasha bw’Imana yashize vyose musi y’ububasha bw’Umwana wayo, Imana na yo hejuru ya vyose muri vyose.29Nimba ata zuka ririho, none abo babatizwa mu kibanza c’abapfuye babigira biteze iki? Nimba abapfuye batazozuka, ni kubera iki hari ababatizwa mu kibanza cabo?30Kandi ni kubera iki natwe twishira mu ntambara umwanya wose?31Bene Data, ndababwije ukuri ko mpakwa kwicwa ku musi ku musi. Ibi ni ukuri bimeze nk’umunezero mfise kubera ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yakoze muri mwebwe.32Nimba naragwanye n’ibikoko vyo mw’ishamba muri Efeso, ata yindi nyungu niteze atari ivyizigiro vyo mu mubiri gusa, nzoba nungutse iki? Kandi nimba ata kuzuka kuriho, nk’uko wa mugani uvuga:“Reka twirire twongere twinywere,kuko ejo tuzopfa.” 33Ntihagire uwubazimiza: “Abagenzi babi bonona ingeso nziza z’umuntu.”34Garura ubwenge nk’uko bibereye, mureke kwama mukora ivyaha. Ibi ndabivuze kugira ngo ndabatere kugira isoni, kuko bamwe muri mwebwe bataramenya Imana na gato.Imibiri tuzozukana
35Ariko bamwe muri mwebwe barabaza bati: “Mbega abapfuye bozozuka gute? Bazoba bafise umubiri umeze gute?”36Mwa mburabwenge mwe! Imbuto ntishobora kumera itabanje gupfa.37Ico mubiba si urya mutumba w’igiterwa ukura, ahubwo ni imbuto zisanzwe, zaba ingano canke izindi mbuto.38Hanyuma Imana ikayiha umutumba nk’uko yabiteguye, kandi igatanga imitumba itandukanye bivanye n’imbuto.39Imibiri yose ntimeze co kimwe: abantu bafise imibiri yabo, ibikoko bikagira iyavyo, inyoni zikagira iyazo, n’amafi akagira iyayo.40Hari ibiba mu kirere, hakaba n’ibiba kw’isi, ariko ibiba mu kirere bifise ugukayangana kwavyo, ivyo kw’isi bikagira ugukayangana kwavyo.41Izuba rigira ugukayangana kwaryo, ukwezi kukagira ugukayangana kwakwo, inyenyeri na zo zikagira ugukayangana kwazo, kandi n’inyenyeri ubwazo zigira ugukayangana gutandukanye.42Ni ko bizoba bimeze ku musi w’izuka ry’abapfuye. Uwu mubiri uhambwa ni uwubora, ariko uzozurirwa kubaho ibihe vyose.43Imibiri yacu ihambwa ata co imaze, ariko izozurirwa ubwiza butangaje. Ihambwa ari iminyantegenke ariko izozurirwa kuba inyenkomezi.44Ihambwa ari imibiri y’abantu nk’uko tuyibona, ariko izozurwa ari imibiri yo mu buryo bw’impwemu.Kuko nk’uko hari imibiri isanzwe, hariho n’imibiri yo mu buryo bw’impwemu.45Ivyanditswe bivuga ngo: “Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yabaye uwufise ubuzima,” Adamu wa nyuma, ari we Kristo yaje ari Impwemu itanga ubugingo.46Uw’impwemu si we yaje ubwa mbere, habanje kuza uw’umubiri, hanyuma haza uw’impwemu.47Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yavuye mw’ivu, uwo hanyuma, ni we Kristo, yavuye mw’ijuru.48Ab’isi bameze nk’uwo mu muntu w’isi, ariko abo mw’ijuru bameze nk’uwo muntu wo mw’ijuru.49Kandi nk’uko twavutse dufise kamere muntu k’abo kw’isi, ni ko tuzoba dufise kamere k’abo mw’ijuru.50Ico ngomba kubabwira bene Data, ni uko uwu mubiri twambaye utazoragwa Ubwami bw’Imana, kandi ibibora vyose ntibizoragwa ibihoraho.51Ariko reka ndababwire ibanga rihambaye: ntituzopfa, ahubwo tuzohindurwa ukundi.52Bizoba mu kanya isase, nk’uwukubise urugohe, igihe inzamba izovuga. Niyavuga abazoba barapfuye bazoca bazukira kubaho ibihe vyose. Natwe tuzoba tukiri bazima, tuzoca duhindurwa ukundi.53Uyu mubiri wacu ubora uzoca wambara ukutabora, kandi uwu mubiri wacu upfa uzoca wambara ukudapfa.54Maze uwu mubiri ubora umaze kwambara ukutabora, n’ugupfa kwawo kukambara ukudapfa, ni ho ibi vyanditswe bizoba bishitse, ngo: “Urupfu rwamizwe n’intsinzi.” 55“Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe?Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri he?” 56Kuko icaha ni uruboyi ruzana urupfu, kandi ubushobozi bw’icaha buri mu vyagezwe.57Ariko Imana ishimwe, kuko iduha intsinzi muri Yesu Kristo.58None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwiyegurire imisi yose gukorera Umwami wacu kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.
Biblica, Inc.