1 Korinto14

Ibijanye no kuvuga indimi zitamenyekana

1Murondere kugira urukundo kandi mwipfuze cane kuronka ingabire za Mpwemu, na canecane ingabire y’ukuvugishwa n’Imana.2Uwuvuga mu ndimi zitamenyekana ntaba ariko arabwira abantu, ahubwo aba ariko arabwira Imana, kandi nta n’uwushobora kumutahura. Impwemu yiwe iba iriko iravuga amabanga.3Ariko uwuvugishwa n’Imana aba ariko arabwira abantu kugira ngo bakomezwe, baterwe intege bongere birurwe.4Uwuvuga mu ndimi zitamenyekana aba ariko ariyubaka we nyene, ariko uwuvugishwa n’Imana aba ariko arubaka ishengero.5Nipfuza ko mwese muvuga mu ndimi, ariko ikirengeye ni uko mwovugishwa n’Imana. Uwuvugishwa n’Imana arahambaye gusumba uwuvuga mu ndimi, kiretse mu gihe yoba ashobora kuzisobanura kugira ishengero ryose rikomezwe.
6Bene Data, mbega iyo nza iwanyu mvuga mu ndimi, nari kubamarira iki ntabazaniye ivyo nahishuriwe, amajambo y’ubwenge, ubuvugishwa canke inyigisho?7Ni ko bimeze no ku bicurarangisho bisanzwe bitagira ubuzima, nk’umwironge canke inanga. Mbega bivuze co kimwe, hari uwoshobora kumenya ikivugijwe?8Kandi n’inzamba itavugijwe mw’ijwi ribereye, abasoda bomenya ko bahamagawe ngo baje ku rugamba?9No kuri mwebwe ni uko. Mutavuze amajambo atahurika mu rurimi rwanyu, nta womenya ico muriko muravuga. Mwoba muriko mubwira ikirere gusa.10Kw’isi hari indimi nyinshi, kandi nta na rumwe rutagira ico rusigura.11None rero, ntaronse insiguro y’ivyo mbariwe noba ndi umunyamahanga kuri uwo ambarira, kandi na we nyene yoba ari umunyamahanga kuri jewe.12Na mwebwe ni uko. Ko mufise umwete wo kurondera ingabire za Mpwemu, mukore ibishoboka kugira muronke ingabire zubaka ishengero.
13Ni co gituma nimba hari uwuvuga mu ndimi zitamenyekana yari akwiye gusenga Imana ngo imushoboze gusobanura ivyo avuga.14Kuko iyo nsenga mu ndimi zitamenyekana, impwemu yanje ni yo iba iriko irasenga, ariko simba ndiko nkoresha ubwenge bwanje.15None ndabigenze gute? Nzosengesha impwemu yanje, ariko nzosengesha n’ubwenge. Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubwenge bwanje.16Nimwaba muriko muratazira Imana n’impwemu zanyu zonyene, abatabitahura bokwifatanya namwe gute, bakavuga “Amen” ku bw’amashimwe yanyu, kandi batumva ivyo muvuga?17Mushobora kuba muriko murashima Imana cane, ariko ntibizofasha abariko barabumva.
18Ndashima Imana ko mvuga mu ndimi kubasumvya.19Ariko mu rusengero, mpitamwo kuvuga amajambo yumvikana atanu arimwo inyigisho aho kuvuga amajambo ibihumbi cumi mu ndimi zitamenyekana.
20Bene Data, ntimube nk’abana bato mu gutahura ibi. Mube abana bato ku bijanye n’icaha, ariko mube nk’abakuze mu gutahura ibintu nk’ibi.21Mu vyagezwe haranditswe ngo:“Nzobwira abantu banjemu ndimi zitazwi,nkoresheje akanwa ka ba kavantara.Ariko na ho nyene, ntibazonyumvira.” Ni ko Umwami Imana avuze.
22Indimi zitamenyekana rero ni ikimenyetso ku batizera, si ku bizera. Ariko ubuvugishwa ntibuhari ku neza y’abizera, ni ku y’abatizera.23None rero, abatizera canke abantu badatahura ivyo kuvuga mu ndimi zitamenyekana baje mu makoraniro y’ishengero yanyu, bakumva muvuga mu ndimi zitamenekana, bazokwibaza ko mwasaze.24Ariko abatizera canke abadatahura ivyo kuvuga indimi zitamenyekana nibaza bagasanga mwese muriko muravugishwa, bazokwemezwa mu mitima yabo ko ari abanyavyaha, kandi ko bazocirwa urubanza n’ivyo muvuga,25maze ivyinyegeje mu mitima yabo bizobe bigiye ahabona. Bazoheza bakubite ibipfukamiro hasi bahimbaze Imana, bavuge bati: “Vy’ukuri Imana iri kumwe namwe!”

Ibintu vyose bikwiye gukorwa mu rutonde

26Muri make rero bene Data, iyo mukoraniye hamwe, hazobe uwuririmba, uwundi yigishe, uwundi avuge ico Imana yamuhishuriye, uwundi avuge mu ndimi zitamenyekana, uwundi na we azisobanure. Ariko vyose bikorwe ku buryo bibubaka mwese.27Abantu nka babiri canke batatu gusa azobe ari bo bavuga mu ndimi zitamenyekana kandi havuge umwumwe, hongere habeho uwuzisobanura.28Ata musobanuzi ahari, uwo muntu ntazovuge mu rusengero, azokwiganirire n’Imana wenyene.
29Abantu nka babiri canke batatu bazotange ubuvugishwa, abandi na bo basese, bihweze ivyavuzwe.30Nimba hari uwicaye mu rusengero hanyuma akagira ico abwiwe n’Umwami Imana, uwari asanzwe ariko aravuga azoce abanza ahagarike.31Abavugishwa n’Imana bose bazokuranwa kuvuga, umwe avuge uwundi ahejeje, kugira mugire ico mutahuye hanyuma muterwe intege.32Abavugishwa n’Imana bategerezwa kuganza impwemu zabo, bagakuranwa kuvuga,33kuko Imana yacu atari Imana y’akajagari, ariko ari Imana y’amahoro, nk’uko bigenda mu mashengero yose y’abera.
34Abagore bazogume banumye mu makoraniro y’ishengero. Si vyiza ko bavuga, ahubwo bicishe bugufi nk’uko ivyagezwe bivuga.35Bafise ico bagomba kubaza, bazokibarize abagabo babo i muhira. Kuko bitabereye ko umugore avuga mu makoraniro y’ishengero.
36Mbega ijambo ry’Imana ryamutse muri mwebwe Abakorinto? Canke mwibaza ko ari mwebwe mwenyene ryahawe?37Nimba muri mwebwe hari uwibwira ko ari umuvugishwa n’Imana canke afise ingabire za Mpwemu Yera, akwiye kwemera ko ivyo ndabandikiye ari ibwirizwa rivuye ku Mwami Imana.38Uwutavyemera, na we ntazokwemerwa.
39None rero bene Data, mwipfuze kuvugishwa n’Imana, kandi ntimubuze abavugishwa n’Imana mu ndimi zitamenyekana.40Ariko vyose bikorwe mu buryo bubereye, kandi mu rutonde.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e