1 Korinto16
Gufasha abera
1Ku bijanye no kwegeranya uburyo bwo gufasha abizera b’i Yerusalemu, mubikore nk’uko nabihanuye amashengero y’i Galatiya.2Ku musi wa mbere w’indwi, umwe wese muri mwebwe arabika amahera ku yo yungutse. Ntimuzorindire ko nshika hiyo hanyuma ngo muce muyatoreza rimwe.3Ninashika hiyo, nzokwandika amakete nzorungikana abo muzoba mwatoranije kugira batware imfashanyo zanyu i Yerusalemu.4Kandi nivyaba nkenerwa ko njana na bo, bazomperekeza.Ivy’ukugendera ishengero ry’i Korinto
5Nzobagendera mvuye i Makedoniya kuko nipfuza gucayo.6Ndashobora kuzomarana namwe igihe, mbere nshobora kuhamara igihe c’imbeho nyinshi cane, kugira ngo muzomfashe ku bijanye no kubandanya urugendo, iyo nzoba ngiye hose.7Sinshaka kuhaca ndengana, nipfuza kumarana namwe umwanya ukwiye Umwami Imana abikunze.8Ariko mu kurindira nzoba ndagumye aha muri Efeso gushitsa ku musi wa Pentekote,9kuko hariho akaryo keza ko gukorera Imana naho hari abangwanya benshi.10Timoteyo niyashika hiyo, muzomwakire neza kugira agubwe neza muri mwebwe, kuko ariko akora igikorwa c’Umwami co kimwe nanje.11Ntihazogire uwumugaya, ahubwo mumuhezagize ibikenewe mu rugendo rwiwe agarutse. Twe na bene Data tumurindiranye igishika.12Ku vyerekeye mwene Data Apolo na we, naramwinginze ngo azanane n’abandi bene Data iwanyu, ariko ntiyipfuje kuza ubwo nyene, azoza niyaronka akaryo keza.13Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.14Ivyo mukora vyose mubikore mu rukundo.15Murazi ko abo mu muryango wa Setefana ari bo bizeye ubwa mbere muri Akaya, baca bihebera gukorera abizera: ndabinginze rero bene Data,16ngo murongorwe n’abantu nka bo, canke n’abifatanije na bo muri ico gikorwa.17Naranezerewe cane numvise ko Setefana, Forotunate na Akayiko bashitse ngaha. Bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose mu kibanza canyu.18Baranteye intege nk’uko babateye intege. Abantu nk’abo ni abo gushimira ku bw’ibikorwa vyiza bakora.Intasho
19Amashengero yo muri Aziya arabatasha.Akwilasi na Pirisila na bo barabatasha cane mu Mwami, co kimwe n’ishengero rikoranira mu nzu yabo.20Bene Data bose turi kumwe hano barabatasha.
Muramukanye mu kugumbirana kwera.21Jewe Pawulo, ndabandikiye ndabatasha n’ukuboko kwanje.22Nimba hariho uwudakunda Umwami, uwo aravumwe. Kaze Mwami!23Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu bubane namwe.24Ndabakunda mwese muri Kristo Yesu. Amen.
Biblica, Inc.