1 Korinto9

Ivy’uburenganzira bw’intumwa

1Mbega sindi uwidegemvya? Mbega sindi intumwa? Mbega siniboneye Yesu Umwami wacu amaso mu yandi? Mbega ntimuri ivyamwa vy’ibikorwa nakoreye Umwami?2N’aho ntoba intumwa ku bandi, kuri mwebwe ndi yo. Namwe ubwanyu muri icemeza uko ndi intumwa y’Umwami.
3Iki ni co nireguza ku bancira imanza.4Mbega ntitwemerewe guhabwa ivyokurya n’ivyo kunywa?5Mbega ntitwemerewe kubana n’abagore bizera nk’uko izindi ntumwa, abavukanyi b’Umwami wacu Yesu Kristo na Kefa babigira?6Canke ni jewe na Baranaba dutegerezwa gukora twenyene kugira ngo twitunge?
7Ni nde yoba umusoda hanyuma agategerezwa kwibeshaho? Ni nde yotera uruzabibu hanyuma ntarye ivyamwa vyarwo? Ni nde yoragira amasho hanyuma ntanywe amata yayo?8Mbega ibi ndabibabwiye bivuye mu vyiyumviro vy’abantu? Canke n’ivyagezwe vya Mose birafise ico bibivugako?9Muri ivyo vyagezwe haranditse ngo: “Ntimuze muzibire umunwa w’inka iriko irasekura ingano.” Mbega mwibaza ko ngaha Imana yariko ivuga inka isanzwe gusa?10Nta nkeka ibi ni twebwe yari ibivuzeko. Ibi vyandikiwe twebwe kugira ngo uwurima n’uwimbura bizigire kuzoronka umugabane wabo ku mwimbu.11Ko twababivyemwo imbuto mu buryo bw’impwemu, ntitwari dukwiye kubimburamwo ivyokurya vy’umubiri?12Nimba abandi babigisha bafise uburenganzira bwo kuronka ibibabeshaho muri mwebwe, mbega twebwe ntitwari dukwiye kuronka ibirenze?
Ariko ntitwigeze duharanira ubwo burenganzira. Ahubwo turimenya muri vyose kugira ntitube intambamyi ku Butumwa Bwiza bwa Kristo.
13Mbega ntimuzi ko abakora mu rusengero barya ivyo mu rusengero, kandi ko n’abakora ku gicaniro barya ivyashikanywe ku gicaniro?14Ni muri ubwo buryo nyene, Umwami yategetse ko abavuga Ubutumwa Bwiza bazotungwa n’ubwo Butumwa nyene.
15Ariko sinigeze ngwanira na kimwe muri ibi nari nemerewe, kandi sindabandikiye iri kete kugira ngo mutangure kumpa ibimbeshaho. Nopfuma mpfa hako ntakaza ibi vyirato vyo kuvuga ubutumwa ata we ndemereye.16Ariko iyo mvuze ubutumwa, sinshobora kuvyirata kuko mba nshikije itegeko ry’Imana. Noba ngowe ntavuze Ubutumwa Bwiza.17Mvuze ubutumwa bivuye ku mutima ubikunze, ndonka impera. Ariko ndabuvuze umutima utabikunze, kuba ari ukwikurayo.18Mbega impera yanje ni iyihe? Ni uko mvuga Ubutumwa Bwiza ata we ndemereye, ntahagaze ku burenganzira nari mfise nk’umuvugabutumwa.

Umwete wa Pawulo

19N’aho ndi uwidegemvya nkaba ntajakariye umuntu n’umwe, nigira umugurano ku bantu bose kugira ngo nshobore kuzana benshi kuri Kristo.20Ku Bayuda nabaye nk’uwuganzwa n’ivyagezwe n’aho ntaganzwa na vyo, kugira ngo nzane kuri Kristo abaganzwa n’ivyagezwe.21Ku banyamahanga batagira ivyagezwe nabayeho nk’uwutabigira n’aho nganzwa n’ivyagezwe vy’Imana, nkubaha ivyagezwe vya Kristo, kugira ngo nzane abatagira ivyagezwe kuri Kristo.22Ku banyantegenke nigize umunyantegenke kugira ngo nzane abanyantegenke kuri Kristo. Nabaye vyose kuri bose kugira nkore ibishoboka vyose hagire na bamwe muri bo bakizwa.23Ibi vyose ndabikora kugira Ubutumwa Bwiza bukwire hose, maze nanje nze mpabwe imigisha ijana na bwo.

Guhiganirwa impera

24Ntimuzi ko mw’ihiganwa hiruka benshi, ariko uwuhabwa umudari akaba umwe? Nuko rero muhiganwe nk’abazohabwa umudari.25Abaja mw’ihiganwa bose bagira imyiteguro ikomeye. Bayigira kugira bazoronke impera ihera, ariko twebwe tugira imyiteguro kugira tuzoronke impera ihoraho.26Nuko rero siniruka nk’uwutagira intumbero, canke uwugwana akubita ingumu ahusha uwo bagwana.27Ntoza indero umubiri wanje, nkawugira umuja wanje, kugira ngo maze kuvuga Ubutumwa Bwiza sinsange narushijwe mw’ihiganwa, nkabura impera.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e