1 Korinto13

1Naho novuga indimi z’abantu n’iz’abamarayika ntagira urukundo, noba meze nk’inkengeri canke icuma gisamirana.2Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.3Naho nofata ivyanje vyose nkabiha abakene, ndetse naho notanga umubiri wanje kugira ngo ngire ico nirata ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.
4Urukundo rurihangana, rugira neza, ntirugira ishari, ntirwihayagiza, kandi ntirwishira hejuru.5Ntiruteza isoni abandi, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi.6Urukundo ntirunezerererwa ikibi, ariko runezererwa ukuri.7Urukundo ntirucika intege, ntirutakaza ukwizera, ntirutakaza ivyizigiro, rukomeza kwihanganira ibihe uko bije kwose.
8Urukundo ntiruzigera rurangira. Kuvugishwa n’Imana, kuvuga mu ndimi zitamenyekana, n’ubwenge budasanzwe bizohera.9Ubwenge dufise ubu ni agace gatoya, kandi n’ukuvugishwa n’Imana kwacu ni agace gatoya.10Ariko igihe kizogera aho vyose bizokwuzuzwa, maze ivy’ibice bikurweho.11Nkiri umwana navuga nk’umwana nkiyumvira nk’umwana. Ariko maze gukura niyambuye ivy’ubwana vyose.12Ivyo tubona ubu ni nk’ishusho yo mu cirore, ariko hazogera igihe tuzobona vyose neza amaso mu yandi. Ubu tuzi agace, ariko hari igihe tuzomenya vyose, nk’uko Imana ituzi neza.
13None rero hari ibintu bitatu bizokwamaho: ukwizera, ivyizigiro n’urukundo. Ariko igikuru muri vyose ni urukundo.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e