1 Korinto12

Ibijanye n’ingabire za Mpwemu Yera

1Bene Data, ibijanye n’ingabire za Mpwemu Yera, nshaka ko mubitahura neza.2Murazi ko mukiri abanyamahanga mwazimizwa n’ibigirwamana bitavuga.3Ni co gituma ndababwira ko ata wuvugishwa na Mpwemu w’Imana yovuga ati: “Yesu ni ikivume,” kandi nta wovuga ati: “Yesu ni Umwami,” kiretse abivugishijwe na Mpwemu Yera.
4Hari ingabire zitandukanye ariko Mpwemu azitanga ni umwe.5Imirimo ni myinshi ariko Umwami dukorera ni umwe.6Ibikorwa vy’Imana ni vyinshi, ariko iyo Mana nyene ni yo ibikorera muri twebwe twese.
7Mpwemu w’Imana yiyerekanira mu ngabire kuri umwumwe wese ku neza ya bose.8Bamwe bahawe na Mpwemu gutanga impanuro zirimwo ubwenge, abandi uwo Mpwemu nyene abaha ubumenyi budasanzwe,9abandi abaha ingabire y’ukwizera, abandi abaha gukiza ingwara,10abandi abaha ububasha bwo gukora ibitangaza, abandi abaha kuvugishwa n’Imana, abandi abaha kurobanura impwemu, abandi abaha kuvuga indimi zitamenyekana, abandi na bo abaha gusobanura izo ndimi.11Izo ngabire zose zitangwa na Mpwemu umwe, akaziha uwo agomba nk’uko abishatse.

Turi ingingo nyinshi zigize umubiri umwe

12Umubiri ni umwe n’aho ugizwe n’ibihimba vyinshi; kandi n’aho ibihimba vyawo ari vyinshi bigize umubiri umwe. N’umubiri wa Kristo ni uko.13Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.14Umubiri ntugizwe n’igihimba kimwe, ugizwe n’ibihimba vyinshi.
15Ikirenge kivuze giti: “Ko ntari ukuboko, sindi igihimba c’umubiri,” ivyo ntivyotuma kireka kuba igihimba c’umubiri.16Kandi ugutwi kuvuze guti: “Ko ntari ijisho, sindi igihimba c’umubiri,” ivyo ntivyotuma kireka kuba igihimba c’umubiri.17Mbega nka hamwe umubiri wose woba ijisho gusa, kwumva vyoca bibera he? Canke na ho nka hamwe umubiri wose woba ugutwi, kumoterwa vyoca bibera he?18Ariko noneho Imana yashize ibihimba bitandukanye ku mubiri, kimwekimwe cose aho biyihimbaye kugishira.19Umubiri ntiwoba umubiri mu gihe woba ugizwe n’igihimba kimwe gusa.20Nk’uko bimeze rero, hari ibihimba vyinshi ariko umubiri ni umwe.
21Ijisho ntiryobarira ukoboko riti: “Sindagukeneye,” kandi umutwe ntiwobwira ibirenge uti: “Sindabakeneye.”22Ahubwo n’ibihimba vyose womenga ni bitobito kurusha ibindi birakenewe cane.23Kandi ibihimba womenga ntivyubashwe cane ni vyo twitwararika cane kwambika. Ibihimba tutipfuza ko bija ahabona ni vyo twitwararika gufata neza,24ariko ibija ahabona tubifata ibisanzwe. Imana yafatanije ibihimba vy’umubiri vyose ica iha icubahiro ibitagifise,25kugira ngo ntihabe ukwitandukanya kw’umubiri, ahubwo ibihimba vyose vyitaneho ku rugero rungana.26Iyo hagize igihimba kimwe kigwara, ibindi vyose bigwarana na co. Kandi iyo igihimba kimwe cubashwe, ibindi vyose binezeranwa na co.
27Namwe muri umubiri wa Kristo, kandi umwe wese muri mwebwe ni igihimba c’uwo mubiri.28Ibi ni vyo bihimba vy’umubiri Imana yashize mw’ishengero: hari intumwa, abavugishwa n’Imana, abigisha, abakora ibitangaza, abafise ingabire zo gukiza ingwara, abafise ingabire zo gufasha abandi, abafise ingabire z’uburongozi, n’abavuga indimi zitandukanye.29Mbega bose ni intumwa? Mbega bose ni abavugishwa n’Imana? Mbega bose ni abigisha? Bose bakora ibitangaza?30Bose bafise ingabire zo gukiza ingwara? Bose bavuga mu ndimi zitamenyekana? Bose basobanura indimi?31Ariko mwipfuze ingabire zisumba izindi zose. Urukundo ruruta vyose
Reka ndabereke inzira irashe gusumba izindi zose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e