1 Ngoma9
1Abisirayeli bose bashizwe ku ntonde z’imiryango bakomokamwo mu gitabu c’abami b’Abisirayeli. Abayuda bajanywe nk’inyagano i Babiloni kubera batabaye abizigirwa ku Imana.
Abo barinzi b’amarembo bari bahawe ico gikorwa na Dawidi hamwe na Samweli uwerekwa kuko bari abantu bo kwizigirwa.23Abo hamwe n’uruvyaro rwabo bari bashinzwe kurinda amarembo y’inzu y’Uhoraho, ari ryo hema.24Abarinzi b’irembo bari mu bibanza bine: mu buseruko, mu burengero, mu buraruko, no mu bumanuko.25Benewabo b’Abalewi bo mu bigwati vyabo baraza bakabasanga muri ivyo bikorwa mu kiringo c’imisi indwi.26Ariko abarinzi b’irembo bakurubakuru bane, bose bo mu Balewi, bari bizigiwe bazezwa igikorwa co kurinda ivyumba n’ubutunzi vyo mu Ngoro y’Imana.27Barashobora kumara ijoro ryose bacungereye iyo nzu y’Imana, kuko bategerezwa kuyirinda; kandi akaba ari bo bari bajejwe urupfunguruzo rwayo kugira ngo bame bayugurura uko bukeye.28Bamwe muri bo bari bajejwe ibikoresho vyo mw’ihema; bakama babiharura iyo vyinjiye canke iyo bisohotse.29Abandi bari bashinzwe gutunganya ibikoresho n’ivyera vyose vy’ahera, n’ifu n’umuvinyu, hamwe n’amavuta, ibiturirwa bikamota n’ibirungo.30Ariko abaherezi bamwe bari bajejwe kuvanga ibirungo.31Umulewi yitwa Matitiya, imfura ya Shalumu Umukorahi, yari ajejwe kwotsa imikate yo gutanga kw’amashikanwa.32Bamwe mu bavukanyi b’Abakohati bari bajejwe gutegura imikate yo gushirwa ku meza uko Isabato ishitse.33Abari bajejwe gucuraranga, abakuru b’amazu yo mu muryango w’Abalewi, baba mu vyumba vy’Ingoro kandi ntibahabwa ibindi bikorwa kuko bari bajejwe ico gikorwa ku murango no mw’ijoro.34Abo bose bari abakuru b’amazu yo mu muryango w’Abalewi, abatwara abandi nk’uko vyanditswe mu bitabu vy’urutonde rw’ingene bagiye bararondoka, kandi baba i Yerusalemu.
Abantu b’i Yerusalemu
2Maze abantu ba mbere mu bavuye mu kinyago batanguye gusubira mu bisagara vyabo no mu matongo yabo bari Abisirayeli bamwebamwe, abaherezi, Abalewi n’abakozi bo mu Ngoro.3Abakomoka kuri Yuda, kuri Benyamini, kuri Efurayimu no kuri Manase baba i Yerusalemu bari:4Utayi mwene Amihudi, umuhungu wa Omuri, umuhungu wa Imuri, umuhungu wa Bani, akomoka kuri Perezi mwene Yuda.5Mu Bashiloni abatashe ni: Asaya imfura n’abahungu biwe.6Mu bo mu nzu kwa Zera ni: Yeyuweli. Abakomoka kuri Yuda bari amajana atandatu na mirongo icenda.7Mu bakomoka kuri Benyamini ni: Salu mwene Meshulamu, mwene Hodaviya, mwene Hasenuwa;8Ibuneya mwene Yerohamu; Ela mwene Uzi, mwene Mikiri; na Meshulamu mwene Shefatiya, mwene Reyuweli, mwene Ibuniya.9Abantu bo mu Babenyamini, nk’uko bashizwe ku rutonde rwerekana ingene bagiye bararondoka, bashika amajana icenda na mirongo itanu na batandatu. Abo bose bari abakuru b’amazu yabo.10Mu baherezi abatashe ni: Yedayiya; Yehoyaribu, Yakini;11Azariya mwene Hilukiya, mwene Meshulamu, mwene Sadoki, mwene Merayoti, mwene Ahitubu, abakuru bari bashinzwe inzu y’Imana;12Adaya mwene Yerohamu, mwene Pashuri, mwene Malikiya, na Mayasayi mwene Adiyeli, mwene Yahizera, mwene Meshulamu, mwene Meshilemiti, mwene Imeri.13Abaherezi, bari abakuru b’amazu, bashika igihumbi n’amajana indwi na mirongo itandatu. Bari abagabo bashoboye, bashinzwe gukora igikorwa c’Imana mw’ihema.14Mu Balewi: Shemaya mwene Hashubi, mwene Azirikamu, mwene Hashabiya, Umumerari;15Bakibakari, Hereshi, Galali na Mataniya mwene Mika, mwene Zikuri, mwene Asafu;16Obadiya mwene Shemaya, mwene Galali, mwene Yedutuni; na Berekiya mwene Asa, mwene Elukana, yaba mu bigwati vy’Abanetofati.17Abarinzi b’amarembo bari: Shalumu, Akubu, Talumoni, Ahimani n’abo bavukana, Shalumu uwabatwara18yaba kw’Irembo ry’Umwami mu buseruko, gushika n’ubu. Abo ni bo bari abarinzi b’irembo bo mu Balewi.19Shalumu mwene Kore, mwene Ebiyasafu, mwene Kora, na bagenzibe b’abarinzi b’irembo bo mu muryango wiwe ari bo Bakorahi bari bajejwe kurinda umuryango w’ihema nk’uko ba se babikora kw’ihema ry’Uhoraho.20Mu bihe vya kera Finehasi mwene Eliyazeri ni we yari umukuru w’abarinzi b’irembo, kandi Uhoraho yari kumwe na we.21Zakariya mwene Meshelemiya yari umurinzi w’umuryango w’Ihema ry’Ibonaniro.22Bose hamwe, abari batowe ngo babe abarinzi b’amarembo bari amajana abiri na cumi na babiri. Bari banditswe mu bitabu vy’urukurikirane rw’ingene bagiye bararondoka mu mihana yabo.Abo barinzi b’amarembo bari bahawe ico gikorwa na Dawidi hamwe na Samweli uwerekwa kuko bari abantu bo kwizigirwa.23Abo hamwe n’uruvyaro rwabo bari bashinzwe kurinda amarembo y’inzu y’Uhoraho, ari ryo hema.24Abarinzi b’irembo bari mu bibanza bine: mu buseruko, mu burengero, mu buraruko, no mu bumanuko.25Benewabo b’Abalewi bo mu bigwati vyabo baraza bakabasanga muri ivyo bikorwa mu kiringo c’imisi indwi.26Ariko abarinzi b’irembo bakurubakuru bane, bose bo mu Balewi, bari bizigiwe bazezwa igikorwa co kurinda ivyumba n’ubutunzi vyo mu Ngoro y’Imana.27Barashobora kumara ijoro ryose bacungereye iyo nzu y’Imana, kuko bategerezwa kuyirinda; kandi akaba ari bo bari bajejwe urupfunguruzo rwayo kugira ngo bame bayugurura uko bukeye.28Bamwe muri bo bari bajejwe ibikoresho vyo mw’ihema; bakama babiharura iyo vyinjiye canke iyo bisohotse.29Abandi bari bashinzwe gutunganya ibikoresho n’ivyera vyose vy’ahera, n’ifu n’umuvinyu, hamwe n’amavuta, ibiturirwa bikamota n’ibirungo.30Ariko abaherezi bamwe bari bajejwe kuvanga ibirungo.31Umulewi yitwa Matitiya, imfura ya Shalumu Umukorahi, yari ajejwe kwotsa imikate yo gutanga kw’amashikanwa.32Bamwe mu bavukanyi b’Abakohati bari bajejwe gutegura imikate yo gushirwa ku meza uko Isabato ishitse.33Abari bajejwe gucuraranga, abakuru b’amazu yo mu muryango w’Abalewi, baba mu vyumba vy’Ingoro kandi ntibahabwa ibindi bikorwa kuko bari bajejwe ico gikorwa ku murango no mw’ijoro.34Abo bose bari abakuru b’amazu yo mu muryango w’Abalewi, abatwara abandi nk’uko vyanditswe mu bitabu vy’urutonde rw’ingene bagiye bararondoka, kandi baba i Yerusalemu.
Ba sekuruza ba Sawuli
35Yeyiyeli se wa Gibeyoni yaba i Gibeyoni. Umugore wiwe yitwa Mayaka,36kandi imfura yiwe yari Abudoni, agakurikirwa na Zuri, Kishi, Bayali, Neri, Nadabu,37Gedori, Ahiyo, Zakariya na Mikuloti.38Mikuloti yari se wa Shimeyami. Na bo nyene babana n’abo mu miryango y’iwabo i Yerusalemu.39Neri yari se wa Kishi, Kishi se wa Sawuli, Sawuli se wa Yonatani, Maluki-Shuwa, Abinadabu na Eshibayali.40Mwene Yonatani, ni Meribu-Bayali, na we akaba yavyaye Mika.41Bene Mika, ni Pitoni, Meleki, Tahireya na Ahazi.42Ahazi yari se wa Yada, Yada yari se wa Alemeti, Azimaveti na Zimuri; Zimuri na we akaba se wa Moza.43Moza yari se wa Bineya, Bineya ni se wa Refaya, Refaya se wa Eleyasa, Eleyasa se wa Azeli.44Azeli yari afise abahungu batandatu, kandi aya ni yo mazina yabo: Azurikamu, Bokeru, Ishimayeli, Sheyariya, Obadiya na Hanani. Abo bose bari bene Azeli.Biblica, Inc.