1 Korinto10

Twigire ku vyabaye ku Bisirayeli

1Bene Data, singomba ko mwibagira ko ba sogokuruza mu bugaragwa bagendera musi y’igicu, kandi ko bose bajabutse baciye mu kiyaga.2Muri ico gicu no muri ico kiyaga, bose babatiririjwe kuba abigishwa ba Mose.3Bose bariye ivyokurya bimwe vy’impwemu,4banywa no ku kinyobwa kimwe c’impwemu; kuko banyoye ku gitandara c’impwemu cabaherekeza, ico gitandara na co cari Yesu Kristo ubwiwe.5Ariko benshi muri bo ntibanezereye Imana, kuko imivyimba yabo yandagaye mu bugaragwa.
6Ivyo vyose vyabaye ngo bitubere akarorero kugira ngo imitima yacu ntiyipfuze gukora ivyaha nk’uko babigize.7Ntimugasenge ibigirwamana nk’uko bamwe muri bo babisenze, nk’uko handitswe ngo: “Baricaye bararya, baranywa, hanyuma barahaguruka barinezereza.” 8Ntituje mu busambanyi nk’uko bamwe muri bo babigize, maze ku musi umwe gusa hagapfa abantu ibihumbi mirongo ibiri na bitatu.9Ntitugerageze Kristo nk’uko bamwe babigize bakamarwa n’inzoka.10Kandi ntimukidodombe nk’uko bamwe babigize, maze bakicwa n’umumarayika muranduzi.
11Ivyo vyashitse kugira ngo bitubere akarorero ko kutuburira, twebwe abo mu gihe ca nyuma.12Nuko rero uwibaza ko ahagaze, yiyubare ntagwe.13Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.

Ntitugasenge ibigirwamana

14None rero abo nkunda, mwirinde gusenga ibigirwamana.15Ndababwira nk’abafise ugutahura. Nimurabe mwebwe nyene ko ivyo ndababwira atari ukuri.16Iyo tunywera ku gikombe Imana yahezagiye, mbega ntituba dusangiye ku maraso ya Kristo? Iyo tumanyura umukate, ntituba dusangiye ku mubiri wa Kristo?17Iyo dusangiye ku mukate umwe tuba tubaye umubiri umwe n’aho turi benshi.
18Nimurabe Abisirayeli: mbega abarya ivyatanzwe nk’ishikanwa ntibaba bifatanirije hamwe ku gicaniro?19Mbega ngomvye kuvuga ko ivyashikaniwe ibigirwamana canke ibigirwamana ubwavyo ata co bimaze?20Haba na mba. Ivyashikaniwe ibigirwamana biba vyashikaniwe abadayimoni, ari na co gituma ntashaka ko musangira n’abadayimoni.21Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami hanyuma ngo mwongere munywere ku gikombe c’abadayimoni. Ntimushobora kurira ku meza y’Umwami hanyuma ngo mwongere murire ku meza y’abadayimoni.22Mbega mugomba tuvyure ishari ry’Umwami? Mwibaza ko tumusumvya inguvu?

Umwidegemvyo w’abizera

23Muvuga muti: “Vyose turavyemerewe,” yamara si vyose bigira ikimazi. Muvuga muti: “Vyose turavyemerewe,” yamara si vyose vyubaka.24Ntihakagire uwurondera ineza yiwe gusa, ariko twiteho no kugirira abandi neza.
25Muze murye inyama izo ari zo zose zashowe mu kaguriro, ata co murinze kuzibazako,26kuko “isi ari iy’Umwami Imana, n’ibiri muri yo vyose.” 
27Uwutizera niyagutumira iwe gufungura ukagenda, uzofungure ivyo akuzimanye vyose ata co urinze kuvyibazako.28Ariko niyakubwira ati: “Ibi vyashikaniwe ibigirwamana,” ntuzobirye ku bw’ineza y’uwo munyantegenke yabikubwiye, kugira ngo ntagire ijwi rimwagiriza mu mutima.29Nta co bitwaye kuri mwebwe, ariko hari ico vyica kuri uwo yabibabwiye. Umwidegemvyo wanje ntukwiye kuba igitsitaza ku bandi.30Iyo ndabiriyeko nshimira Imana, kubera iki abantu bancira imanza kuri ivyo vyokurya nashimiye Imana?
31Nuko rero iyo murya canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mubikore muhesha Imana icubahiro.32Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.33Na jewe ngerageza kunezereza bose mu vyo nkora vyose. Simpfa gukora ibimpimbara, ariko nkora ibihimbara abandi kugira benshi bashike ku gakiza.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e